Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 8 Gitugutu
INDWI ITANGURA KU WA 8 GITUGUTU
Ururirimbo rwa 75 n’isengesho
□ Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
bt ikig. 27 ing. 19-26, n’inzitiro ku rup. 212, 214, 217 (Imin. 30)
□ Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: Daniyeli 7-9 (Imin. 10)
No. 1: Daniyeli 7:13-22 (Imin. 4 canke idashika)
No. 2: Ugukiza kwa kino gihe ntikuva ku Mana—td 31C (Imin. 5)
No. 3: Ni mu buryo butandukanye ubuhe Yehova agaragaza ko ari intahemuka?—Ivyah. 15:4; 16:5 (Imin. 5)
□ Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 10: Hagize uwuvuga ati: ‘Nta mwanya mfise.’ Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza gishingiye ku gatabu Uburyo bwo Gutanguza no Kubandanya Ibiyago Bishingiye Kuri Bibiliya, kuva ku rupapuro rwa 11, ingingo ya 5 gushika ku rupapuro rwa 12, ingingo ya 3. Nimurimbure zimwezimwe mu nyishu zatanzwe be n’izindi nyishu zose mwatanze zikagira akamaro mu cibare canyu. Nimugire imyerekano ibiri migufimigufi.
Imin. 10: Hatwigisha iki? Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza. Saba abumviriza basome Matayo 21:12-16 na Luka 21:1-4. Nimwihweze ivyigwa dukura muri izo nkuru.
Imin. 10: “Woba wogira uruhara mu kwamamaza ku mugoroba?” Ibibazo n’inyishu. Igihe mwihweza ingingo ya 2, nusabe abumviriza bigane ibintu biboneye vyabashimishije igihe bariko baramamaza ku mugoroba.
Ururirimbo rwa 92 n’isengesho