Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 4 Ruhuhuma
INDWI ITANGURA KU WA 4 RUHUHUMA
Ururirimbo rwa 70 n’isengesho
□ Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
jr ikig. 5 ing. 1-6, n’uruzitiro ruri ku rup. rwa 55 (Imin. 30)
□ Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: Matayo 22-25 (Imin. 10)
No. 1: Matayo 23:25-39 (Imin. 4 canke idashika)
No. 2: Ibanga abavyeyi bajejwe ku bana—td 37C (Imin. 5)
No. 3: Ni uburorero ubuhe bwo muri Bibiliya bwerekana ko amajambo avugwa mu Migani 3:5 aranga ubukerebutsi? (Imin. 5)
□ Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 10: Ukuntu twoshikiriza ibinyamakuru muri Ruhuhuma. Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza. Nufate amasegonde ari hagati ya 30 na 60 uvuge igituma ivyo binyamakuru bizoshimisha abantu bo mu cibare canyu. Hanyuma, ufatiye ku biganiro vyo mu Munara w’Inderetsi bihuye n’umutwe wo ku gipfukisho, nusabe abumviriza bavuge ikibazo kivyura ugushimishwa bobaza, uce ubasaba bavuge icanditswe bosoma. Nubigenze nk’ukwo nyene ku biganiro vyo muri Be maso! bihuye n’umutwe wo ku gipfukisho, hanyuma umwanya ubibakundiye, ubigenze gutyo no ku kindi kiganiro kimwe co muri ivyo binyamakuru. Nimugire umwerekano w’ukuntu kimwekimwe cose muri ivyo binyamakuru coshobora gushikirizwa, mukoresheje ibinyamakuru muheruka kuronka mw’ishengero.
Imin. 10: “Nugire ikintu ushira ku ruhande.” Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza gishingiye ku mayagwa yo mu Gikorwa dukorera Ubwami co muri Nzero 2002 urupapuro rwa 7 no mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Myandagaro 2009, urupapuro rwa 30, munsi y’agatwe kavuga ngo “Intererano abantu ba kera basabwa gutanga be n’izo batanga bavyishakiye.”
Imin. 10: Ibikenewe iwanyu.
Ururirimbo rwa 95 n’isengesho