Urwaruka ruribaza—Noshobora gute kuronka abagenzi nyakuri?
Yehova yaremye abantu ku buryo baryoherererwa ubugenzi. (Imig. 17:17; 18:1, 24) Kugira ngo umwe wese yungukire kuri ubwo bucuti, dutegerezwa guhitamwo abagenzi tuvyitondeye. (Imig. 13:20) Umaze kuraba iyi videwo Les jeunes s’interrogent—Comment se faire de vrais amis ? (Urwaruka ruribaza—Noshobora gute kuronka abagenzi nyakuri?), woba wokwishura ibi bibazo bikurikira?
Intangamarara:
(1) Umugenzi nyakuri ni iki?
Les obstacles à l’amitié (Intambamyi mu vy’ukuronka abagenzi):
(2) Dushobora gute gutsinda ingorane yo kwumva dukumiriwe? (Flp. 2:4) (3) Kubera iki dukwiye kugira umutima ukunze wo kuryohora kamere yacu, kandi ni nde yodufasha kubishikako? (2 Kor. 13:11) (4) Dushobora gute gutuma habaho uturyo two kuronka abandi bagenzi?—2 Kor. 6:13.
L’amitié avec Dieu (Kugiranira ubugenzi n’Imana):
(5) Dushobora gute kugiranira ubucuti burushirije kuba ubwa hafi na Yehova, kandi ni kubera iki ivyo bisaba akigoro? (Zab. 34:8) (6) Igihe Yehova tumugize we mugenzi asumba abandi bose, ni ubugenzi bwiza ubuhe twironkera?
Des amis peu recommandables (Abagenzi babi):
(7) Abagenzi babi ni bande? (1 Kor. 15:33) (8) Abagenzi babi bashobora gute gutuma umuntu yononekara mu vy’impwemu?
Une fiction contemporaine (Igikino cerekana ibishika mu gihe ca none):
(9) Inkuru yo muri Bibiliya yerekeye Dina itwigisha iki? (Ita. 34:1, 2, 7, 19) (10) Tara yisiguye gute ku bijanye n’ukwifatanya n’abakiri bato batemera? (11) Ni akaga akahe abagenzi ba Tara bo kw’ishure bamushizemwo? (12) Ni kubera iki abavyeyi ba Tara batashoboye kubona akaga yarimwo, ariko bavyifashemwo gute kugira ngo bamufashe gusubirana mu vy’impwemu? (13) Mushiki wacu umwe w’umutsimvyi yagaragaje gute ko ari umugenzi nyakuri wa Tara? (14) Ni ibiki Tara yahavuye atahura?
Insozero:
(15) Ni ivyigwa ibihe wakuye muri iyi videwo? (16) Woyikoresha gute kugira ngo ufashe abandi?
Ese twohitamwo abagenzi bazodufasha kuzigama ubugenzi bukomeye kuruta ubundi bwose, ni ukuvuga ubugenzi dufitaniye n’Imana!—Zab. 15:1, 4; Yes. 41:8.