Igice ca 7: Kurongora inyigisho za Bibiliya zitera imbere
Gutura isengesho mu gihe c’inyigisho
1. (a) Ni kubera iki bibereye ko inyigisho ya Bibiliya tuyitanguza tukongera tukayisozera n’isengesho? (b) Twokora iki kugira ngo dutangure kuza turasenga mu gihe c’inyigisho ya Bibiliya?
1 Kugira ngo abatohoji ba Bibiliya batere imbere mu vy’impwemu, umuhezagiro wa Yehova ni ntahara (1 Kor. 3:6). Ni co gituma bibereye ko inyigisho imaze gushinga imizi tuyitanguza tukongera tukayisozera n’isengesho. Ivyo akenshi turashobora kubigira ari ho tugitangura kwiga n’abantu bakunda ivy’ugusenga. Ku bandi na ho, hari aho twokenera kubanza kuraba igihe kibereye co gutangura kuza turasenga mu gihe c’inyigisho. Woshobora gukoresha Zaburi 25:4, 5 na 1 Yohana 5:14 kugira ufashe umutohoji gutahura igituma isengesho rikwiye guturwa, ugakoresha kandi na Yohana 15:16 kugira usigure igituma bihambaye gusenga Yehova biciye kuri Yezu Kirisitu.
2. Mu gihe umuvukanyikazi yaherekejwe n’umuvukanyi yabatijwe ku nyigisho ya Bibiliya, canke yaherekejwe n’umwamamaji w’igitsina gabo atarabatizwa, ni nde yotura isengesho?
2 Ni nde akwiye gutura isengesho mu gihe c’inyigisho ya Bibiliya? Mu gihe umuvukanyi yabatijwe yaherekeje umuvukanyikazi ku nyigisho, uwo muvukanyi ni we yotura isengesho, naho uwo muvukanyikazi ari we yoshobora kurongora iyo nyigisho, mugabo akayirongora yitwikiriye umutwe (1 Kor. 11:5, 10). Ariko rero, niba umuvukanyikazi yaherekejwe ku nyigisho n’umwamamaji w’Ubwami w’igitsina gabo atarabatizwa, uwo muvukanyikazi ni we yotura isengesho. Muri ico gihe, akwiye kuba yitwikiriye umutwe igihe atura isengesho be n’igihe arongora iyo nyigisho ya Bibiliya.
3. Ni ibiki bibereye gushirwa mu masengesho dutura mu gihe c’inyigisho ya Bibiliya?
3 Iryo sengesho ryoba ririmwo ibiki: Amasengesho aturwa mu gihe c’inyigisho ya Bibiliya ntakeneye kuba maremare, ariko akwiye kuba ari ayadomako. Turetse ukurondera ko Imana ihezagira iyo nyigisho be no kuyikengurukira ku kuri mwiga, birabereye gushemeza Yehova nka we Sôko ry’ivyo mwiga (Yes. 54:13). Turashobora no gushiramwo amajambo agaragaza ko twitwararika vy’ukuri nya mutohoji be n’uko dukenguruka ishirahamwe Yehova ariko arakoresha (1 Tes. 1:2, 3; 2:7, 8). Gusaba ko Yehova ahezagira utwigoro tw’uwo mutohoji kugira ashire mu ngiro ivyo ariko yiga, birashobora gufasha uwo mutohoji kubona akamaro ko kuba ‘uwukora ivy’iryo jambo’.—Yak. 1:22.
4. Ni ivyiza ibihe biva ku gutanguza no gusozera inyigisho ya Bibiliya n’isengesho?
4 Isengesho riturwa mu gihe c’inyigisho ya Bibiliya riravamwo ivyiza vyinshi. Rirazana umuhezagiro w’Imana (Luka 11:13). Rirashimika ku kuntu kwiga Ijambo ry’Imana ari ikintu co gufatana uburemere. Uko umutohoji yumviriza amasengesho dutura, aba ariko ariga ukuntu yosenga (Luka 6:40). Ikigeretseko, amasengesho aba avuye ku mutima wuzuye urukundo dukunda Imana be n’ugukenguruka kamere zayo ntangere, arashobora gufasha nya mutohoji kugiriranira ubucuti na Yehova.