ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 1/12 rup. 2
  • Twamamaze ku “bantu b’uburyo bwose”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Twamamaze ku “bantu b’uburyo bwose”
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2012
  • Ivyo bijanye
  • ‘Nushikirize ikinyamakuru ca kera canke agatabu gahuje n’ibishimisha umuntu’
    Igikorwa dukorera Ubwami—2011
  • Nufashe abantu bumvirize Imana
    Igikorwa dukorera Ubwami—2012
  • Ibikoresho ntahara
    Igikorwa dukorera Ubwami—2015
  • Niwigishe ukuri
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2018
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2012
km 1/12 rup. 2

Twamamaze ku “bantu b’uburyo bwose”

1. Ni mu buhe buryo abamamaji bavyifatamwo neza bameze nk’abahinguzi b’utugenegene b’abahanga?

1 Umuhinguzi w’utugenegene w’umuhanga usanga afise ibikoresho vyinshi, kandi aba azi igihe co gukoresha kimwekimwe cose be n’ingene agikoresha. Na twebwe turafise ibikoresho bitandukanye bidufasha kurangura igikorwa tujejwe co kwamamaza. Nk’akarorero, harasohowe udutabu tuvuga ibintu bitandukanye two kudufasha kwamamaza ku “bantu b’uburyo bwose.” (1 Kor. 9:22) Inyongera y’iki Gikorwa dukorera Ubwami irerekana tumwetumwe muri utwo dutabu, igasigura abo twagenewe, igatanga n’ivyiyumviro vy’ukuntu twoshobora gushikirizwa.

2. Ni ryari twokoresha udutabu mu busuku?

2 Ni ryari twokoresha utwo dutabu? Umuhinguzi w’utugenegene akoresha igikoresho kinaka igihe cose abona ko ari ngirakamaro. Na twebwe twoshobora gushikiriza agatabu igihe cose tubona ko vyogirira akamaro umuntu, atari gusa mu mezi yo kugashikiriza. Nk’akarorero, nimba igitabu Ivyo Bibiliya yigisha ari co gishikirizwa muri ukwo kwezi ariko tukaba turiko twamamaza ku muntu atari umukirisu adashimishwa cane na Bibiliya, vyoshobora kuba ngirakamaro tumushikirije agatabu kabereye maze tukazomushikiriza igitabu Ivyo Bibiliya yigisha tumaze gutsimbataza ugushimishwa kwiwe.

3. Kubera iki dukwiye kuba abahanga mu vyo gukoresha ibikoresho vyacu vyo kwamamaza?

3 Ivyanditswe birahayagiza abantu usanga ari abahanga mu gikorwa cabo. (Imig. 22:29) Tuvugishije ukuri, nta gikorwa gihambaye muri iki gihe kuruta “igikorwa ceranda c’inkuru nziza.” (Rom. 15:16) Kugira tube ‘abakozi batagira ikibatetereza,’ tuzokwihatira kuba abahanga mu vyo gukoresha ibikoresho vyacu.—2 Tim. 2:15.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika