Hoseya
4 Nimwumve ivyo Yehova avuze, yemwe Bisirayeli,
kuko Yehova afitaniye imburano n’ababa mu gihugu+.
Nkako, nta kuri canke urukundo* canke ukumenya Imana biri mu gihugu+.
2 Ukurahira ibinyoma, ukubesha+, ubwicanyi+,
ubusuma n’ukurenga ibigo+ ni vyo vyiraye,
kandi abantu ntibahengeshanya gusesa amaraso+.
3 Ni co gituma igihugu kizogandara+,
kandi ababa muri co bose bazoyama.
Ibikoko vyo mw’ishamba n’inyoni zo mu kirere,
mbere n’amafi yo mu kiyaga, vyose bizopfa.
5 Ni co gituma muzotsitara ku murango,
kandi n’umuhanuzi azotsitarana namwe nk’aho hoba ari mw’ijoro.
Nzonumya* nyoko wanyu.
6 Abantu banje bazobwirizwa kunuma, kuko batagira ubumenyi.
Ko mwiyamirije ubumenyi+,
nanje nzobiyamiriza ntimusubire kumbera abaherezi.
Ko mwibagiye itegeko* ry’Imana yanyu+,
nanje nzokwibagira abahungu banyu.
7 Uko bagiye baragwira, ni ko barushirije kuncumurako+.
Ubuninahazwa bwabo nzobuhindura ibimaramare*.
9 Uko bizogendera abantu ni ko bizogendera n’umuherezi.
Nzobabaza ivyo bakoze
kandi nzotuma bashikirwa n’ingaruka z’ivyo bakoze+.
10 Bazorya, ariko ntibazohaga+.
12 Abantu banje bagisha inama ibigirwamana vy’ibiti,
bagakora ivyo agakoni kabo ko kuragura kababwiye.
Kuko agatima* k’ubumaraya gatuma bata umurongo,
kandi ubumaraya bwabo butuma banka kugamburukira Imana yabo.
13 Batangira ibimazi hejuru ku misozi+,
bagafumbishiriza umwotsi w’ibimazi ku mitumba,
munsi y’ibiti vy’imyeloni, ivy’imiribeni n’ibiti vyose bininibinini+,
kuko igitutu cavyo ari ciza.
Ni co gituma abakobwa banyu bakora ubumaraya,
abakazana banyu na bo bakarenga ibigo.
14 Sinzohana abakobwa banyu ngo ni uko bakora ubumaraya,
canke abakazana banyu ngo ni uko barenga ibigo.
Kuko abagabo bihereranya abamaraya,
bagatanga ibimazi bari kumwe n’abamaraya bo mu bibanza basengeramwo*.
Abantu nk’abo batagira ubwenge+ bazohona.
16 Kuko Abisirayeli babaye intagondwa nk’inka y’intagondwa+.
Mbega ubu Yehova azobaragira nk’impfizi y’intama mu buragiro bwagutse*?
17 Efurayimu yaranse kuvirira ibigirwamana+.
Nimumwihoze!