ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 3/14 rup. 3
  • Nukoreshe neza ibinyamakuru vya kera

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nukoreshe neza ibinyamakuru vya kera
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2014
  • Ivyo bijanye
  • Nushikirize ibinyamakuru mu busuku bwawe
    Igikorwa dukorera Ubwami—2005
  • Nutegekanye Umwanya wo Gutanga Ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2001
  • ‘Nushikirize ikinyamakuru ca kera canke agatabu gahuje n’ibishimisha umuntu’
    Igikorwa dukorera Ubwami—2011
Igikorwa dukorera Ubwami—2014
km 3/14 rup. 3

Nukoreshe neza ibinyamakuru vya kera

Kubera ko ibinyamakuru vya kera bitagirira akamaro umuntu n’umwe igihe biba bibitswe canke vyatawe, turakwiye kugerageza kubitanga. Ikinyamakuru kimwe conyene kirashobora gutuma umuntu ashimishwa n’ukuri kandi kikamuvyurira umutima wo gutangura kwambaza izina rya Yehova. (Rom. 10:13, 14) Ibi ni ivyiyumviro bimwebimwe vy’ingene twokoresha neza ibinyamakuru vya kera.

  • Igihe ukorera mu vyibare bidakunda gukorerwamwo, kumbure woshobora gusiga kimwe ku mihana usanze atariho bari, ukagishira ahantu hatabonwa n’abahita.

  • Igihe uriko urashinga intahe ku mugaragaro aho abantu barindirira, nko ku bituro vy’amabisi canke vya gariyamoshi, nubaze abahari niba boshima kuronka ikintu co gusoma, ubereke ibinyamakuru vya kera bitari bike, maze ubareke bahitemwo.

  • Nusige ibinyamakuru bikeyi aho barindirira ku mashure, ku mavuriro, ku mahoteli canke mu bindi bibanza nk’ivyo biri mu karere k’ishengero ryanyu, niba bifise aho bashira ibinyamakuru. Akenshi biraba vyiza kubanza gusaba uruhusha uwuba ahajejwe niba ari ho ari. Ubonye hariho ibindi binyamakuru vyacu, ntushireho ibindi.

  • Igihe witegurira gusubira kugendera abo mwaganiriye, niwiyumvire ivyoshimisha umwe wese mu bo utegekanya kugendera. Yoba afise umuryango? Yoba akunda kugira ingendo? Yoba akunda gutera amashurwe? Nurabe mu binyamakuru vya kera ko ata kiganiro comushimisha, maze usubiye kumugendera uce ukimwereka.

  • Umaze igihe uja kuraba umuntu yashimishijwe ntumuronke maze umusi uri izina ukamubona, numwereke bimwebimwe mu binyamakuru vya kera ataronse.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika