Ingene twokoresha uburyo bwo gutanguza ibiyago duhabwa
1. Dukwiye kubona gute uburyo bwo gutanguza ibiyago duhabwa?
1 Uburyo bwo gutanguza ibiyago duhabwa kurabirako mu gushikiriza ibinyamakuru be n’ibindi bisohokayandikiro bwama buboneka mu Gikorwa dukorera Ubwami. Iyo turi mu busuku, ntibikenewe ko dusubiramwo ubwo buryo duhabwa bwo gutanguza ibiyago kurya nyene buba bwanditswe. Butangwa kugira buduhe iciyumviro co muri rusangi c’ivyo twoshobora kuvuga. Mu bisanzwe, birarushiriza kutugendera neza igihe dutanguje ikiyago mu majambo yacu bwite. Kuvuga nk’uko dusanzwe tuvuga biratuma uwo tuyaga yumva yisanzuye kandi bikerekana ko ivyo tuvuga tuba tubikuye ku mutima be n’uko turi n’ubujijutsi.—2 Kor. 2:17; 1 Tes. 1:5.
2. Ni kubera iki dukeneye kurimbura imico yo mu karere twamamazamwo igihe dutegura uburyo bwo gutanguza ibiyago?
2 Nutanguze ikiyago uhuje n’uko ibintu vyifashe: Uburyo dutanguza ikiyago igihe dushikiriza inkuru nziza buvana ahanini n’imico yo mu karere twamamazamwo. Mbega vyoba vyosaba ko uramukanya na nya muntu maze ugaca winjiza muri ico kiyago ivyo wipfuza kumuganirira, canke abantu bo mu cibare canyu bitega ko uca uduga kw’ijambo? Ivyo usanga bigenda biratandukana bivanye n’ahantu, eka mbere rimwe na rimwe bikavana n’abantu. Ubukerebutsi na bwo nyene burakenewe igihe dukoresha ibibazo. Hari ibibazo usanga bibereye mu mihingo imwimwe mugabo ukaba wosanga bitera ubuyega abantu bo mu yindi mihingo. Ku bw’ivyo, dutegerezwa kuba abantu bazi kuraba neza ibintu maze tugatanguza ibiyago duhuje n’ibisanzwe vyemewe aho hantu.
3. Ni kubera iki dukwiye kurimbura ivyo abantu tuganira bakuriyemwo be n’ivyiyumviro vyabo?
3 Vyongeye, turakeneye kurimbura ivyo abantu bo mu cibare cacu bakuriyemwo be n’ivyiyumviro vyabo igihe twitegurira umurimo wo mu ndimiro. Nk’akarorero, uko woyaga n’umugatolika w’umunyamwete ku canditswe co muri Matayo 6:9, 10 si ko wokiyagako n’umuntu atamenyereye ca gisabisho ca “Dawe wa twese”. Tubanje kuzirikana gatoyi imbere y’igihe, akenshi turashobora gutanguza ibiyago dufatiye ku kuntu ibintu biba vyifashe kugira dutume abantu duhura mu busuku barushiriza gushimishwa.—1 Kor. 9:20-23.
4. Ni kubera iki kwitegura neza ari ntahara?
4 N’igihe nyene dutegekanya gukoresha uburyo bwo gutanguza ibiyago duhabwa hafi nka kurya nyene bwanditswe, nta coza kiruta ukwitegura neza. Dukwiye gusoma twitonze ikiganiro canke ikigabane dutegekanya kwerekana tukongera tukarondera ivyiyumviro vyoshobora kuvyura ugushimishwa. Niduce rero tuvyinjiza mu biyago dutanguza. Mu gihe tuzi arya makuru meza ari mu bitabu vyacu ni ho honyene dushobora kubishikiriza n’igishika.
5. Ni kubera iki hari igihe vyosaba ko dutegura ubundi buryo bwo gutanguza ibiyago, kandi ivyo twobigira gute?
5 Ubundi buryo twokoresha: Twoba tubwirizwa gukoresha gusa burya buryo bwo gutanguza ibiyago duhabwa? Oya. Niba hari ubundi buryo canke ikindi canditswe wumva ko cokworohera gusumba, ntiwitinye kubukoresha canke kugikoresha. Canecane igihe ushikiriza ibinyamakuru, nurondere uturyo two kwereka nya muntu birya biganiro bitajanye n’umutwe-shimikiro wo ku gipfukisho c’ikinyamakuru vyoshobora gushimisha bimwe bidasanzwe abantu bo mu cibare cawe. Igihe mw’Ikoraniro ry’umurimo hategekanijwe ivy’uko hagirwa umwerekano w’uburyo bwo gutanguza ibiyago mu murimo wo mu ndimiro, hoshobora kuringanizwa ivy’uko hagirwa umwerekano w’uburyo ubwo ari bwo bwose buhuje n’icibare canyu. Muri ubwo buryo, bose boshobora gufashwa kugira bashikirize inkuru nziza mu buryo kirumara.