ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 8/99 rup. 8
  • Umubuda Uzomubwira Iki?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Umubuda Uzomubwira Iki?
  • Igikorwa dukorera Ubwami—1999
  • Ivyo bijanye
  • Gufasha abataragera kwiga igitabu Ivyo Bibiliya yigisha
    Igikorwa dukorera Ubwami—2013
  • Woba uriko urakoresha utu dutabu?
    Igikorwa dukorera Ubwami—2012
  • Inama Tugiriwe yo Gushikiriza Inkuru Nziza mu Murimo wo mu Ndimiro
    Igikorwa dukorera Ubwami—2002
  • Uburyo bwo gutanguza ibiyago mu murimo wo mu ndimiro
    Igikorwa dukorera Ubwami—2005
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—1999
km 8/99 rup. 8

Umubuda Uzomubwira Iki?

1 Mu bihugu bimwebimwe, abantu barenga ica kabiri c’ababatizwa baba bakuriye mu Babuda. Ni igiki gikwegera abo bantu ku kuri? Ushobora gushikiriza gute inkuru nziza Umubuda?

2 Niwerekane ko Umwitwararitse vy’Ukuri: Abantu benshi bahoze ari Ababuda bavuze yuko atari ivyiyumviro bishika kure vyabakwegereye ku kuri. Ahubwo bakozwe ku mutima n’ukuntu ubwabo bitwararitswe vy’ukuri. Hari umukenyezi w’Umunyaziya aba muri Leta Zunze Ubumwe yakozwe ku mutima cane n’ukuntu umuvukanyikazi yamugendeye akamufata kigenzi, bituma yemera kwiga. Ntiyashobora kuvuga neza Icongereza, mugabo uwo muvukanyikazi yarihanganye. Igihe uwo mukenyezi yaba arushe canke adashobora kwiga, uwo muvukanyikazi yamugendera kabugenzi gusa maze agaca atunganya ivy’icigwa gikurikira. Amaherezo uwo mukenyezi, abahungu biwe babiri be na nyina yari ageze mu zabukuru barabatijwe. Yarasubiye mu gihugu ciwe c’amavukiro maze arasahiriza n’abandi benshi kumenya ukuri. Umwe mu bahungu biwe ubu akorera ku biro vy’ishami. Ese imigisha yavuye ku kwigāna ‘ineza n’urukundo [Yehova] agaragariza abantu’!—Tito 3:4.

3 Iciyumviro c’Ababuda: Muri rusangi Ababuda ntibarwanya ibindi vyiyumviro, mugabo ntibabona ko bikenewe yuko bakurikira inyigisho kanaka. Ni co gituma ivyo Umubuda umwe yemera binyuranye n’ivy’uwundi yemera. Iciyumviro gihurirwako mu muce umwe w’inyigisho z’Ababuda ni ic’uko ubuzima bwuzuyemwo ugucumukura, mugabo ko biciye ku kumurikirwa umuntu yoshobora guhagarika rwa rukurikirane rwo kwongera kuvukira mu buzima budashimishije. Bivugwa yuko kugira ngo umuntu abohorwe ave muri urwo rukurikirane ategerezwa gushikira Nirivana, ikaba ari imero idashobora kudondorwa kubera yuko atari ikibanza canke ikintu, mugabo ari agahinga ata mubabaro canke ikibi kibazwayo. (Raba Bitugendera Gute Iyo Dupfuye?, urupapuro rw’9-10.) Ivyo bitubwira iki? Bitubwira yuko kwinjiza abantu mu bihari bishingiye kuri filozofiya y’Ababuda ataco vyotanga. Ahubwo, nimuganire ku ngorane zikunda gushika ziraje ishinga abantu bose.

4 Nushimike ku Bibashimisha Mwempi: Kubera yuko mu bisanzwe Ababuda babona ko ubuzima kw’isi ari ugucumukura gusa, ca ciyumviro c’ubuzima budahera kw’isi gishobora gusa n’ikitumvikana kuri bo. Yamara twese turafise icipfuzo co kugira ubuhirwe mu muryango, co kubona ugucumukura gukuweho n’ico kumenya ico ubuzima buvuze. Raba ukuntu ivyo bintu twempi dukeneye bishobora gushimikwako.

5 Ushobora kugerageza gutanguza aya majambo:

◼ “Muri iki gihe tuba mw’isi aho abantu benshi bacumukura batazi ico bazira. Wibaza ko ari igiki gikenewe kugira ngo umubabaro n’amagorwa birangire kuri bose? [Numureke yishure.] Hariho isezerano ryatanzwe kera rimpumuriza cane. [Soma Ivyahishuriwe 21:4.] Mugabo ntiwumve, ico gihe ntikirashika, ariko nicashika tuzoshima kubibona, siko?” Nuce umushikiriza igisohokayandikiro gisigura ukuntu ugucumukura kuzorangira.

6 Ku wugeze mu zabukuru, ushobora kuvuga uti:

◼ “Kumbure urarajwe ishinga cokimwe nanje n’ivyiyumviro injojo bigoramye biriho muri iki gihe be n’ingaruka biriko biragira ku bana bacu. Ni kuki ubuhumbu bwimonogoje mu rwaruka? [Numureke yishure.] Woba wari uzi yuko ivyo vyari vyarabuwe mu gitabu catanguye kwandikwa imbere cane y’uko amadini y’Abisiramu, ay’Abakirisu n’ay’Abahindu ashingwa? [Soma 2 Timoteyo 3:1-3.] Urabona yuko ivyo bintu vyabaye ndanse naho nyene abantu babandanije kwongereza ubumenyi. [Soma umurongo w’7.] Iki gisohokayandikiro caramfashije gutahura ukuri abantu benshi batarigera bamenya. Woba woshima kugisoma?” Nushikirize igitabu canke agatabu bibereye.

7 Mu bisanzwe Ababuda barubaha Bibiliya ko ari ivyanditswe vyeranda. Ni co gituma woca unamusomera muri yo. (Heb. 4:12) Niba uwo muntu atanezerezwa n’imico kama y’Abanyaburaya, nucishemwo yuko abanditse Bibiliya bose bari Abanyaziya.

8 Ni Ibisohokayandikiro Ibihe Ari Kirumara Kuruta? Hari itaragiti yitwa Will Suffering Ever End? (Ugucumukura Kwoba Kuzoteba Kukarangira?) yasohorewe canecane Ababuda, icapurwa mu Gishinwa, mu Gisinihale, mu Gitayilandi no mu Kiyapani. Vyongeye, hari abamamaji batari bake baroraniwe mu gukoresha ibisohokayandikiro bikurikira: ibitabu L’Humanité à la recherche de Dieu, Le Secret du bonheur familial n’igitabu Les Jeunes s’interrogent — Réponses pratiques, udutabu Quel est le but de la vie? Comment le découvrir? na “Voici, Je fais toutes choses nouvelles” be n’Inkuru z’Ubwami No. 35 zifise umutwe uvuga ngo Abantu Bose Boba Bazoteba Bagakundana? nimba zikiriho. Ababuda benshi bariko bariga ukuri muri iki gihe bahera, kuri ka gatabu Ni Ibiki Imana Idusaba? maze bagaca baja ku gitabu Ubumenyi.

9 Naho bivugwa ko abamisiyonari b’Ababuda bashitse i Atene hafi imyaka 400 imbere y’uko Paulo yamamarizayo inkuru nziza, ntawuzi neza niba yarigeze ahura n’umuntu yashizwemwo iciyumviro c’Ababuda. Ariko rero, turazi ukuntu Paulo yiyumvira ku vyerekeye ugushingira intahe abantu b’ubwoko bwose. Yigize “umugurano wa bose” kugira ngo “[a]kirishe bamwe-bamwe uburyo bgose.” (1 Kor. 9:19-23) Turashobora kumwigana mu kugaragaza ko twitwararika abantu umwe wewe ukwiwe no mu gushimika ku cizigiro dusangiye mu gihe dushingira intahe umuntu wese duhuye.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika