‘Nushikirize ikinyamakuru ca kera canke agatabu gahuje n’ibishimisha umuntu’
Mu mezi dushikirizamwo igitabu Ivyo Bibiliya yigisha twongera dusaba kwigana Bibiliya n’umuntu tuyaze ari ryo rya mbere, turemeshwa ‘gushikiriza ikinyamakuru ca kera canke agatabu ako ari ko kose karimwo ibintu bishimisha uwo muntu.’ Uti kuki?
Udutabu n’ibinyamakuru vya kera biraca irya n’ino ibiganiro bitandukanye bihuye n’igihe. Hari aho uwo munyamuhana yokorwa ku mutima n’ikintu kinaka kivugwa muri kimwe muri ivyo bitabu. Ku bw’ivyo, igihe utegura isakoshi ujana mu busuku, nuze urashiramwo n’udutabu be n’ibinyamakuru vya kera nka bingahe. Nimba udafise ibinyamakuru vya kera, woshobora kumbure kwironsa nka bingahe kw’ikontwari y’ibinyamakuru. Usanze rero umunyamuhana asanzwe afise igitabu Ivyo Bibiliya yigisha ariko ntiyemere kugirirwa inyigisho ya Bibiliya, woshobora guca umwereka bimwebimwe mu binyamakuru canke udutabu ufise maze ukamusaba kwihitiramwo ibimushimisha. Nuce utunganya ivyo gusubirayo kugira utsimbataze ugushimishwa kwiwe. Hari aho yoteba akemera kwiga Bibiliya.