Turi Ivyabona igihe cose
1. Ni igiki dushobora kwigira ku nkuru ya Yezu ijanye n’igihe yabwiye inkuru nziza umugore kuri rya riba?
1 Hari haciye amasaha atari make Yezu ariko aragenda. Yari arushe kandi anyotewe. Igihe abigishwa biwe bari bagiye kugura ibifungurwa, yaricaye kw’iriba riri inyuma y’igisagara ca Samariya kugira ngo aruhuke. Yezu ntiyari i Samariya kugira ngo yamamaze; yariko arahaca gusa yirenganira agana i Galilaya kugira ngo abe ariho abandaniriza ubusuku bwiwe. Yamara rero, ntiyagishije akaryo ko kubwira inkuru nziza umugore yariko aravoma amazi. (Yoh. 4:5-14) Uti kubera iki? Ni uko Yezu atigeze areka kuba “icabona cizigirwa kandi c’ukuri” ca Yehova. (Ivyah. 3:14) Turigana Yezu mu kuba Ivyabona vya Yehova igihe cose.—1 Pet. 2:21.
2. Twoshobora gute kwitegurira gushinga intahe akaryo kizanye?
2 Twitegure: Turashobora kwitegurira gushinga intahe akaryo kizanye mu kwitwaza ibisohokayandikiro. Abamamaji benshi baramana udupapuro tw’inkuru nziza maze bakadushikiriza abadandaza, abakora aho banyweshereza igitoro be n’abandi bahura mu biringo bitandukanye vy’umusi. (Umus. 11:6) Umuvukanyikazi umwe akunda gufata ingendo, aritwararika kwama afise mu gasakoshi kiwe ko mu minwe ya Bibiliya ishobora kuja mu mufuko w’impuzu be n’igitabu Ivyo Bibiliya yigisha, kandi aragerageza gutanguza ikiyago n’ababa bicaye iruhande yiwe.
3. Twoshobora gute gutanguza ikiyago?
3 Dutanguze ikiyago: Igihe dushinga intahe akaryo kizanye, si ngombwa ngo mu ntango dutanguze ikiyago dukoresheje iciyumviro gishingiye ku Vyanditswe. Yezu ntiyatanguye kuyaga na wa mugore kuri rya riba mu kwidondora ko ari we Mesiya. Yamusavye gusa ico kunywa, atuma ashaka kumenya igituma. (Yoh. 4:7-9) Umuvukanyikazi umwe yasanze uburyo busa n’ubwo bumufasha gutanguza ikiyago igihe aba abajijwe nimba ahimbaza umusi mukuru kanaka. Aho kwishura yuko atigera agira uruhara muri iryo himbaza kubera yuko ari Icabona ca Yehova, aca avuga ati: “Narahisemwo jewe ubwanje kutawuhimbaza.” Kubera ko uwo yamubajije aba ashaka kumenya n’ibindi, akunda guca amubaza impamvu, bigaca biha akaryo uwo muvukanyikazi ko gushinga intahe.
4. Ni kubera iki ivyanditswe muri Matayo 28:18-20 bikuvyurira ingiro?
4 Naho Yezu yarangije ubusuku yaranguranye umwete ng’aha kw’isi, arabandanya kwitwararika igikorwa co kwamamaza kiriko kirarangurwa nk’uko yabigize. (Mat. 28:18-20) Ku bw’ivyo rero, nka kumwe kwa Yezu we Karorero kacu, turi Ivyabona biteguriye gutangaza ku mugaragaro ukwizera kwacu igihe cose.—Heb. 10:23.