Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova 1 Ndam.
“Woba umaze kwumva abantu bavuga ivy’uko Bibiliya na siyansi bivuguruzanya? [Rindira yishure.] Iki kinyamakuru kiraca iryo n’ino kahise kerekeye ukutavuga rumwe kwa siyansi be n’idini. Ariko kandi, kiratanga ikimenyamenya cerekana ko siyansi y’ukuri ihuza na Bibiliya”. Numwereke urupapuro rwa 6-7. Nuce usoma Umusiguzi 1:7.
Réveillez-vous! 8 Ndam.
“Wibaza ko abavyeyi boshobora gute gufasha abana babo kwirinda ingorane mu gihe kigoye c’imyaka y’ubuyabaga? [Rindira yishure, maze uce usoma Yesaya 48:17, 18.] Iki kinyamakuru kirerekana ingene gushira mu ngiro impanuro Bibiliya itanga bishobora gufasha abavyeyi kuremesha ivy’uguseruranira akari ku mutima n’abana babo no kubashingira amategeko atarenze urugero”.
Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova 15 Ndam.
“Mbega muri iki gihe ntubona ko hariho amakuru atagira uko angana? [Rindira yishure.] Naho ari ukwo, nta makuru yoza arusha agaciro ibivugwa muri iki canditswe. [Soma Yohana 17:3.] Iki kinyamakuru kirasigura ico imvugo ‘ubuzima budashira’ isobanura, kigasigura kandi ingene tworonka ubumenyi butujana muri ubwo buzima”.
Réveillez-vous! 22 Ndam.
“Naho Yezu Kirisitu ashobora kuba azwi cane kurusha abandi bantu bose babayeho, abantu benshi baribaza uwo ari we vy’ukuri. Wari uzi ko n’abigishwa ba Yezu bibajije ico kibazo? [Rindira yishure, maze uce usoma Mariko 4:41.] Iki kinyamakuru kiraca iryo n’ino ivyo Bibiliya ivuga ku vyerekeye uwo Yezu yari koko”.