Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 1 Gitugutu
INDWI ITANGURA KU WA 1 GITUGUTU
Ururirimbo rwa 103 n’isengesho
□ Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
bt ikig. 27 ing. 10-18 (Imin. 30)
□ Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: Daniyeli 4-6 (Imin. 10)
No. 1: Daniyeli 4:18-28 (Imin. 4 canke idashika)
No. 2: Igituma Abakirisu b’ukuri birinda rwose ibijanye n’ubupfumu (Imin. 5)
No. 3: Biciye ku Bwami bw’Imana ni ho abantu bazokizwa rimwe rizima mu buryo bw’umubiri—td 31B (Imin. 5)
□ Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 5: Gutanguza inyigisho za Bibiliya ku wa gatandatu wa mbere. Mukoresheje uburyo bwo gutanguza ibiyago buri kuri uru rupapuro, nimugire umwerekano w’ukuntu inyigisho ya Bibiliya yotanguzwa ku wa gatandatu wa mbere wa Gitugutu. Nimukoreshe ibinyamakuru muheruka kuronka mw’ishengero be n’Igikorwa dukorera Ubwami catanzwemwo uburyo bwo kubishikiriza. Nimuremeshe bose kubigiramwo uruhara.
Imin. 15: Twakoze gute mu mwaka uheze? Insiguro ishikirizwa n’umucungezi w’umurimo. Nuvuge ivyo ishengero ryaranguye mu mwaka w’umurimo uheze, wibande ku vyiza vyaranguwe, wongere urikeze mu buryo bubereye. Nubaze ibibazo umwamamaji umwe canke babiri biboneye ibintu bishimishije cane. Nuvuge umuce umwe canke ibiri ijanye n’ubusuku ishengero ryoryohora muri uyu mwaka w’umurimo dutanguye, wongere utange inama ngirakamaro z’ukuntu iyo mice yoryohorwa.
Imin. 10: Ukuntu twoshobora gushikiriza ibinyamakuru muri Gitugutu. Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza. Nufate amasegonde ari hagati ya 30 na 60 uvuge igituma ivyo binyamakuru vyoshimisha abantu bo mu cibare canyu. Hanyuma, ufatiye ku biganiro vyo mu Munara w’Inderetsi bihuye n’umutwe wo ku gipfukisho, nusabe abumviriza bavuge ikibazo kivyura ugushimishwa bobaza, uce ubasaba bavuge icanditswe bosoma. Nubigenze nk’ukwo nyene ku biganiro vyo muri Be maso! bihuye n’umutwe wo ku gipfukisho, hanyuma umwanya ubibakundiye, ubigenze gutyo no ku kindi kiganiro kimwe co muri ivyo binyamakuru. Nimugire umwerekano w’ukuntu kimwekimwe cose muri ivyo binyamakuru coshobora gushikirizwa. Nimukoreshe ibinyamakuru muheruka kuronka mw’ishengero be n’Igikorwa dukorera Ubwami catanzwemwo uburyo bwo kubishikiriza.
Ururirimbo rwa 85 n’isengesho