ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 11/08 rup. 4
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2008
  • Ivyo bijanye
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2006
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2007
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2003
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2005
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2008
km 11/08 rup. 4

Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru

Umunara w’Inderetsi 1 Git.

“Muri ibi bihe bidurumbanye, abantu benshi barahagaritse umutima ku vyerekeye kazoza. Ni igiki kigufasha kuguma ubona ko ibintu bizogenda neza? [Rindira yishure.] Ehe raba uyu muhango Bibiliya itanga. [Soma Yesaya 65:17.] Iki kinyamakuru kiratanga imvo zumvikana zotuma twizigira ko ibintu bizogenda neza muri kazoza.”

Réveillez-vous! Git.

“Internet ni igikoresho ngirakamaro, ariko rero ni ingeramizi idasanzwe ku bana. Wibaza none ko twobakingira gute? [Rindira yishure.] Ndakwinginze urabe iki ciyumviro. [Soma Imigani 18:1 wongere werekane ingene hokurikizwa.] Iyi ni imwe mu ngingo ngenderwako zitandatu zo muri Bibiliya iki kinyamakuru gishira ahabona kugira ngo gifashe abavyeyi gukingira abana babo.” Mwereke ikiganiro kiri ku rupapuro rwa 8.

Umunara w’Inderetsi 1 Git.

“Abahinga baremera ko sebibondo arangura uruhara ruhambaye mu buzima bwo mu muryango. Wibaza ko ari igiki gituma umuntu aba sebibondo mwiza? [Rindira yishure.] Yezu yarashimitse ku kuntu akarorero ka Se wiwe kamufashije. [Soma Yohani 5:19.] Iki kinyamakuru kirerekana imice itandatu ihambaye iri mu yigize uruhara sebibondo arangura.” Mwereke ikiganiro gitangurira ku rupapuro rwa 18.

Réveillez-vous! Git.

“Abantu bo mu madini atandukanye bafise ivyiyumviro bihushanye ku vyerekeye ukuntu Imana imeze vy’ukuri. Mugabo none, Umwana w’Imana yavuze ko imeze gute? Ehe raba amajambo Yezu yavuze ng’aha muri Yohani 4:24. [Soma.] Mu mpapuro zibiri gusa, iki kiganiro kirerekana ico Bibiliya ivuga ku vyerekeye iki kibazo: ‘Imana imeze gute?’ ” Mwereke ikiganiro kiri ku rupapuro rwa 24 be n’urwa 25.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika