Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
Umunara w’Inderetsi 15 Muny.
“Kera, abantu benshi baremera yuko umusi uri izina isi yobaye iparadizo. Muri iki gihe, bamwebamwe baribaza nimba no kurokoka izorokoka. Wewe wibaza iki ku vyerekeye kazoza k’isi? [Rindira yishure.] Ehe raba ico Bibiliya ibivugako. [Soma Zaburi 37:11.] Iki kinyamakuru kiravuga ibindi bintu Bibiliya ibura ku vyerekeye isi”.
Réveillez-vous! 22 Muny.
“Abantu bamwebamwe barahagaritswe umutima n’uko ibidukikije biriko birononwa ubutakivayo. Woba wiyumvira yuko amazi yamaze kurenga inkombe? [Rindira yishure.] Umuremyi ntiyaremye isi kugira ngo ibe ahantu ho guta umwavu abantu badashobora kuba. [Soma Yesaya 45:18.] Iki kinyamakuru kirasigura ingene isi izogarukirwa”.
Umunara w’Inderetsi 1 Kig.
“Abantu bamwebamwe muri iki gihe bariko baraheba ivyo kwemera Imana. Imwe mu mvo zituma babiheba ni uko bataronka inyishu zimara akanyota ku bibazo bitesha umutwe nk’ibi. [Tanga akarorero mu bibazo biri mu ruzitiro rwo ku rupapuro rwa 6.] Iyi nomero y’Umunara w’Inderetsi irerekana ikintu gihambaye mu vyo gutsimbataza ukwemera Imana kw’ukuri”. Soma Ab’i Filipi 1:9.
Réveillez-vous! 8 Kig.
“Wiyumvira yuko umuryango w’abantu uzokwigera ubaho ibintu vyifashe nk’uku bivugwa ngaha? [Soma Yesaya 14:7, maze urindire yishure.] Iki kinyamakuru kirimwo amakuru y’ingirakamaro ashobora kudufasha mu gihe tukirindiriye iranguka ry’ivyo Imana yasezeranye”. Niwerekane ikiganiro kivuga ngo “Ushobora gute kurwanya ivyipfuzo bibi?”.