Inyishu ku bibazo vyanyu
◼ Vyoba bibereye gushira aderese yacu bwite yo kwandikiranirako biciye kuri orodinateri ku bisohokayandikiro dushikiriza abantu?
Abamamaji bamwebamwe, bakoresheje ikidodo canke agapapuro kamata, aderese yabo yo kwandikiranirako biciye kuri orodinateri barayishize ku binyamakuru canke ku dupapuro tw’inkuru nziza bashikiriza abantu. Abakira ivyo bisohokayandikiro baba bashobora rero kwandikira uwo mwamamaji kugira ngo baronke amakuru yiyongereye. Utwo twigoro two gufasha abashimishijwe usanga tuba tugiranywe imvo nziza. Yamara rero, aderese izwi y’ishirahamwe ryacu isanzwe yerekanwa amaja inyuma ku binyamakuru no ku dupapuro tw’inkuru nziza. Ku bw’ivyo rero, vyoba vyiza tudashize aderese yacu bwite yo kwandikiranirako biciye kuri orodinateri ku bisohokayandikiro dushikiriza.
Umwamamaji ni we yifatira ingingo nimba yoha canke atoha abantu bo mu cibare agapapuro kanditseko amakuru y’ingene bomutora, canecane igihe asubira kubagendera. Turakwiye kugira akigoro ko gusubira kugendera abantu bashimishijwe aho kureka ngo abe ari bo baturondera kugira baronke amakuru yiyongereye. Igihe umuntu aganira n’uwundi amaso mu yandi, ni ho birushiriza kwigaragaza ko amwitwararika vy’ukuri.