Ibikurubikuru vyo mu murimo wo mu ndimiro
Raporo y’umwaka w’umurimo wa 2012 iraremesha cane. Twashikiriye igitigiri gishasha c’abamamaji 11.136, hakaba habaye iyongerekana ry’ibice 7 kw’ijana ugereranije n’umwaka wahera. Ubu hari amashengero 221, hakaba hiyongereyeko 19 ku yari ahari mu mwaka wahera, be n’umuzunguruko 1 mushasha watangujwe muri Nyakanga.
Abantu 276 barize gusoma no kwandika mu Ngoro z’Ubwami zacu muri uwu mwaka uheze, hakaba hiyongereyeko 125 ku bari bize mu mwaka wahera. Abantu 780 ni bo babatijwe.