Woba wama uraba ku kibaho c’amatangazo?
Abakurambere, abakozi b’ishengero be n’abandi bafise amabanga mw’ishengero bama baraba ku kibaho c’amatangazo kugira ngo bamenye igihe bazoba bafise igikorwa kinaka. Ariko rero, abagize ishengero bose barashobora gusanga amakuru ahambaye ku kibaho c’amatangazo. Woba uzi igihe muzoba mushikiriwe gusukura Ingoro y’Ubwami? Hoba hari amakete ahambaye umucungezi w’umuzunguruko canke ibiro vy’ishami barungikiye ishengero ryanyu? Woba uzi umutwe-shimikiro w’insiguro y’icese yo muri ino ndwi kugira ngo uzoshobore gutumira uwo mwigana Bibiliya? Hoba hari ivyahinduwe ku rutonde rw’amakoraniro canke rw’umugwi urimwo wo gusohoka mu ndimiro? Menshi muri ayo makuru ntagitangazwa mu makoraniro, kandi hari aho bitoshoboka ko abakurambere bayamenyesha umwamamaji wese ku giti ciwe. Ku bw’ivyo, turakwiye kwama turaba ku kibaho c’amatangazo. Nitwaza turaraba ku kibaho c’amatangazo, ibintu vyose bizoba “mu buryo bubereye kandi ku rutonde.”—1 Kor. 14:40.