Isubiramwo ryo mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi
Ibibazo bikurikira bizorimburwa mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi mu ndwi itangura ku wa 29 Gitugutu 2012. Harashizwemwo igenekerezo iciyumviro kimwekimwe cose kizorimburirwako kugira ngo umuntu ashobore kugira ubushakashatsi igihe ategura ishure ku ndwi ku ndwi.
1. Igicaniro Ezekiyeli yabonye mw’iyerekwa kigereranye iki? (Ezk. 43:13-20) [10 Nyak., w07 1/8 rup. 10 ing. 4]
2. Amazi y’uruzi Ezekiyeli yeretswe agereranya iki? (Ezk. 47:1-5) [17 Nyak., w07 1/8 rup. 11 ing. 2]
3. Imfungurwa z’insoromano zoba ari zo zatumye mu maso ha ba basore bane b’Abayuda haba heza? (Dan. 1:11-15) [24 Nyak., w07 1/9 rup. 18 ing. 1]
4. Igiti c’inganzamarumpu Nebukadinezari yabonye mu ndoto cagereranya iki? (Dan. 4:10, 11, 20-22) [1 Git., w07 1/9 rup. 18 ing. 5]
5. Ibivugwa muri Daniyeli 9:17-19 bitwigisha iki ku bijanye n’isengesho? [8 Git., w07 1/9 rup. 20 ing. 6]
6. Ni isezerano irihe ‘ryagumye rikora ku bwa benshi’ gushika mu mpera z’iyinga rigira 70 muri ya mayinga agizwe n’imyaka, ni ukuvuga gushika mu 36 G.C.? (Dan. 9:27) [8 Git., w07 1/9 rup. 20 ing. 4]
7. Twoshika ku ciyumviro ikihe turavye amajambo umumarayika yabwiye Daniyeli y’uko “umuganwa w’akarere kaganzwa n’Ubuperesi” yari yahagaze amurwanya? (Dan. 10:13) [15 Git., w11 1/9 rup. 8 ing. 2-3]
8. Ibumba ryo mu birenge vya ca gishusho rigereranya iki? (Dan. 2:42, 43) [24 Nyak., w12 15/6 rup. 16 ing. 9]
9. Twisunze ibivugwa muri Hoseya 4:11, imwe mu ngeramizi zo kunywa inzoga nyinshi ni iyihe? [22 Git., w10 1/1 rup. 5]
10. Ni icigwa gihambaye ikihe twokwigira ku bivugwa muri Hoseya 6:6? [22 Git., w07 15/9 rup. 16 ing. 8; w05 15/11 rup. 24 ing. 11-12]