Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 6 Rusama
INDWI ITANGURA KU WA 6 RUSAMA
Ururirimbo rwa 26 n’isengesho
□ Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
jr ikig. 9 ing. 1-7 (Imin. 30)
□ Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: Yohani 1-4 (Imin. 10)
No. 1: Yohani 3:22-36 (Imin. 4 canke idashika)
No. 2: ‘Kugenda twisunga impwemu’ bisobanura iki vy’ukuri?—Gal. 5:16 (Imin. 5)
No. 3: Urusengero rwa gikirisu ni iki?—td 42A (Imin. 5)
□ Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 10: Ukuntu twoshikiriza ibinyamakuru muri Rusama. Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza. Nufate amasegonde ari hagati ya 30 na 60 uvuge igituma ivyo binyamakuru bizoshimisha abantu bo mu cibare canyu. Hanyuma, ufatiye ku biganiro vyo mu Munara w’Inderetsi bihuye n’umutwe wo ku gipfukisho, nusabe abumviriza bavuge ikibazo kivyura ugushimishwa bobaza, uce ubasaba bavuge icanditswe bosoma. Nubigenze nk’ukwo nyene ku biganiro vyo muri Be maso! bihuye n’umutwe wo ku gipfukisho, hanyuma umwanya ubibakundiye, ubigenze gutyo no ku kindi kiganiro kimwe co muri ivyo binyamakuru. Nimugire umwerekano w’ukuntu kimwekimwe cose muri ivyo binyamakuru coshobora gushikirizwa, mukoresheje ibinyamakuru muheruka kuronka mw’ishengero ryanyu kandi mwisunge Igikorwa dukorera Ubwami catanzwemwo uburyo bwo kubishikiriza.
Imin. 10: Ibikenewe iwanyu.
Imin. 10: Yehova ubwiwe atubatse inzu, abubatsi bayo baba baruhiye ubusa. (Zab. 127:1) Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza gishingiye ku Gitabu c’umwaka 2013, kuva ku rupapuro rwa 149, ingingo ya 1, gushika ku rupapuro rwa 151, ingingo ya 1. Nusabe abumviriza bavuge ivyigwa bahigiye.
Ururirimbo rwa 47 n’isengesho