Urwaruka ruribaza—Nzokoresha gute ubuzima bwanje? (Igice ca 2)
Umaze gushira ividewo Les jeunes s’interrogent— Que vais-je faire de ma vie ? (Urwaruka ruribaza—Nzokoresha gute ubuzima bwanje?) mu cuma kiyisoma, nuce ufyonda ahanditse ngo Interviews, hanyuma ufyonde ahanditse Sections. Umaze kuraba kimwekimwe cose muri ivyo bice bitatu, nukoreshe ibibazo biri mu ngingo ya 2 mu kugira isubiramwo. Nuce ufyonda ahanditse Menu principal hanyuma ufyonde ahanditse Suppléments, maze uhejeje kuraba ivyo biganiro vyo kubaza ibibazo biri muri ayo mayagwa y’inyongera (Suppléments) uko ari bitanu, nukoreshe ibibazo biri mu ngingo ya 3 mu kugira isubiramwo.
Sections — Se consacrer à des choses vaines ou servir Dieu (Ibice—Kwihebera ibintu ata co bimaze canke kwihebera Imana): (1) Abakiri bato bashirwako umukazo wo gukurikirana imigambi iyihe? (2) Ni gute ibivugwa muri 1 Yohani 2:17 bifasha abakiri bato guhitamwo ukuntu amashure yo mw’isi bokwiga yoba angana? (3) Ni kubera iki tudakwiye kureka ngo ubwoba butubuze kubatizwa? (4) Ni ibintu bimwebimwe ibihe bizodufasha gukwiza ibisabwa kugira ngo tubatizwe? Apprendre à aimer la prédication (Niwige kunezerererwa ubusuku): (5) Ni kubera iki hariho abatanezerererwa ubusuku? (6) Ni ibintu bimwebimwe ibihe vyoshobora kudufasha? (7) Ni igiki bamwebamwe batinya cane mbere kurusha kuganiriza umuntu batazi, kandi kubera iki? (8) Dushobora gute gutsinda ubwoba maze tukarushiriza kugira umutima rugabo wo kuvuga? (9) Kubera iki bihambaye cane ko dutsimbataza ubuhanga bumwebumwe mu busuku? Une porte ouverte sur l’activité (Umuryango wuguruye ujana ku gikorwa): (10) Ni gute gukora ubutsimvyi bituma umuntu aronka uturyo two gutera imbere mu vy’impwemu? (Flp. 3:16) (11) Ni kubera iki hari abagonanwa gutangura ubutsimvyi? (12) Ni ingingo ngenderwako zo mu Vyanditswe izihe zodufasha kurengera ingorane z’ivy’ubutunzi? (13) Ni igiki bamwebamwe bakoze kugira baronke ikibabeshaho igihe bariko barakora ubutsimvyi? (14) Ni igiki umuntu yokora igihe ukuntu ibintu vyifashe bituma bidashoboka ko akora umurimo w’igihe cose?
Suppléments — La valeur de l’étude individuelle (Amayagwa y’inyongera—Akamaro ko kwiyigisha): (15) Kubera iki kugira urutonde rwiza rwo kwiyigisha ari ngirakamaro? D’autres façons de prêcher (Ubundi buryo bwo kwamamaza) (ubu bwitwa kwamamaza ku mugaragaro): (16) Ni gute kugira uruhara mu mice itandukanye y’ubusuku vyongereza umunezero dufise? Le service au Béthel (Umurimo wo kuri Beteli): (17) Ni ibintu bimwebimwe ibihe bitera umunezero mu murimo wo kuri Beteli? L’École de formation ministérielle (Ishure rimenyereza abasuku): (18) Ni gute abitavye iryo shure (ubu ryitwa Ishure ry’ivya Bibiliya ry’abavukanyi batubatse) baryungukiyeko? Guiléad: la formation au service missionnaire (Ishure rimenyereza abamisiyonari rya Gileyadi): (19) Ni gute Peter na Fiona biteguriye umurimo w’ubumisiyonari, kandi bungukiye gute kuri iryo shure rya Gileyadi?