‘Musenge murtya’
WOBA uzi amajambo ari muri ca gisabisho ca Dawe wa twese? Ni isengesho ry’akarorero Yezu Kirisitu yigishije. Igihe yariko ashikiriza ya Nsiguro yiwe ya rurangiranwa yo ku Musozi, yavuze ati: “Nuko musenge murtya” (Matayo 6:9). Kubera ko ari Yezu yarizanye, hari abaryita Isengesho ry’Umukama, rikaba kandi rikunze kwitwa igisabisho ca Dawe wa twese.—Mu kilatini ni Paternoster.
Abantu amamiliyoni hirya no hino kw’isi barafashe ku mutwe ico gisabisho ca Dawe wa twese kandi bakama bagisubiyemwo kenshi, kumbure ku musi ku musi. Muri iyi myaka ya vuba, abenshi bagiye baravuga ku mutwe ico gisabisho mu mashure no mu birori be no ku misi mikuru vy’igihugu. Ni kubera iki ico gisabisho ca Dawe wa twese gihabwa agaciro cane gutyo?
Umunyatewolojiya wo mu kinjana ca gatatu yitwa Sipiriyano yanditse ati: “Ni ikihe gisabisho c’ivy’Imana coza kiruta kimwe twahabwa na Kirisitu . . . ? Ni ugusaba Dawe we twese ukuhe kwoba ukw’ukuri kurusha kumwe twahabwa n’Umwana ari we Kuri?”.—Yohana 14:6.
Mw’ikatikisimu yayo, Ekeleziya gatolika ya Roma ibona ko ca gisabisho ca Dawe wa twese “ari co gisabisho c’ishimikiro c’abakirisu”. Inkoranyabumenyi imwe (The World Book Encyclopedia) iremeza icese ico kibanza gihambaye ico gisabisho gifise mu madini yose y’abiyita abakirisu, ikavuga ko ari kimwe mu “bintu vy’ishimikiro bigize ukwemera kw’abakirisu”.
Ariko rero, nta wohakana ko benshi mu basubiramwo ca gisabisho ca Dawe wa twese batagitahura neza. Ikinyamakuru kimwe co muri Kanada (Ottawa Citizen) kivuga giti: “Nimba wakuriye mu bakirisu, urashoboye kumbure gusubiramwo unyaraguritsa kandi utaruhutse ca gisabisho ca Dawe wa twese, mugabo hari aho vyokugora kukivuga buhorobuhoro ugerageza kugitahura”.
Vyoba koko bihambaye ko dutahura amasengesho dutura Imana? Ni kubera iki Yezu yaduhaye ico gisabisho ca Dawe wa twese? Gisobanura iki kuri wewe? Reka turimbure ivyo bibazo.