Twamamaze ku “bantu b’uburyo bwose”
1. Ni mu buhe buryo abamamaji bavyifatamwo neza bameze nk’abahinguzi b’utugenegene b’abahanga?
1 Umuhinguzi w’utugenegene w’umuhanga usanga afise ibikoresho vyinshi, kandi aba azi igihe co gukoresha kimwekimwe cose be n’ingene agikoresha. Na twebwe turafise ibikoresho bitandukanye bidufasha kurangura igikorwa tujejwe co kwamamaza. Nk’akarorero, harasohowe udutabu tuvuga ibintu bitandukanye two kudufasha kwamamaza ku “bantu b’uburyo bwose.” (1 Kor. 9:22) Inyongera y’iki Gikorwa dukorera Ubwami irerekana tumwetumwe muri utwo dutabu, igasigura abo twagenewe, igatanga n’ivyiyumviro vy’ukuntu twoshobora gushikirizwa.
2. Ni ryari twokoresha udutabu mu busuku?
2 Ni ryari twokoresha utwo dutabu? Umuhinguzi w’utugenegene akoresha igikoresho kinaka igihe cose abona ko ari ngirakamaro. Na twebwe twoshobora gushikiriza agatabu igihe cose tubona ko vyogirira akamaro umuntu, atari gusa mu mezi yo kugashikiriza. Nk’akarorero, nimba igitabu Ivyo Bibiliya yigisha ari co gishikirizwa muri ukwo kwezi ariko tukaba turiko twamamaza ku muntu atari umukirisu adashimishwa cane na Bibiliya, vyoshobora kuba ngirakamaro tumushikirije agatabu kabereye maze tukazomushikiriza igitabu Ivyo Bibiliya yigisha tumaze gutsimbataza ugushimishwa kwiwe.
3. Kubera iki dukwiye kuba abahanga mu vyo gukoresha ibikoresho vyacu vyo kwamamaza?
3 Ivyanditswe birahayagiza abantu usanga ari abahanga mu gikorwa cabo. (Imig. 22:29) Tuvugishije ukuri, nta gikorwa gihambaye muri iki gihe kuruta “igikorwa ceranda c’inkuru nziza.” (Rom. 15:16) Kugira tube ‘abakozi batagira ikibatetereza,’ tuzokwihatira kuba abahanga mu vyo gukoresha ibikoresho vyacu.—2 Tim. 2:15.