Ingene twotanguza ibiyago
Gutanguza Inyigisho za Bibiliya ku wa gatandatu wa mbere wa Gitugutu
“Nta gukeka ko wemera yuko ubuzima ari bugufi cane. Woba wibaza ko hazogera igihe twebwe abantu tugashobora gukuraho buhere indwara zose maze tukongerereza ikiringo co kubaho? [Rindira yishure.] Raba ico iki kinyamakuru kivuga.” Nuce umuha Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Gitugutu, maze murabire hamwe ibivugwa munsi y’agatwe ka mbere ku rupapuro 16 mwongere musuzume icanditswe catanzwe. Numushikirize ibinyamakuru muce muvugana umusi wogaruka kugira muganire ikibazo gikurikira.
Umunara w’Inderetsi 1 Myandagaro
“Abantu benshi baremera ko ibitangaro bibaho. Abandi na bo barakekeranya. Woba wibaza ko ibitangaro bibaho vy’ukuri? [Rindira yishure.] Uwu muhango ujanye n’igitangaro kizoba muri kazoza waratumye abantu benshi bagira icizigiro. [Nusome kimwe mu vyanditswe vyerekanywe ku rupapuro rwa 9-10.] Iki kinyamakuru kiragira ico kivuze ku bintu bitatu abahakana ibitangaro bakunze kuvuga.”
Be maso! Myandagaro
“Muri kino gihe, abantu benshi baratinya gusohoka hanze ari bonyene, canecane bumaze guhwibira. Wibaza ko hari icokorwa kugira ngo ubukozi bw’ikibi bugabanuke muri ino si? [Rindira yishure.] Iki kinyamakuru kirerekana ibintu bimwebimwe twokora kugira ngo turushirize kubana amahoro n’abandi. Kirerekana kandi ukuntu ubu buhanuzi buremesha buzoranguka.” Soma Zaburi 72:7.