ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 7/00 rup. 4
  • Woba Ukenguruka Ukwihangana kwa Yehova?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Woba Ukenguruka Ukwihangana kwa Yehova?
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2000
  • Ivyo bijanye
  • Twigane ukwihangana kwa Yehova
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Niwigire ku kwihangana kwa Yehova na Yezu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Nubandanye kwihangana
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2023
  • Turakeneye kwihangana mu busuku
    Igikorwa dukorera Ubwami—2011
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2000
km 7/00 rup. 4

Woba Ukenguruka Ukwihangana kwa Yehova?

1 Iyo Yehova ataba yarihanganye mu kiringo c’imyaka 10, 20 canke irenga iheze, ngo areke intahe yagutse ishingwe, woba wari kuba waramenye ukuri? Ewe kuntu dukura ubwatsi kubona yararetse abandi bantu benshi “[baga]shikîra umutima w’ukwisubirako.” Yamara, umusi uhambaye wa Yehova wo guca imanza “uzoza nk’igisuma.” (2 Pet. 3:9, 10, UB) Ku bw’ivyo, ukwihangana kw’Imana ntigukwiye gusigurwa nabi nk’aho kwoba ari ugutevya umuhero w’uru runkwekwe rw’ibintu.—Hab. 2:3.

2 Nugirire Akagongwe Abantu: Ukwihangana kwa Yehova kurarengeye kure n’iyo ugutahura kwacu. Ntidukwiye kwibagira intumbero yakwo. (Yona 4:1-4, 11) Yehova arabona ukuntu abantu bateye akagongwe, kandi arabafitiye imbabazi. Na Yezu ni ko yiyumva. Kubera ko yaterwa akagongwe n’amasinzi yabwira ubutumwa, yashaka yuko igikorwa co kwamamaza inkuru nziza gisagamba gutyo benshi bakaboneraho akaryo ko kuronka ubuzima budahera.—Mat. 9:35-38.

3 Iyo ibiza n’ivyago biteye, mbega imitima yacu ntihagarara ku bw’abantu batazi ukuri? Abantu muri kino gihe bameze nk’ “intama zitagira umwungere” uko bagerageza kwihanganira no gutahura umuvurungano uri kw’isi. (Mrk. 6:34) Mu kwamamaza inkuru nziza n’umwete, turahumuriza abafise imitima igororotse kandi tukerekana ko dukenguruka ukwihangana kwa Yehova.—Ivyak. 13:48.

4 Igikorwa Cacu Kirihutirwa: Mu mwaka uheze abantu 323.439 barabatijwe, abarenga 14.000.000 na bo baritaba Icibutso. Ese ukuntu hariho abandi benshi bashobora kuzorokoka uru runkwekwe rubi ni rwarandurwa! Ntituzi uko “ishengero ryinshi” rizoba ringana. (Ivyah. 7:9) Umwanya igikorwa twashinzwe co kwamamaza inkuru nziza kizomara, nta wo tuzi. Ariko Yehova we arabizi. Inkuru nziza izoba yaramamajwe gushika aho we nyene ashaka, “maz’umuhero uzoca uza.”—Mat. 24:14.

5 Umwanya usigaye ni muto, umusi w’Imana na wo ukarushiriza kwegereza. (1 Kor. 7:29a; Heb. 10:37) Ata gukekeranya, “agakiza kacu karatwēgereye, kurusha igihe twizereye.” (Rom. 13:11) Nimuze ntiduhushe intumbero y’ukwihangana kw’Imana. Ahubwo riho, nimuze twamamaze inkuru nziza tuvyihutira, gutyo abahahamiye ubugororotsi bashobore kugirirwa imbabazi zihambaye za Yehova.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika