ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 4/13 rup. 7
  • Woba wama uraba ku kibaho c’amatangazo?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Woba wama uraba ku kibaho c’amatangazo?
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2013
  • Ivyo bijanye
  • Abacungezi bo kuragira ubusho
    Ishirahamwe rikora ivyo Yehova agomba
  • Ubuyobozi bujanye n’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu
    Ubuyobozi bujanye n’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu
  • Urutonde rushasha rw’amakoraniro y’ishengero
    Igikorwa dukorera Ubwami—2008
  • Abakozi b’ishengero bajejwe ibanga irihe?
    Ni bande bariko barakora ivyo Yehova agomba muri iki gihe?
Igikorwa dukorera Ubwami—2013
km 4/13 rup. 7

Woba wama uraba ku kibaho c’amatangazo?

Abakurambere, abakozi b’ishengero be n’abandi bafise amabanga mw’ishengero bama baraba ku kibaho c’amatangazo kugira ngo bamenye igihe bazoba bafise igikorwa kinaka. Ariko rero, abagize ishengero bose barashobora gusanga amakuru ahambaye ku kibaho c’amatangazo. Woba uzi igihe muzoba mushikiriwe gusukura Ingoro y’Ubwami? Hoba hari amakete ahambaye umucungezi w’umuzunguruko canke ibiro vy’ishami barungikiye ishengero ryanyu? Woba uzi umutwe-shimikiro w’insiguro y’icese yo muri ino ndwi kugira ngo uzoshobore gutumira uwo mwigana Bibiliya? Hoba hari ivyahinduwe ku rutonde rw’amakoraniro canke rw’umugwi urimwo wo gusohoka mu ndimiro? Menshi muri ayo makuru ntagitangazwa mu makoraniro, kandi hari aho bitoshoboka ko abakurambere bayamenyesha umwamamaji wese ku giti ciwe. Ku bw’ivyo, turakwiye kwama turaba ku kibaho c’amatangazo. Nitwaza turaraba ku kibaho c’amatangazo, ibintu vyose bizoba “mu buryo bubereye kandi ku rutonde.”—1 Kor. 14:40.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika