Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 29 Gitugutu
INDWI ITANGURA KU WA 29 GITUGUTU
Ururirimbo rwa 13 n’isengesho
□ Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
bt ikig. 28 ing. 16-22 (Imin. 30)
□ Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: Hoseya 8-14 (Imin. 10)
Isubiramwo ryo mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi (Imin. 20)
□ Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 15: “Ukuntu wokwungukira ku mugwi urimwo wo gusohoka mu ndimiro.” Ibibazo n’inyishu. Igihe mwihweza uruzitiro ruri ku rupapuro rwa 6, nubaze ibibazo umuntu i muhira iwe hagirirwa amakoraniro yo gusohoka mu ndimiro. Yitegura gute ku bw’amakoraniro yo gusohoka mu ndimiro abera iwe i muhira iwe buri ndwi? Akenguruka gute ako gateka ko kuba ayo makoraniro agirirwa i muhira iwe?
Imin. 15: “Uburyo butanu bwo kuronka inyigisho ya Bibiliya.” Ibibazo n’inyishu. Muhejeje kwihweza ingingo ya 6, nusabe abashoboye kuyobora inyigisho ya Bibiliya itera imbere bagire ico bavuze ku munezero bironkeye.
Ururirimbo rwa 122 n’isengesho