Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 24 Nyakanga
INDWI ITANGURA KU WA 24 NYAKANGA
Ururirimbo rwa 45 n’isengesho
□ Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
bt ikig. 27 ing. 1-9 (Imin. 30)
□ Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: Daniyeli 1-3 (Imin. 10)
No. 1: Daniyeli 2:17-30 (Imin. 4 canke idashika)
No. 2: Ugukiza kwo mu buryo bw’impwemu gufise akamaro akahe?—td 31A (Imin. 5)
No. 3: Dushobora gute kwirinda gutuntuza impwemu?—Ef. 4:30 (Imin. 5)
□ Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 30: “Urwaruka ruribaza—Nzokoresha gute ubuzima bwanje? (Igice ca 2)“ Ibibazo n’inyishu. Mu ntangamarara y’umunota umwe, nusubiremwo ivyo mwihweje mu ndwi iheze mu gice ca 1. Nusozere mu gukeza ubigiranye igishika abakiri bato ku twigoro bagira two ‘kwibuka’ Yehova mu buto bwabo. (Umus. 12:1) Nubahimirize kuguma biyemeje gukoresha ubuzima bwabo mu gusukurira Yehova. Aho iyo videwo itaboneka, nimukoreshe igitabu Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro igitabu ca 2 ikigabane ca 38 gifise umutwe uvuga ngo “Nzokoresha gute ubuzima bwanje?” Nubaze ibibazo abakiri bato nka bangahe bigane imigambi yo mu vya gitewokarasi bishingiye be n’ico bariko barakora kugira ngo bayishikire. Nuremeshe urwaruka kutareka ngo isi be n’ivyipfuzo vyayo bibabuze gukurikirana imigambi yabo ya gitewokarasi. (1 Yoh. 2:17) Nubakeze n’igishika cinshi ku bw’utwigoro bagira be n’akarorero keza batanga.
Ururirimbo rwa 91 n’isengesho