ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w05 15/11 rup. 22-26
  • Gendana n’Imana maze wimbure ivyiza

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Gendana n’Imana maze wimbure ivyiza
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Incamake y’ibivugwamwo
  • Ukwigaya nyakuri kugaragazwa gute?
  • Ibimazi vyonyene ntibihimbara Yehova
  • Yehova arababara igihe abamusenga bamuteye akagere
  • Ingene dushobora kwimbura ivyiza
  • Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Hoseya
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Ubuhanuzi bwa Hoseya buradufasha kugendana n’Imana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • ‘Inzira za Yehova ziraroranye’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Mufatire akarorero ku bahanuzi—Hoseya
    Igikorwa dukorera Ubwami—2013
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
w05 15/11 rup. 22-26

Gendana n’Imana maze wimbure ivyiza

“Bābivye umuyaga bazokwimbura agashururu”.​—HOSEYA 8:7.

1. Dushobora gute kugendana na Yehova?

KUGIRA urugendo uca mu karere karimwo akaga vyobamwo ingorane nke hamwe woba uriko urayoborwa n’indongozi izi utuntu n’utundi. Vyoba biranga ubukerebutsi kugendana n’indongozi nk’iyo aho kwijana. Mu buryo bunaka, ivyo birahuye n’uko ivyacu vyifashe. Tubivuze mu buryo bw’ikigereranyo, Yehova yaritanze kugira atuyobore aducishije mu bugaragwa bunini bw’iyi isi mbi. Tuba tugize ubukerebutsi tugendanye na we aho kugerageza kwiyoborera intambuko zacu. Dushobora gute none kugendana n’Imana? Mu gukurikiza ubuyobozi itanga mw’Ijambo ryayo.

2. Ni igiki kiza kuganirwako muri iki kiganiro?

2 Ikiganiro c’imbere y’iki caraciye irya n’ino igikino c’ikigereranyo dusanga muri Hoseya ikigabane ca 1 gushika ku kigabane ca 5. Nk’uko twabibonye, ico gikino kirimwo ivyigwa bishobora kudufasha kugendana n’Imana. Reka ubu na ho tuganire ku vyiyumviro bikurubikuru bimwebimwe vyo mu kigabane ca 6 gushika ku kigabane ca 9. Vyoba ngirakamaro tubanje kwihweza muri make ivyo bigabane uko ari bine.

Incamake y’ibivugwamwo

3. Nuvuge muri make ibiri muri Hoseya ikigabane ca 6 gushika ku kigabane ca 9.

3 Yehova yarungitse Hoseya kuvuga ubuhanuzi, ubwa mbere na mbere ku bwami bwa Isirayeli bwo mu Buraruko bwari bugizwe n’imiryango cumi. Iryo hanga, iryitwa kandi Efurayimu, iryo rikaba ari izina barihaye bafatiye ku muryango ukomeye wari muri ryo, ryari ryarateye akagere Imana. Muri Hoseya ikigabane ca 6 gushika ku kigabane ca 9, herekana yuko abantu babaye abahemu mu kurenga kw’isezerano rya Yehova no mu kumogorera ibibi (Hoseya 6:7). Bizigiye amasezerano bagiraniye n’abami b’isi, aho kugaruka kuri Yehova. Kubera yuko bagumye babiba ibibi, bokwimbuye ibibi. Mu yandi majambo, bari bagiye gucirwa rubi! Mugabo, ubuhanuzi bwa Hoseya burimwo kandi ubutumwa bweza umutima. Abo bantu barakuwe amazinda yuko boshoboye kugaruka kuri Yehova maze bakagirirwa ikigongwe, baramutse bigaye bimwe bivuye ku mutima.

4. Ni ivyigwa ngirakamaro ibihe tugiye kurimbura vyo mu buhanuzi bwa Hoseya?

4 Muri ivyo bigabane bine vyo mu buhanuzi bwa Hoseya, turashobora kuhakura ubundi buyobozi buzodufasha kugendana n’Imana. Nimuze turimbure ivyigwa bine ngirakimazi: (1) Ukwigaya nyakuri kugaragarira mu bikorwa, ntikugaragarira mu majambo gusa; (2) ibimazi vyonyene ntibihimbara Imana; (3) Yehova arababara igihe abamusenga bamuteye akagere; (4) kugira twimbure ivyiza, dutegerezwa kubiba ivyiza.

Ukwigaya nyakuri kugaragazwa gute?

5. Tanga iciyumviro nyamukuru c’ibivugwa muri Hoseya 6:1-3.

5 Ubuhanuzi bwa Hoseya buratwigisha vyinshi ku vyerekeye ukwigaya be n’ikigongwe. Muri Hoseya 6:1-3, dusoma duti: “Enda ni muze, dusubire k’Uhoraho, kukw ari we yadutabaguye kandi ni we azotuvūra; ni we yadukubise kandi ni we azodusomōra. Imisi ibiri ishize azoduhēmbūra: ku musi ugira gatatu azoduhagurutsa, tube bazima imbere yiwe. Enda tumenye Uhoraho, tugire umwete wo kumumenya; nk’uk’umutwenzi ata cowubuza kuza, ni ko na we azoza: azotuzako nk’imvura, nk’imvura y’umutasuro inyosheje hasi”.

6-8. Ingorane yari hehe ku bijanye n’ukwigaya kwa Isirayeli?

6 Ni nde yavuze ayo majambo yanditswe muri iyo mirongo? Hari abavuga ko yavuzwe n’Abisirayeli b’abahemu, bakavuga kandi yuko abo bantu b’abagambarazi bariko bivugisha ko bigaye bongera barira mbege ku kigongwe c’Imana. Yamara rero, abandi bavuga yuko umuhanuzi Hoseya yariko abwira abo bantu, abinginga kugaruka kuri Yehova. Ayo majambo yaba yavuzwe na nde, ikibazo gihambaye ni iki: Abo muri bwa bwami bwa Isirayeli bwari bugizwe n’imiryango cumi tubafatiye hamwe, boba baragarutse kuri Yehova, bakagaragaza ukwigaya nyakuri?. Inyishu ni oya. Yehova avuga abicishije kuri Hoseya ati: “Ewe Efurayimu, mbega nkugire nte? Nawe nyene Yuda, ndakugire nte? Kuk’urukundo munkunda rumeze nk’igipfungu co mu gatondo-tondo, kandi nk’urume ruta mu kanya gato” (Hoseya 6:4). Ese ukuntu ico ari ikimenyamenya cerekana ukuntu abasavyi b’Imana bari barasinzikaye mu vy’impwemu! Ubuntu-mvarukundo, ari rwo rukundo rudahemuka, ni nk’aho bwari bwaranyitse nka kurya kw’igipfungu co mu gatondotondo gihera nk’aka kanya igihe izuba riserutse. Naho abantu baboneka nk’aho umengo bari bigaye, Yehova nta kintu na kimwe yabona cari gutuma abagirira ikigongwe. None ingorane yari hehe?

7 Ukwigaya kwa Isirayeli mu vy’ukuri ntikwari kuvuye ku mutima. Ku bijanye n’ukuntu Yehova yari yababajwe n’abasavyi biwe, muri Hoseya 7:14 havuga hati: “Ntibantakambiye bivuye ku mutima, ariko baborogera ku mariri yabo”. Umurongo wa 16 wongerako uti: “Barahindukira, ariko si kuri jewe Ūsumba vyose”; ni ukuvuga ko batahindukirira “ugusenga kuri hejuru” (NW, akajambo k’epfo). Abantu ntibashaka kugaruka ku gusenga Yehova kuri hejuru mu kugira amahinduka yari akenewe kugira ngo basubire kugiranira na we ubucuti. Emwe, ntibashaka vy’ukuri kugendana n’Imana!

8 Hariho iyindi ngorane ku bijanye n’ukwigaya kwa Isirayeli. Abantu bari bakibandanya gukora ivyaha, mu vy’ukuri bikaba vyari ivyaha vyinshi bitandukanye, ushizemwo kugira forode, kwica, kwiba, gusenga ibigirwamana no kugiranira amasezerano ataranga ubukerebutsi n’ayandi mahanga. Muri Hoseya 7:4, abo bantu bagereranywa n’‘itanure’ canke ifuru, bikaba biboneka ko kwari kubera ivyipfuzo bibi vyarurumba muri bo. Uravye ukuntu bari barasinzikaye mu vy’impwemu, boba bari bakwiye kugirirwa ikigongwe? Eka da! Hoseya abwira abo bagarariji yuko Yehova “[a]zokwibuka ibigabitanyo vyabo” akongera “[aka]bahanira ivyaha vyabo” (Hoseya 9:9). Emwe, nta kigongwe bogiriwe!

9. Amajambo ya Hoseya atwigisha iki ku bijanye n’ukwigaya be n’ukugirirwa ikigongwe?

9 Dusomye amajambo ya Hoseya, ni igiki twiga ku bijanye n’ukwigaya be n’ukugirirwa ikigongwe? Akarorero ko kutuburira k’Abisirayeli b’abahemu karatwigisha yuko, kugira Yehova atugirire ikigongwe, dutegerezwa kwigaya bimwe bivuye ku mutima. Mwene ukwo kwigaya kugaragazwa gute? Yehova ntahendwa n’amosozi canke amajambo. Ukwigaya nyakuri kubonekera mu bikorwa. Kugira ngo umunyavyaha agirirwe ikigongwe, ategerezwa kuvavanura n’ingendo yiwe yo gukora icaha maze agahuza ubuzima bwiwe n’ingingo mfatirwako ziri hejuru zijanye n’ugusenga Yehova kuri hejuru.

Ibimazi vyonyene ntibihimbara Yehova

10, 11. Dufatiye ku kuntu ibintu vyari vyifashe kuri Isirayeli, ni kubera iki ibimazi vyonyene bidahimbara Yehova?

10 Ubu na ho, reka tuganire ku cigwa kigira kabiri gishobora kudufasha kugendana na Yehova. Ico na co ni iki: ibimazi vyonyene ntibihimbara Imana. Muri Hoseya 6:6 havuga hati: “Imbabazi [canke “ubuntu-mvarukundo”, NW] ni zo [jewe Yehova] ngomba, s’ibimazi, n’ukummenya jewe Imana, kuruta ibimazi vyoshejwe”. Urabona ko Yehova ahimbarwa n’ubuntu-mvarukundo, ari rwo rukundo rudahemuka, iyo ikaba ari kamere yo mu mutima, akongera agahimbarwa n’uko umuntu amumenya. Mugabo ushobora kumbure kuba uriko uribaza uti: ‘Ni kubera iki uwo murongo uvuga yuko Yehova adahimbarwa n’“ibimazi” be n’‘amashikanwa yoshejwe’? Ivyo none ntivyasabwa mu gihe c’Ivyagezwe vya Musa?’.

11 Ego ni ko, ibimazi be n’amashikanwa vyarasabwa mu gihe c’Ivyagezwe, mugabo hari ingorane ikomeye abantu bo mu gihe ca Hoseya bari bafise. Biboneka ko hariho Abisirayeli bagamburuka buheze umwuga, bagatanga amashikanwa mu buryo bwo kwiyerekana ko bayobokera Imana kandi atari vyo. Muri ico gihe nyene, babandanya gukora ivyaha. Kuba barashishikara gukora ivyaha vyarerekana yuko batari bafise urukundo rudahemuka mu mitima yabo. Barerekanye kandi yuko bari barateye akagere ubumenyi bwerekeye Imana, kubera ko batariko babaho bahuza n’ubwo bumenyi. Asangwa abo bantu ata nyifato yo mu mutima ibereye bari bafise kandi bakaba batariko babaho mu buryo bugororotse, wumva none ibimazi batanga vyari kugira agaciro akahe? Ibimazi vyabo vyari igisesema kuri Yehova Imana.

12. Muri Hoseya 6:6 hatanga imburi iyihe ku bantu babayeho muri iki gihe?

12 Amajambo ya Hoseya aratanga imburi ku bantu benshi b’abanyamadini bo muri iki gihe. Barashikanira Imana amashikanwa mu kugira imigenzo yo mu vy’idini. Ariko rero, ugusenga kwabo kugira ikintu gito cane guhinduye ku kuntu bigenza ku musi ku musi, canke mbere ntikugire n’ico guhinduye. Abantu nk’abo boba vy’ukuri bahimbara Imana kandi imitima yabo itabasunikira ku kwironsa ubumenyi ntagakosa bwerekeye Imana no ku gushira mu ngiro ubwo bumenyi, mu kwamirira kure imigenzo iranga icaha? Ntihagire n’umwe yibaza yuko ibikorwa bisabwa n’idini ari vyo gusa bihimbara Imana. Yehova ntahimbarwa n’abantu bagerageza kwitonesha kuri we mu gusenga mu buryo bwo guheza umwuga gusa, aho kubaho vy’ukuri bisunga Ijambo ryiwe.​—2 Timoteyo 3:5.

13. Ni ibimazi bwoko ki dushikana, mugabo ni igiki dukwiye kugumiza ku muzirikanyi ku bijanye n’agaciro kavyo?

13 Kubera yuko turi abakirisu b’ukuri, turagumiza ku muzirikanyi yuko ibimazi vyonyene bidahimbara Imana. Ego ni ko, ntidushikanira Yehova ibimazi vy’ibitungwa. Mugabo, “duha Imana ikimazi co gukenguruka . . . , ni co mbuto z’iminwa ishima izina ryayo” (Abaheburayo 13:15). Birahambaye ko twirinda kuba nka ba Bisirayeli b’abanyavyaha bo mu gihe ca Hoseya, twiyumvira yuko dushobora gupfuka ibibi dukora mu gushikanira Imana mwene ivyo bimazi vyo mu vy’impwemu. Rimbura akarorero k’uwukiri muto umwe yisutse mu vy’ubuhumbu mu mpisho. Mu nyuma yiyemereye ati: “Narongereje umwanya namara mu busuku bwo mu ndimiro, niyumvira yuko hari ukuntu vyopfutse ico kibi nari narakoze”. Ivyo nta ho vyari bitaniye n’ivyo ba Bisirayeli bigira ibiro biteze bagerageje gukora. Ariko rero, Yehova yemera ikimazi cacu c’ugushemeza igihe gusa tugitanze tubitumwe n’imvo zibereye kandi tukaba dufise inyifato iranga ukuyobokera Imana.

Yehova arababara igihe abamusenga bamuteye akagere

14. Ubuhanuzi bwa Hoseya buhishura iki ku bijanye n’inyiyumvo Imana igira?

14 Icigwa kigira gatatu dukura muri Hoseya ikigabane ca 6 gushika ku kigabane ca 9, cerekeye ukuntu Yehova yiyumva igihe abamusenga bamuteye akagere. Imana ifise inyiyumvo zikomeye be n’inyiyumvo z’ikibabarwe. Iranezerwa n’abigaya ivyaha vyabo ikabagirira imbabazi zirangwa ikibabarwe. Ariko rero, igihe abasavyi bayo banse kwigaya, irafata ingingo ruhasha. Kubera yuko Imana yitaho cane ineza yacu, iranezerwa igihe tugendanye na yo tudahemuka. Muri Zaburi 149:4 havuga hati: “Uhoraho ahimbarwa n’abantu biwe”. Mugabo none, Imana yiyumva gute igihe abasavyi bayo bahemuka?

15. Twisunze ibivugwa muri Hoseya 6:7, Abisirayeli bamwebamwe bariko bakora gute?

15 Yehova avuga ku vyerekeye Abisirayeli bahemutse ati: “Bo, bishe isezerano nka Adamu: aho ni ho bāndyarukiye” (Hoseya 6:7). Ijambo ry’igiheburayo ryahinduwe ngo ‘kuryaruka’ risobanura kandi “gukorana uruyeri, guhemukira”. Muri Malaki 2:10-16, iryo jambo nyene ni ryo rikoreshwa mu kudondora inyifato y’ubuhemu y’Abisirayeli bahemukira abo bubakanye. Ku bijanye n’ukuntu iryo jambo rikoreshwa muri Hoseya 6:7, igitabu kimwe kivuga yuko iyo ari ‘impinyanyuro mberanya ijanye n’umubano w’ababiranye idondora ubucuti bahora bafitaniye na Yehova ukuntu bwari bumeze. Ibintu vyari bisigaye vyifashe nka kurya umuntu ahemukira uwo bakundana’.

16, 17. (a) Ihanga rya Isirayeli ryavyifashemwo gute ku bijanye n’isezerano Imana yari yaragiraniye na ryo? (b) Ni igiki dukwiye kwibuka ku bijanye n’ivyo dukora?

16 Yehova yabona ihanga rya Isirayeli nk’umugore wiwe w’ikigereranyo kubera isezerano yari yaragiranye na ryo. Ni co gituma igihe abasavyi biwe barenga n’ibigirankana ku vyo bemeranije na we muri iryo sezerano, ari nk’aho bariko bararenga ibigo. Imana yari nk’umugabo w’intahemuka, mugabo abasavyi bayo bo barayitaye!

17 Tuvuge iki kuri twebwe? Kugendana n’Imana canke kutagendana na yo biragira ico biyikozeko. Vyoba vyiza twibutse ko “Imana [ari] urukundo” be n’uko ivyo dukora bigira ico biyikozeko (1 Yohana 4:16). Dukurikiye ingendo mbi, twoshobora kubabaza Yehova, kandi nta nkeka ko bizotuma tutamuhimbara. Kugumiza ivyo ku muzirikanyi birashobora kutubuza gutwarwa n’inyosha mbi.

Ingene dushobora kwimbura ivyiza

18, 19. Ni ingingo ngenderwako iyihe dusanga muri Hoseya 8:7, kandi iyo ngingo ngenderwako yagaragaye gute ko ari iy’ukuri ku Bisirayeli?

18 Reka ubu na ho turimbure icigwa kigira kane dukura mu buhanuzi bwa Hoseya: ingene dushobora kwimbura ivyiza. Ku biraba Abisirayeli hamwe n’ukuntu ingendo yabo irimwo ubupfu be n’uko ata co imaze, Hoseya yandika ati: “Bābivye umuyaga bazokwimbura agashururu” (Hoseya 8:7). Hano turabona ingingo ngenderwako vyoba vyiza dushize ku muzirikanyi: hariho isano rirashe hagati y’ivyo dukora ubu be n’ibidushikira mu nyuma. Iyo ngingo ngenderwako yagaragaye gute ko ari iy’ukuri ku biraba abo Bisirayeli b’abahemu?

19 Kubera yuko abo Bisirayeli bashishikaye gukora icaha, bariko barabiba ibibi. Boba bari kubandanya babiba ibibi hanyuma ntibimbure inkurikizi mbi? Ata gukeka, ntibohunze urubanza rubi bociriwe. Muri Hoseya 8:13 havuga hati: “[Jewe Yehova] nzokwibuka ibigabitanyo vyabo, mbahanire ivyaha vyabo”. Muri Hoseya 9:17 na ho, dusoma duti: “Imana yanje izobata kure, kuko batayumviye; kandi bazoba inyererezi mu mahanga”. Emwe, Yehova yohaniye Abisirayeli ivyaha vyabo. Kubera yuko babivye ibibi, bokwimbuye ibibi. Urubanza Imana yabaciriye rwashitse mu 740 B.G.C. igihe Abashuri batembagaza bwa bwami bwa Isirayeli bwari bugizwe n’imiryango cumi maze bagatwara abantu baho mu bunyagano.

20. Ivyashikiye Abisirayeli bitwigisha iki?

20 Ivyashikiye abo Bisirayeli biratwigisha uku kuri guhambaye cane: ico tubiba ni co tuzokwimbura. Ijambo ry’Imana ritugabisha riti: “Ntimuzimire: Imana yo nticokorwa; kukw ic’umuntu abiba cose ari co azokwimbura” (Ab’i Galatiya 6:7). Turamutse tubivye ibibi, tuzokwimbura ibibi. Nk’akarorero, abiberaho mu bushegabo bazokwimbura inkurikizi zibabaje. Uwukora ikibi ntiyigaye azokwibonera ingaruka mbi.

21. Dushobora gute kwimbura ivyiza?

21 Dushobora gute none kwimbura ivyiza? Ico kibazo gishobora kwishurwa n’ikigereranyo coroshe. Mu gihe umurimyi ashaka kwimbura ingano, mbega yobiba uburo? Oya nawe ntu! Ategerezwa kubiba ico ashaka kwimbura. Muri ubwo buryo nyene, nimba dushaka kwimbura ivyiza, dutegerezwa kubiba ivyiza. Woba ushaka kubandanya kwimbura ivyiza, ni ukuvuga kugira ubuzima bumara akanyota muri iki gihe, ufise icizigiro co kubaho ibihe bidahera mw’isi nshasha y’Imana? Niba ubishaka, utegerezwa rero kubandanya kubiba ivyiza mu kugendana n’Imana no mu kubaho wisunga ingingo mfatirwako zayo zigororotse.

22. Ni ivyigwa ibihe twize muri Hoseya ikibane ca 6 gushika ku kigabane ca 9?

22 Kuva ku kigabane ca 6 gushika ku kigabane ca 9 co muri Hoseya, twize ivyigwa bine bishobora kudufasha kugendana n’Imana: (1) Ukwigaya nyakuri kugaragarira mu bikorwa; (2) ibimazi vyonyene ntibihimbara Imana; (3) Yehova arababara igihe abamusenga bamuteye akagere; (4) kugira twimbure ivyiza, dutegerezwa kubiba ivyiza. None ibigabane bitanu vya nyuma vyo muri ico gitabu ca Bibiliya bishobora gute kudufasha kugendana n’Imana?

Wokwishura gute?

• Ukwigaya nyakuri kugaragazwa gute?

• Ni kubera iki ibimazi vyonyene bidahimbara Data wa twese wo mw’ijuru?

• Yehova yiyumva gute igihe abamusenga bamuteye akagere?

• Dutegerezwa kubiba iki nimba dushaka kwimbura ivyiza?

[Ifoto ku rup. 23]

Urukundo rudahemuka rwa Isirayeli rwari rwaranyitse nka kurya kw’igipfungu co mu gatondotondo

[Ifoto ku rup. 23]

Ivyipfuzo bibi vya Isirayeli vyarurumba nka kurya kw’itanure

[Ifoto ku rup. 24]

Ni kubera iki Yehova yanse ibimazi vy’abasavyi biwe?

[Ifoto ku rup. 25]

Kugira twimbure ivyiza, dutegerezwa kubiba ivyiza

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika