ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • wp19 no. 3 rup. 14-15
  • Urashobora kubaho uhimbawe no muri iki gihe

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Urashobora kubaho uhimbawe no muri iki gihe
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2019
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • KUBUMBWA N’IVYO DUFISE
  • KWIHANGANIRA INDWARA
  • GUKOMEZA UMUBANO WACU
  • Impfunguzo Zibiri Zituma Umubano w’Ababiranye Urama
    Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo
  • Imyaka ya Nyuma
    Ico Wogira ngo Umubano wo mu Rugo Ubemwo Agahimbare
  • Amahera yoba ari umuzi w’ibibi vyose?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Uburyo bwo Gutunganirwa mu Rugo
    Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2019
wp19 no. 3 rup. 14-15
Umwe muri ba bahinga twavuga ariko arafashanya n’umugore guteka

Urashobora kubaho uhimbawe no muri iki gihe

KAZOZA keza igitangaza kari imbere yawe. Uzoshobora kubaho utarwara, udasaza canke ngo upfe. Yamara muri iki gihe, ubuzima buracuzuyemwo ingorane. None ni igiki cogufasha kubaho uhimbawe no muri iki gihe? Bibiliya irimwo impanuro zishobora kugufasha kubaho unezerewe kandi uroraniwe. Raba ingorane zimwezimwe zidushikira be n’ingene Bibiliya ishobora kudufasha.

KUBUMBWA N’IVYO DUFISE

Bibiliya iduhanura iti: “Uburyo bwanyu bwo kubaho ntibubemwo urukundo rw’amahera, mu gihe mubumbwa n’ibintu vy’iki gihe.”​—Abaheburayo 13:5.

Isi ya kino gihe iguma iducucagira ibintu ngo dutegerezwa gutunga. Yamara Bibiliya ivuga ko dushobora “[k]ubumbwa n’ibintu vy’iki gihe.” Ivyo bishoboka gute?

Niwirinde “urukundo rw’amahera.” Abantu baraheba amagara, imiryango, abagenzi, inyifato runtu mbere n’iteka ryabo, kubera gusa “urukundo rw’amahera.” (1 Timoteyo 6:10) Emwe, ukwo ni ukwikwegera akarambaraye! Amaherezo, inkunzi y’amahera “ntizohaga.”​—Umusiguzi 5:10.

Nukunde abantu aho gukunda ibintu. Ego ni ko ibintu vy’umubiri birakenewe. Ariko ibintu ntibishobora kudukunda canke ngo bidushimire. Abantu gusa ni bo babishoboye. Kugira “umugenzi nyakuri” biratuma uronka agahimbare mu buzima.​—Imigani 17:17.

GUKURIKIZA IMPANURO ZO MURI BIBILIYA BIRASHOBORA GUTUMA TUBAHO DUHIMBAWE

KWIHANGANIRA INDWARA

Bibiliya iduhanura iti: “Umutima unezerewe ugira neza nk’umuti uvūra.”​—Imigani 17:22.

Nka kurya kw’“umuti uvūra,” umunezero urashobora kudufasha igihe turwaye. Ariko none, woronka gute umunezero igihe ukitswe n’amagara?

Nube umuntu ashima. Niwaguma wiyumvira ingorane zawe gusa, “imisi yose” izokubera mibi. (Imigani 15:15) Bibiliya yoyo itubwira iti: “Mwerekane ko mushima.” (Abakolosayi 3:15) Niwige gukenguruka ivyiza vyose uronka mu buzima, naho vyoba ari ibisanzwe. Ikirengazuba giteye igomwe, akayaga keza canke umugenzi akumwenyuriye, ivyo ni ibintu bishobora gutuma ubuzima buryoha.

Nufashe abandi. N’igihe amagara yacu atoba yifashe neza, “gutanga birimwo agahimbare kuruta guhabwa.” (Ivyakozwe 20:35) Iyo abandi bashimye akigoro kacu, duca twumva duhimbawe cane, bigatuma twibagira ingorane dufise. Ego cane, turashobora kugira ubuzima buhimbaye mu gutuma abandi bagira ubuzima buhimbaye.

GUKOMEZA UMUBANO WACU

Bibiliya iduhanura iti: “Mwiyemeze neza ibihambaye kuruta ibindi ivyo ari vyo.”​—Abafilipi 1:10.

Abubakanye bamarana umwanya muto barahakwa kutumvikana. Ku bw’ivyo, biraba vyiza abagabo n’abagore bashize imbere umubano wabo, akaba ari kimwe mu bihambaye kuruta ibindi mu buzima.

Nimukorere ibintu hamwe. Aho kurondera inyungu zawe gusa, nimurondere gukorera ibintu hamwe. Bibiliya igira iti: “Babiri baruta umwe.” (Umusiguzi 4:9) Murashobora gufashanya udukorwa two mu nzu, gusangira udufungurwa, kujana muri siporo, gusangira akarahuri canke kwisamariza hamwe.

Nimugaragarizanye urukundo. Bibiliya iremesha umugabo n’umugore gukundana no kwubahana. (Abanyefeso 5:28, 33) Kumwenyurira uwo mwubakanye, kumugumbirana urukundo canke kumuha akantu birashobora gukomeza umubano. Ariko rero, abubakanye bakwiye kugaragariza ibimenyetso vy’urukundo uwo bubakanye gusa.​—Abaheburayo 13:4.

“NARI NGIYE NAMENYA INTUMBERO Y’UBUZIMA!”

—Vyavuzwe na Ryoko Miyamoto wo mu Buyapani.

Ntitwari tworohewe. Umugabo wanje yari imborerwa kandi ntiyamara na kabiri mu kazi. Ntiyari acitwararika abana bacu bane. Naho nita ku rutare ngakora, narabona ko ata cavamwo. Naribaza nti: ‘Ibi vyoba ari ivyo Imana yanyandikiye canke ndiko nishura ibicumuro nakoze kera?’

Umusi umwe, hari umukenyezi w’Icabona ca Yehova yaje muhira. Yaramwenyuriye, maze abigiranye igishika arambwira ibijanye n’Ubwami bw’Imana be n’ubuzima budahera. Yaciye atangura kunyigisha Bibiliya. Bidatevye, naramenye ko Imana ibaho, ko ifise ubukerebutsi, itarenganya kandi ko ikundana.

Ikiruta vyose, nahavuye ntahura ko kugira umuntu aronke ubuzima buhimbaye bivana n’ubucuti afitaniye n’Imana. Kumenya ukuri kwo muri Bibiliya vyarandemesheje cane, birampa umwidegemvyo n’ukuruhurirwa. Emwe, nari ngiye namenya intumbero y’ubuzima!

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika