Inyishu ku bibazo vyanyu
◼ Twoba dukwiye gutura isengesho mu gihe c’inyigisho ya Bibiliya tuyobora turi imbere y’umuryango?
Gutura isengesho imbere yo kuyobora inyigisho ya Bibiliya n’inyuma yo kuyiyobora birimwo ivyiza vyinshi. Biciye kw’isengesho, turasaba Yehova impwemu yiwe nyeranda kugira ngo ituyobore muri ico kiganiro. (Luka 11:13) Vyongeye, isengesho riratuma uwo mutohoji abona ko akwiye gufatana uburemere iyo nyigisho ya Bibiliya ariko aragirirwa, rikanatuma na we nyene amenya gusenga. (Luka 6:40) Ku bw’ivyo rero, ni vyiza ko dutangura kuza turatura isengesho turi kumwe n’uwo twigana Bibiliya hakiri kare bishoboka. Ariko rero, bivanye n’uko ibintu biba vyifashe, umwigisha arakwiye gukoresha ubukerebutsi mu guhitamwo nimba yotura isengesho mu gihe c’inyigisho ya Bibiliya ayobora ari imbere y’umuryango.
Ikintu gihambaye yorimbura ni ahantu iyo nyigisho iyoborerwa. Nimba aho hantu hasa n’ahiherereye, turashobora gutura isengesho rigufi tubigiranye ukwiyubara cane igihe dutanguye canke duhejeje kuyobora inyigisho nk’iyo iba imaze gushinga imizi. Yamara, mu gihe ivyo vyokwega amaso y’abahita canke bigatuma uwo mutohoji yumva ubuyega, vyoba vyiza turindiriye gushika iyo nyigisho ibereye ahantu hiherereye. Aho inyigisho ya Bibiliya yoba ibera hose, turakwiye gukoresha ubukerebutsi mu guhitamwo igihe twotangura kuza turatura isengesho mu gihe c’iyo nyigisho.—Raba Igikorwa dukorera Ubwami co muri Ntwarante 2005, ku rupapuro rwa 4.