Igice ca 6: Kurongora inyigisho za Bibiliya zitera imbere
Igihe umutohoji abajije ikibazo
1 Inyigisho ya Bibiliya imaze gutangura nya gutangura, mu bisanzwe ni vyiza ko inyigisho zishingiye kuri Bibiliya zirimburwa kurya nyene zikurikirana aho kuza turasimbasimba tuva kuri iki cigwa tuja kuri kiriya. Ivyo birafasha umutohoji gushinga umushinge w’ubumenyi ntagakosa no gutera imbere mu vy’impwemu (Kol. 1:9, 10). Ariko rero, kenshi na kenshi umutohoji arabaza ibibazo ku bintu bitandukanye igihe muriko muriga. None dukwiye kuvyifatamwo gute ku bijanye n’ivyo bibazo?
2 Nube umuntu azi kuraba ikibereye: Ibibazo bijanye n’ivyo muriko muriga birashobora mu bisanzwe guca vyishurwa ubwo nyene. Niba ikibazo kanaka kiza kwishurwa canke kizokwishurwa mu nyuma muri nya gitabu mwigamwo, vyoshobora kuba bihagije gusa ubimubwiye. Ariko rero, niba ikibazo abajije kitajanye n’ivyo muriko muriga canke niba gisaba ko ugira ubushakashatsi kugira ucishure neza, vyoba vyiza kukirimbura muhejeje kwiga canke mukakirimbura ikindi gihe. Abamamaji bamwebamwe babonye yuko kugira aho wanditse ico kibazo bituma nya mutohoji ahera amazinda yuko ikibazo ciwe wagifatanye uburemere kandi bikanatuma mutava ku vyo muriko mwiga ngo muje mu bindi.
3 Mu bitabu vy’ishimikiro dukoresha mu kwigisha, inyigisho nyinshi zo muri Bibiliya usanga zirimburwa mu ncamake gusa. Bite none hamwe umutohoji vyoba bimugora kwemera inyigisho yinaka canke akaguma yumiye ku nyigisho itari yo? Vyoba ngirakamaro murimbuye n’ayandi mayagwa aca irya n’ino mu buryo bunogangije ico Bibiliya ivuga kuri ico kibazo. Niba nya mutohoji atanyuzwe, nimukibikire ikindi gihe maze mubandanye kwiga nk’uko bisanzwe (Yoh. 16:12). Uko arushiriza kumenya vyinshi ku vyerekeye Bibiliya no gutera imbere mu vy’impwemu, yoshobora gushika aho atahura iyo nyigisho yo muri Bibiliya.
4 Nube uwifata ruto: Niba utazi neza inyishu y’ikibazo kanaka, uriyubara ntuhave utanga inyishu itari yo (2 Tim. 2:15; 1 Pet. 4:11). Musigurire yuko uzogira ubushakashatsi kuri ico kintu hanyuma ukazogaruka kumwishura. Woshobora mbere no guca ufatiraho akaryo ko kumwereka uburyo bwo kugira ubushakashatsi. Buhorobuhoro, nuze uramwereka ingene yokoresha ibikoresho bitandukanye vyo kugira ubushakashatsi bitangwa n’ishirahamwe rya Yehova. Abigenjeje gutyo, amaherezo azoshobora ubwiwe kwironkera inyishu y’ibibazo afise.—Ivyak. 17:11.