“Noba Nkwiye Kwimuka?”
1 Mu kugamburuka ibwirizwa rya Yezu ryo ‘kugenda . . . guhindura amahanga yose abigishwa,’ abasavyi ba Yehova benshi biyeguye barimutse baja gusukurira ahari inkenero nini kuruta. (Mat. 28:19) Bariko barigana Paulo, uwemeye iri hamagarwa rivuga riti: “Jabuka uze i Makedoniya, udutabare.” (Ivyak. 16:9) Ivyo none vyoshirwa gute mu ngiro?
2 Nubigire Intambwe ku Yindi: Hoba hariho ivyibare bikorwa gake mw’ishengero ry’iwanyu? Niba bihari, woshobora kubasha utwigoro twawe kuri utwo turere. Imbere y’uko ufata ingingo yo kugira ahandi uja, nubonane n’abakurambere b’iwanyu kugira ngo urabe ko boba babona ko ufise ivyangombwa vyo kwimuka. Woshobora kandi kubaza umucungezi w’umuzunguruko urimwo niba azi ishengero rihegereye woshobora kuranguriramwo ubusuku bwawe. Ku rundi ruhande, umaze kurimbura n’ubwitonzi ico bisaba, hari aho woshima kurimbura ivyo kuja gufasha mu kandi karere k’igihugu canke mu kindi gihugu. Niba ico ari co cipfuzo cawe, wewe hamwe n’inama y’abakurambere b’aho uri mukwiye kwandikira ibiro vy’ishami vy’aho wipfuza gusukurira, mw’ikete hakerekanwa muri make kahise kawe mu vya tewokarasi. Kumbure vyoba biranga ubukerebutsi ubanje kugendera ako karere imbere yuko ufata ingingo yo kwimuka canke kutimuka buhere.
3 Niwiyubare ku Vyerekeye Ukwimukira mu Kindi Gihugu: Abavukanyi bacu bimukira mu bindi bihugu bariko bariyongera kubera yuko bariko bararondera kubaho neza kuruta canke kuruhuka agahahazo. Muri ico gihe, bamwe baraguye mu mutego w’abantu ataco bibanga babasezeranira kuzobafasha kuronka aho baba muri ico gihugu gishasha, mugabo bakabatwara gusa amahera yabo hanyuma bakigira. Mu bihe bimwebimwe, abo bantu baranagerageza guhatira izo nyambukira kujakarira ubushegabo. Igihe bavyanse, baca bahebwa maze igihugu binjiyemwo kikabafata uko cigombeye. Ivyo vyatumye ibintu vyunyuka kuri izo nyambukira kuruta uko vyari mu gihugu cabo c’amavukiro. Bashobora no gukenera gusaba indaro abavukanyi, bagakenera n’uko bobafasha mu bindi, bakaba baremetse umutwaro ku yindi miryango y’Abakirisu iriko iranyinyana n’ingorane be n’intambamyi zayo bwite. Usanga bamwebamwe mu bagize ingo baratandukanye n’abo babana, kandi ingo zikagoyagoya mu vy’impwemu bivuye kuri mwene ukwo kwimuka badahanuje neza.—1 Tim. 6:8-11.
4 Niba wipfuza kwimuka ku bw’inyungu zawe bwite, uramiza mu muzirikanyi yuko ahantu hose uzoba uzohasanga ingorane utegerezwa kuzohangana na zo. Birarushiriza kworoha gutsinda mwene izo ngorane uri ahantu usanzwe uzi ururimi n’imico kama yaho, kurusha gutangura bushasha ahantu utamenyereye.