Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
Umunara w’Inderetsi 1 Git.
“Muri ibi bihe bidurumbanye, abantu benshi barahagaritse umutima ku vyerekeye kazoza. Ni igiki kigufasha kuguma ubona ko ibintu bizogenda neza? [Rindira yishure.] Ehe raba uyu muhango Bibiliya itanga. [Soma Yesaya 65:17.] Iki kinyamakuru kiratanga imvo zumvikana zotuma twizigira ko ibintu bizogenda neza muri kazoza.”
Réveillez-vous! Git.
“Internet ni igikoresho ngirakamaro, ariko rero ni ingeramizi idasanzwe ku bana. Wibaza none ko twobakingira gute? [Rindira yishure.] Ndakwinginze urabe iki ciyumviro. [Soma Imigani 18:1 wongere werekane ingene hokurikizwa.] Iyi ni imwe mu ngingo ngenderwako zitandatu zo muri Bibiliya iki kinyamakuru gishira ahabona kugira ngo gifashe abavyeyi gukingira abana babo.” Mwereke ikiganiro kiri ku rupapuro rwa 8.
Umunara w’Inderetsi 1 Git.
“Abahinga baremera ko sebibondo arangura uruhara ruhambaye mu buzima bwo mu muryango. Wibaza ko ari igiki gituma umuntu aba sebibondo mwiza? [Rindira yishure.] Yezu yarashimitse ku kuntu akarorero ka Se wiwe kamufashije. [Soma Yohani 5:19.] Iki kinyamakuru kirerekana imice itandatu ihambaye iri mu yigize uruhara sebibondo arangura.” Mwereke ikiganiro gitangurira ku rupapuro rwa 18.
Réveillez-vous! Git.
“Abantu bo mu madini atandukanye bafise ivyiyumviro bihushanye ku vyerekeye ukuntu Imana imeze vy’ukuri. Mugabo none, Umwana w’Imana yavuze ko imeze gute? Ehe raba amajambo Yezu yavuze ng’aha muri Yohani 4:24. [Soma.] Mu mpapuro zibiri gusa, iki kiganiro kirerekana ico Bibiliya ivuga ku vyerekeye iki kibazo: ‘Imana imeze gute?’ ” Mwereke ikiganiro kiri ku rupapuro rwa 24 be n’urwa 25.