ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 1/13 rup. 3
  • “Mukunde umuryango wose w’abavukanyi”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Mukunde umuryango wose w’abavukanyi”
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2013
  • Ivyo bijanye
  • Igituma Dukunda Umuryango Wacu Wose w’Abavukanyi
    Igikorwa dukorera Ubwami—2002
  • Hezagira umuryango wacu w’abavukanyi
    Ririmbira Yehova amashemezo
  • Umuryango w’abavukanyi wunze ubumwe
    Ishirahamwe rikora ivyo Yehova agomba
  • Urukundo Rwawe Rwagutse ku Rugero Rungana Iki?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2013
km 1/13 rup. 3

“Mukunde umuryango wose w’abavukanyi”

Ayo majambo yahumetswe haraciye nk’imyaka ibihumbi bibiri yanditswe. (1 Pet. 2:17) Ariko turakeneye kuyashira mu ngiro ubu kuruta ikindi gihe cose! None twokunda gute umuryango munini ukuraho? Muri ino si itagiramwo urukundo, twokora iki kugira ngo urukundo rwacu ntirwigere ruyama? (Mat. 24:12) Nurabe nimba wokwishura ibibazo bikurikira igihe urorera ividewo Umuryango wacu wose w’abavukanyi.

(1) Ni ryari twinjiye icese mu muryango wacu wa gikirisu? (2) Ni ibintu bitatu ibihe dukora uko tugize umuryango w’abavukanyi ukwiye kw’isi yose? (3) Ni gute abavukanyi bacu berekana ko bafise umwiyemezo wo kwamamaza (a) mu gahinga ka Alaska, (b) ku kivuko amahero c’i Buraya no (c) mu mashamba ya manyenye yo muri Peru? (4) Kubera iki tudakwiye kwigera twiyumvira ko kwamamaza ari igikorwa gisanzwe? (5) Nutange uburorero bwerekana ukuntu Ivyabona vya Yehova baremeshanije bongera barashigikirana (a) inyuma ya nyamugigima, (b) inyuma y’igihuhusi no (c) mu kiringo c’intambara y’abanyagihugu? (6) Ni mu buryo buboneka ubuhe twogaragaza ikimenyetso gihambaye kiranga umuryango wacu wa gikirisu? (Yoh. 13:35) (7) Ni ivyiza ibihe biva ku gukorera hamwe mu kwubaka Ingoro z’Ubwami zacu? (8) Ni gute abavukanyi bacu bo mu Buraya bwo mu buseruko no mu Burusiya bagumye bakomeye mu vy’impwemu igihe igikorwa cari kibujijwe? (9) Ni utwigoro tudasanzwe utuhe Ivyabona benshi usanga bagira kugira ngo bitabe amahwaniro, kandi kubera iki? (10) Iyo videwo yakomeje gute umwiyemezo wawe (a) wo gusenga Yehova ku makoraniro ya gikirisu dufatanye mu nda n’abavukanyi bacu, (b) wo gufasha abandi igihe bari mu ngorane, (c) n’uwo kwamamaza udahemuka igihe ico ari co cose no mu buryo ubwo ari bwo bwose uko ubishoboye? (11) Ni gute twokoresha iyi videwo mu busuku, kandi twobigira ryari?

Impamvu nyamukuru ituma tuba mu bagize umuryango wacu wa gikirisu ni uko dukunda Yehova. Turakunda kwiga ibimwerekeye no kuvyigisha abandi. Vyongeye, turakunda abo Yehova akunda. Igihe tubafashije bari mu ngorane, ntitwitega ko Imana idushimira. Ahubwo ni twe dushimira Imana kubera ko tubona yuko umuryango wacu wa gikirisu ari ingabirano y’agaciro iva kuri yo. Uko imisi ya nyuma y’iyi si itagiramwo urukundo itera yegereza kw’iherezo ryayo, ese twobandanya kugaragariza urukundo umuryango wacu wose w’abavukanyi!

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika