Ingene twokoresha ka gakaratasi kavuga ngo Turabasavye mukurikirane uwu muntu yashimishijwe (S-43)
Ako gakaratasi gakwiye kwuzuzwa igihe habonetse umuntu yashimishijwe ariko akaba ataba mu karere iwanyu canke akaba avuga urundi rurimi. Naho twahora tugakoresha igihe duhuye n’abantu bavuga urundi rurimi baba bashimishijwe canke batashimishijwe, ubu tugakoresha gusa igihe umuntu aba yerekanye ko yashimishijwe. Ku baragi ni ho honyene hari ubudasa. Duhuye n’umuragi, yaba yashimishijwe canke atashimishijwe, tubwirizwa kwuzuza ako gakaratasi S-43.
None duhejeje kwuzuza ako gakaratasi dukwiye guca dukora iki? Dukwiye guca tugaha umunyamabanga w’ishengero. Nimba azi ishengero yokarungikira, yoshobora gusa guca akarungikira abakurambere bo muri iryo shengero kugira ngo batunganye ivyo kwitwararika uwo muntu yashimishijwe. Nimba atazi ishengero yokarungikira, azoca akarungika ku biro vy’ishami.
Mu gihe uwo muntu yashimishijwe avuga urundi rurimi kandi akaba aba mu karere iwanyu, mwoshobora kubandanya mumugendera kugira ngo mutsimbataze ugushimishwa gushika abonanye n’umwamamaji wo mw’ishengero rikoresha urwo rurimi avuga.—Raba Igikorwa dukorera Ubwami co muri Munyonyo 2009, urupapuro rwa 4.