Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova 1 Git.
Soma ikibazo kiri ku gifukisho. Nuce ubaza uti: “Woba uzi ikimenyetso kivugwa ngaha ico cerekezako? [Rindira yishure, hanyuma usome Matayo 24:3.] Iyi nomero y’Umunara w’Inderetsi iraca irya n’ino ibintu bitanu bikurubikuru bigize ico kimenyetso ikongera igasigura igituma dukeneye kukimenya”. Mwereke uruzitiro ruri ku rupapuro rwa 6.
Réveillez-vous! 8 Git.
“Kunywa inzoga zirenze urugero birakwega ingorane umuyoro. Iki kinyamakuru kirerekana ingaruka inzoga zigira ku mubiri. [Mwereke ifoto iri ku rupapuro rwa 7.] Inomero y’iki kinyamakuru iraca irya n’ino ukuntu abantu bashobora kuvavanura no kunywa inzoga zirenze urugero ikavuga n’ivyo abandi bokora kugira ngo bafashe”.
Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova 15 Git.
“Abantu benshi babona ko ukwiga amashure ari co kintu gituma umuntu aroranirwa mu buzima. Woba wibaza none ko hoba hariho inyigisho ishobora gufasha umuntu akamera neza kuruta uko yahora kandi ikamufasha gutorera umuti ingorane zo mu buzima? [Rindira yishure, hanyuma usome Abaroma 12:2.] Iki kinyamakuru kiraca irya n’ino ingene twokwungukira ku nyigisho nziza cane kuruta izindi”.
Réveillez-vous! 22 Git.
“Abantu benshi barahimbarwa no gusoma ikinyamakuru kanaka hafi imisi yose. Wibaza ko dukwiye kwemera amakuru ari mu binyamakuru? [Rindira yishure.] Iyi nomero ya Réveillez-vous! iratanga inama z’ingene twokwungukira ku vyo dusoma mu binyamakuru. Kirerekana kandi igituma bikenewe ko tuba maso”. Soma Imigani 14:15.