Nidushire Imbere Ibintu Bihambaye Kuruta
1 Ni ibihe bintu bimwebimwe bihambaye kuruta ari ntahara ku vyerekeye kamere y’ivy’impwemu nziza? Muri ivyo bintu harimwo nk’inyigisho y’umuntu ubwiwe, ukurorēra amakoraniro, ukwumira kw isengesho, imigenderanire myiza hamwe n’igikenurwa ca gikirisu. Ntidushobora kuguma dufise amagara meza mu vy’impwemu tutagumije ivyo bintu bihambaye mu kibanza ca mbere mu buzima bwacu.
2 Ariko rero, twese turarwana urugamba turwanya ivyipfuzo vy’umubiri kandi turakeneye kwibabaza. (Gal. 5:17) Dukwiye kutigera twiyumvira yuko twogize akarusho mu gukurikirana inyungu zacu z’ubwikunzi. (Yer. 17:9) Nuko, niba twipfuza kuzigama umutima wacu no kutirekerana ngo tuzimire, ni nkenerwa ko twisuzuma ubudahorereza.—Imig. 4:23; 2 Kor. 13:5.
3 Nidusuzume Umutima Wacu: Kuri ivyo, turashobora kwibaza twumaguje ibibazo bikurikira: Noba mfise icipfuzo gikomeye co gusoma Ijambo ry’Imana? (1 Pet. 2:2) Noba mfise ku mutima ivy’uko ukurorēra amakoraniro yose y’ikorane guhambaye? (Heb. 10:24, 25) Mbega ndumira kw isengesho? (Rom. 12:12) Mbega ndarondera kugendana n’abantu ba kamere y’ivy’impwemu? (Rom. 1:11, 12) Mbega ndishingira itegeko ryo kwamamaza inkuru nziza? (1 Kor. 9:16) Niba twishura duti egome, ni uko turi n’icipfuzo co gushira imbere ibintu bihambaye kuruta.
4 Nitwihweze Iporogarama Yacu ya Buri Musi: Kugirango dukore ibijanye n’umwihwezo w’ivyipfuzo vy’umutima wacu, harakenewe ko dushinga ivyoshirwa imbere y’ibindi mw ikoresha ry’umwanya dufise. Ivyo bisigura, nk’ugutegekanya umwanya wo gusoma ubudahorereza Bibiliya na buri nsohore y’Umunara w’Inderetsi n’iya Réveillez-vous! hamwe no gutegura amakoraniro. Dukwiye kandi kuziganya umwanya woheberwa urugo, haba kubera inyigisho canke kubera isengesho rigirirwa hamwe. Nidushingire umupaka umwanya ugenewe televiziyo canke intasobwa (orodinateri). Nitwiyemeze kurorēra amakoraniro yose y’ikorane no kuyacisha imbere y’ikindi kintu cose. Nitwiyungunganye buri mushamvu kugirango dukwiririze uko turi urugo.
5 Nta gukekeranya na gato yuko nitwashira imbere ibintu bihambaye kuruta mu buzima bwacu tuzobikuramwo umunezero.