ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 9/05 rup. 7
  • Tugume dukomezanya

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Tugume dukomezanya
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2005
  • Ivyo bijanye
  • Dukore ivyiza twongere dusabikanye n’abandi
    Igikorwa dukorera Ubwami—2005
  • Turemeshanye igihe turi mu busuku
    Igikorwa dukorera Ubwami—2008
  • Tugume ‘twubaka bagenzi bacu’
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2022
  • Ibiyago vyo mu vy’impwemu birubaka
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2005
km 9/05 rup. 7

Tugume dukomezanya

1 Intumwa Paulo yarakora uko ashoboye kwose kugira akomeze abo basangiye ukwemera (Ivyak. 14:19-22). Mu buryo busa n’ubwo, turarazwa ishinga n’abavukanyi bacu igihe bari mu ngorane, kandi turipfuza kubafasha. Bibiliya yerekana ko twese dukwiye kwitwararika abandi, yuko atari abakurambere gusa bakwiye kubigira (Rom. 15:1, 2). Rimbura uburyo bubiri dushobora kwumvira iyi mpanuro iranga urukundo igira iti: ‘Muhumurizanye, mukomezanye’.—1 Tes. 5:11.

2 Nutahure ivyo abandi bakeneye: Ijambo ry’Imana rivuga ko Doruka “yari n’ibikorwa vyiza vyinshi, n’ubuntu bginshi” (Ivyak. 9:36, 39). Yaritaho abari n’ivyo bakeneye akanakora uko ashoboye kwose kugira abafashe. Ese ukuntu ari akarorero keza kuri twebwe! Woshobora kuraba ko hari uwitereye mu myaka akeneye ikimwunguruza mu kuja ku makoraniro. Canke hashobora kuba hari umutsimvyi atagira uwo bakorana mu murimo ku muhingamo mu mpera y’umushamvu. Iyumvire ukuntu uwo muntu ari ni co akeneye azokwumva aremeshejwe mu gihe ubonye ico kintu maze ukamusahiriza mu buryo ngirakamaro!

3 Ibiyago vyo mu vy’impwemu: Turashobora gukomeza abandi biciye ku vyo tuvuga (Ef. 4:29). Hari umukurambere azi utuntu n’utundi yavuze ati: “Nimba ushaka kuba umuntu aremesha abandi, nuyage ibintu vy’impwemu. Mu gutangura ikiyago gikomeza, wokoresha akabazo gasanzwe nk’aka: ‘Wamenye gute ukuri?’ ”. Niwitwararike abakiri bato bo mw’ishengero. Niwitwararike abadendebukiwe be n’aboba bafise isoni (Imig. 12:25). Ntureke ngo ukuyaga ivy’ukwinezereza kwo muri ino si kunigire mu menshi ibiyago vyo mu vy’impwemu tugiranira n’abo dusangiye ukwemera.—Rom. 1:11, 12.

4 None, wovuga iki kugira ukomeze abandi? Hari ingingo ngenderwako woba uherutse gukura mu busomyi bwawe bwa Bibiliya no mu kuyiyigisha, yatumye urushiriza gukengurukira Yehova? Hoba hari ikintu wumvise mu nsiguro canke mu nyigisho y’Umunara w’Inderetsi cagukoze ku mutima? Canke hari icabonywe gikomeza ukwizera coba caragukoze ku mutima? Niwaha agaciro ubwo butunzi bukomeye bwo mu buryo bw’impwemu, uzokwama ufise ikintu kiremesha co gusangira n’abandi.—Imig. 2:1; Luka 6:45.

5 Nimuze tugume dukomezanya mu gufasha abandi mu buryo ngirakamaro be no mu gukoreshanya ubukerebutsi ururimi rwacu.—Imig. 12:18.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika