ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 10/12 rup. 7
  • Uburyo butanu bwo kuronka inyigisho ya Bibiliya

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Uburyo butanu bwo kuronka inyigisho ya Bibiliya
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2012
  • Ivyo bijanye
  • Woba uhora ubaza abo muganira ko hari abandi bokurangira?
    Igikorwa dukorera Ubwami—2006
  • Igice ca 7: Kurongora inyigisho za Bibiliya zitera imbere
    Igikorwa dukorera Ubwami—2005
  • Ingene twokwigisha umuntu Bibiliya agashika ku kubatizwa​—Igice ca mbere
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2020
  • Ingene ishengero ryofasha abiga Bibiliya gutera imbere bakabatizwa
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2021
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2012
km 10/12 rup. 7

Uburyo butanu bwo kuronka inyigisho ya Bibiliya

1. Nimba ari urugamba kuronka inyigisho ya Bibiliya mu cibare cacu, twokora iki, kandi kubera iki?

1 Woba ubona ari urugamba kuronka umuntu wokwigisha Bibiliya? Nugume ugerageza. Yehova arahezagira abaguma bumiyeko mu gukora ivyo agomba. (Gal. 6:9) Ng’ibi ivyiyumviro bitanu vyogufasha.

2. Twokoresha gute uburyo bwo kubaza abantu ko boshima kwiga Bibiliya kugira ngo dutanguze inyigisho ya Bibiliya?

2 Nubabaze: Abantu benshi barazi yuko dushikiriza Umunara w’Inderetsi na Be maso!, ariko bashobora kuba batazi yuko twigisha abantu Bibiliya. Ubona gute igihe uriko urakora inzu ku nzu ubajije abantu nimba boshima kugirirwa inyigisho ya Bibiliya? Woshobora kandi kubaza abantu bashimishijwe uba usubiye kugendera nimba boshima kugirirwa inyigisho ya Bibiliya. Banse, wobandanya ubashira ibinyamakuru kugira ngo utsimbataze ugushimishwa. Hari umuvukanyi umwe yamaze imyaka itari mike ashira ibinyamakuru umugabo n’umugore bubakanye. Igihe kimwe ahejeje kubaha ibinyamakuru vyaheruka gusohoka, yarahindukiye ngo agende mugabo aca yibuka kubabaza ati: “Mwoshima kwiga Bibiliya?” Yaratangaye bishuye ngo “Ego.” Ubu barabatijwe.

3. Twoba dukwiye kwiyumvira ko abitaba amakoraniro bose baba basanzwe bafise uwubigisha Bibiliya? Sigura.

3 Abitaba amakoraniro: Ntiwiyumvire ko abantu bose bashimishijwe bitaba amakoraniro y’ishengero baba basanzwe biga Bibiliya. Umuvukanyi umwe avuga ati: “Abarenga ica kabiri c’inyigisho za Bibiliya nari mfise nazitanguje mu kuganira n’abantu bitaba amakoraniro.” Hari mushiki wacu yahisemwo kubaza umugore umwe w’umunyamasoni nimba bokwiga Bibiliya; uwo mugore yari afise abakobwa babatijwe bari mw’ishengero rimwe n’uwo mushiki wacu. Uwo mugore yari amaze imyaka nka 15 yitaba amakoraniro kandi yama ashika ku Ngoro y’Ubwami amakoraniro atanguye, akaba yataha amakoraniro agihera. Uwo mugore yaremeye kwiga Bibiliya kandi amaherezo yaraje mu kuri. Uwo mushiki wacu yandika ibi: “Ndababaye kubona naramaze imyaka 15 ntaramubaza nimba yoshima kwiga Bibiliya!”

4. Dushobora gute kuronka inyigisho ya Bibiliya mu kubaza abandi ko ata yo boturangira?

4 Baza abandi ko hari abo bokurangira: Mushiki wacu umwe arakora uko ashoboye kwose akajana n’abandi ku nyigisho zabo za Bibiliya. Abiherewe uburenganzira na nyene inyigisho, inyigisho iheze arabaza uwo mutohoji wa Bibiliya nimba azi abandi bantu bohimbarwa no kwiga Bibiliya. Igihe uhaye igitabu Ivyo Bibiliya yigisha umuntu wari waragendeye, woshobora kumubaza uti: “Woba uzi uwundi muntu yoshima kuronka mwene iki gitabu?” Rimwe na rimwe, uko ibintu biba vyifashe birashobora gutuma abamamaji n’abatsimvyi batoroherwa no kuyobora inyigisho y’umuntu kanaka baba barahuye mu cibare. Ku bw’ivyo, numenyeshe abandi ko ufise umwanya wo kuyobora inyigisho ya Bibiliya.

5. Kubera iki twobaza abatemera bubakanye n’abo mw’ishengero nimba boshima kwiga Bibiliya?

5 Abatemera bubakanye n’abemera: Mw’ishengero ryanyu hoba hari abamamaji bubakanye n’abatemera? Hari abatemera badashima kuganira ibijanye na Bibiliya n’abo bubakanye bakirisu, ariko bakaba bokwemera kwiga Bibiliya igihe hagize uwundi muntu atari uwo mu muryango iwabo abibasavye. Kenshi biraba vyiza kubanza kubaza umugabo canke umugore yemera kugira ngo umenye uburyo bwiza wokoresha mu gusaba uwo atemera ko mwokwigana Bibiliya.

6. Isengesho rihambaye ku rugero rungana iki igihe uriko uragerageza kurondera inyigisho ya Bibiliya?

6 Isengesho: Ntufatire mu rwara ububasha isengesho rifise. (Yak. 5:16) Yehova adusezeranira kwumviriza ivyo tumusaba igihe biba bihuye n’ivyo agomba. (1 Yoh. 5:14) Umuvukanyi umwe yari afise ibikorwa vyinshi akora yaratanguye gusenga asaba inyigisho ya Bibiliya. Umukenyezi wiwe yaribaza niba uwo mugabo wiwe azoronka umwanya wo kwitwararika inyigisho, canecane igihe iyo nyigisho yoba ifise ingorane nyinshi. Ku bw’ivyo, uwo mukenyezi yarabwiye Yehova ico kibazo igihe yariko arasenga asaba ko umugabo wiwe yoronka inyigisho ya Bibiliya. Haheze nk’indwi zibiri amasengesho yabo yarishuwe igihe umutsimvyi umwe wo mw’ishengero iwabo yaronka umuntu w’umugabo yipfuza kwiga Bibiliya aca amuha uwo muvukanyi. Uwo mukenyezi yandika ati: “Umuntu wese yumva ko atoshobora kuyobora inyigisho ya Bibiliya, nomubwira nti: Nudomeko mu masengesho utura kandi ntuhagarike gusenga usaba ico kintu. Twaragize umunezero urengeye uwo niyumvira.” Ugumye wumiyeko, na wewe nyene urashobora kuronka inyigisho ya Bibiliya kandi ukaronka umunezero uva ku gufasha umuntu guca ‘mu nzira ijana mu buzima.’—Mat. 7:13, 14.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika