Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 30 Rusama
INDWI ITANGURA KU WA 30 RUSAMA
Ururirimbo rwa 33 n’isengesho
□ Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
bt ikig. 4 ing. 5-12 (Imin. 25)
□ Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: Zaburi 26-33 (Imin. 10)
No. 1: Zaburi 31:9-24 (Imin. 4 canke idashika)
No. 2: Uburorero bwo muri Bibiliya bwerekana ukwicisha bugufi nyakuri (Imin. 5)
No. 3: Igituma tuguma tugendera abantu—(td 4B) (Imin. 5)
□ Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 10: Amatangazo. Hakoreshejwe uburyo bwo gutanguza ibiyago buri ku rupapuro rwa 4, nihagirwe umwerekano w’ukuntu inyigisho ya Bibiliya yotanguzwa ku wa gatandatu wa mbere wa Ruheshi. Nimuremeshe bose kubigiramwo uruhara.
Imin. 15: Uburyo bwo kugira ubushakashatsi. Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza gishingiye ku gitabu Ishure ry’Ubusuku, urupapuro rwa 33-38. Nimushiremwo agakino ko kwivugana kagufi k’umwamamaji ariko arakoresha ibikoresho vyo kugira ubushakashatsi mu kurondera inyishu y’ikibazo yabajijwe mu busuku.
Imin. 10: Twitegurire gushikiriza ibinyamakuru muri Ruheshi. Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza. Nufate umunuta umwe canke ibiri uvuge bimwebimwe mu biri mu binyamakuru biherutse gusohoka mufise mw’ishengero. Nuce uhitamwo ibiganiro bibiri canke bitatu, hanyuma usabe abumviriza bavuge ibibazo be n’ivyanditswe vyoshobora gukoreshwa mu gushikiriza ivyo binyamakuru. Nimugire umwerekano w’ukuntu kimwekimwe cose muri vyo coshobora gushikirizwa.
Ururirimbo rwa 113 n’isengesho