IKIGABANE C’ICENDA
Niwirinde ‘kwironderera ibintu bihambaye’
1, 2. (a) Ni ingorane iyihe yashikiye Baruki mu mwaka ugira kane Yehoyakimu ari ku ngoma? (b) Yehova yafashije gute Baruki?
BARUKI umwanditsi w’intahemuka wa Yeremiya vyarashitse arumva ko arambiwe. Hari mu mwaka ugira kane Umwami w’umubisha Yehoyakimu ari ku ngoma, nko mu 625 B.G.C. Umuhanuzi Yeremiya yarabwiye uwo mwanditsi ngo yandike mu muzingo w’igitabu ivyo Yehova yari yaravuze vyose ku vyerekeye Yeruzalemu be n’ubwami bwa Yuda, uhereye igihe uwo muhanuzi yatangura ico gikorwa co kuvuga ubuhanuzi, ni ukuvuga mu myaka 23 yose yari ihaciye. (Yer. 25:1-3; 36:1, 2) Baruki ntiyaciye asomera Abayuda ivyari muri nya muzingo akimara kuwandika. Ivyo yabigize mu mwaka wakurikiye. (Yer. 36:9, 10) Ariko none, hoba hari ikintu cari kibujije amahoro Baruki?
2 Baruki yavuze anihagira ati: “Ndagowe rero, kuko Yehova yongeye intuntu ku mubabaro wanje! Ndambiwe n’ukuniha kwanje.” Na wewe bishobora kuba vyarashitse ukumva urambiwe ku buryo userura inyiyumvo ufise mu kunihagirira mu mutima canke ukabigira n’ijwi ryumvikana. Uko Baruki yoba yarabigize kwose, Yehova yarumva. Umwe asuzuma imitima y’abantu yari azi icari kibujije amahoro Baruki, kandi abicishije kuri Yeremiya, yarakosoye Baruki n’umutima mwiza. (Soma Yeremiya 45:1-5.) Ariko hari aho wokwibaza igituma Baruki yumva arambiwe. Yoba yabitumwe n’igikorwa yari yashinzwe canke kumbure yoba yabitewe n’ukuntu ibintu vyari vyifashe igihe yariko arangura ico gikorwa? Mu vy’ukuri, ivyari mu mutima wiwe ni vyo vyatuma agira iyo ngorane. Urabona, Baruki yariko “[yi]ronderera ibintu bihambaye.” Uti none vyari ibiki? Ni igiki Yehova Imana yavuze ko Baruki yoronse aramutse yemeye impanuro be n’ubuyobozi yari yamuhaye? Vyongeye, ni igiki dushobora kwigira ku vyashikiye Baruki?
IVYO “BINTU BIHAMBAYE” VYARI IBIKI?
3. Ni igiki catumye Baruki agira ingorane mu vy’impwemu?
3 Baruki ategerezwa kuba yari azi ivyo “bintu bihambaye” ivyo ari vyo. Uwo mwanditsi yari azi neza yuko ‘amaso y’Imana ari ku nzira z’umuntu, kandi ko intambuko ziwe zose azibona.’ (Yobu 34:21) Igihe Baruki yariko yandika amajambo y’ubuhanuzi yabwirwa na Yeremiya, ico gikorwa ubwaco si co catuma yumva ko ‘ata buruhukiro afise.’ Ahubwo yabitumwa n’ivyo we yabona ko ari vyo bihambaye, ni ukuvuga ivyari mu mutima wiwe. Kubera ko Baruki yari yatwawe n’ivyo kwironderera “ibintu bihambaye,” yaribagiye ibintu bihambaye kuruta ibindi ivyo ari vyo, bino bikaba ari ibijanye no gukora ivyo Imana igomba. (Flp. 1:10) Bibiliya y’isi nshasha irashira ahabona iciyumviro giserurwa mu rivuga ryo mu ntango ryakoreshejwe muri uwo murongo, mu kurihindura ngo ‘kuguma arondera.’ Si iciyumviro rero c’akanya gato. Baruki yari amaze igihe ariko arironderera “ibintu bihambaye” igihe Yehova yamuburira ngo abireke. Magingo uwo munyamabanga w’umwizigirwa wa Yeremiya yariko agira uruhara mw’ishitswa ry’ivyo Imana igomba, yari ahahamiye kandi kwironkera “ibintu bihambaye.”
4, 5. Ni kubera iki kuba rurangiranwa be n’uguhabwa icubahiro bishobora kuba ari vyo “bintu bihambaye” Baruki yariko yironderera, kandi ni kubera iki imburi Yehova yamuhaye yari ibereye?
4 Mu vyari biraje ishinga Baruki, hashobora kuba hari harimwo ivyo kuba rurangiranwa no guhabwa icubahiro. Naho Baruki yigeze kuba umunyamabanga wa Yeremiya, ashobora kuba atari uwa Yeremiya gusa. Muri Yeremiya 36:32 herekana yuko Baruki yari asanzwe akora umwuga wo kuba “umunyamabanga.” Ivyacukuwe birerekana ko yari umukozi mukuru wo ku kirimba. Nkako, “Elishama,” uno akaba yari umwe mu baganwa ba Yuda, na we nyene aravugwa ko yari “umunyamabanga.” Ivyo bica bitanga iciyumviro c’uko Baruki na we nyene yari afise uburenganzira bwo gushika “ku cumba c’uburiro c’umunyamabanga” co mu “nzu y’umwami,” ari umwe mu bakozi bakorana na Elishama. (Yer. 36:11, 12, 14) Baruki ategerezwa rero kuba yari umukozi yize yakorera ku kirimba. Mwene wabo Seraya yari umugabuzi mukuru w’Umwami Zedekiya kandi yarajanye n’uwo mwami mu rugendo ruhambaye rw’akazi yigeze kugira i Babiloni. (Soma Yeremiya 51:59.) Kubera ko Seraya yari umugabuzi mukuru, ni we yitwararika ibifungurwa vy’umwami be n’uburaro bwiwe igihe yaba ari ku rugendo, ico kikaba rero cari igiti gikomeye cane.
5 Uca ubona rero igituma Baruki, uwari afise igiti gikomeye ukuraho, vyarashitse akumva arambiwe no kuguma yandika ubutumwa bwerekeye urubanza Yuda yari yaciriwe. Nkako, gufata mu mugongo uwo muhanuzi w’Imana bitegerezwa kuba vyaratumye Baruki ahakwa gukurwa muri ayo mabanga. Vyongeye, zirikana ku vyoshitse Yehova asambuye ico yari yarubatse, nk’uko tubisoma muri Yeremiya 45:4. “Ibintu bihambaye” Baruki yari afise ku muzirikanyi, kwaba kwari ukuduzwa igiti i bwami canke kuronka amatungo y’ivy’umubiri, nta co vyomumariye. Niba Baruki yariko arondera igiti gihambaye mu vy’Abayuda b’ico gihe vyari vyimirije gukurwaho, uca ubona ko Imana yari ifise imvo yumvikana yo kumubuza kwitsimbatazamwo ako gatima.
6, 7. Niba ibintu vy’umubiri ari vyo “bintu bihambaye” Baruki yariko yironderera, yari kuba agaragaje agatima nk’ak’abandi bantu abahe bo mu gihe ciwe?
6 Ariko rero, gutunga agatunganirwa bishobora kuba na vyo vyari muri ivyo “bintu bihambaye” Baruki yariko yironderera. Amahanga yari akikuje Yuda yibanda cane rwose ku butunzi yari afise. Abanyamowabu barizigira ‘ibikorwa vyabo be n’amatunga yabo.’ Abamoni na bo nyene kwari ukwo. Vyongeye, Yehova yari yarategetse Yeremiya kuvuga yuko Babiloni ifise “amatunga menshi.” (Yer. 48:1, 7; 49:1, 4; 51:1, 13) Naho vyari ukwo, Imana yari yaraciriye urubanza ayo mahanga.
7 Niba Baruki yariko yironderera ibintu vy’umubiri be n’ubutunzi, uca utahura rero igituma Yehova yamugabishije kuri ico kintu. Igihe Imana ‘yobanguriye ukuboko kwayo’ Abayuda, amazu yabo be n’imirima yabo vyociye vyegukira abansi babo. (Yer. 6:12; 20:5) Dufate ko ari mu gihe ca Baruki ukaba uba i Yeruzalemu. Benshi mu bo musangiye igihugu, ushizemwo abaganwa, abaherezi, be n’umwami ubwiwe, babona ko mukwiye kurwana n’Abanyababiloni baje kubatera. Yamara, uje wumva Yeremiya ashikiriza ubutumwa bugira buti: “Nimukorere umwami wa Babiloni mubone kubandanya kubaho.” (Yer. 27:12, 17) Vyoba vyari kukworohera kugamburuka ubwo buyobozi bw’Imana iyo uza kuba utunze ibintu vyinshi muri ico gisagara? Agaciro wobaye uha ivyo bintu koba kotumye wumvira imburi ya Yeremiya canke kotumye ukurikira ingendo ya benshi? Mu vy’ukuri, ibintu vyose vy’agaciro vyarangwa mu bwami bwa Yuda n’i Yeruzalemu, harimwo ivyari mu rusengero, vyosahuwe bikajanwa i Babiloni. Kwirukanga inyuma y’ibintu vy’umubiri kwobaye ari ugusabira ubusa. (Yer. 27:21, 22) Hari icigwa none twohakura?
Ni gute Yehova yakosoranye ubuntu agatima Baruki yari afise ko kwironderera “ibintu bihambaye”? Ni kubera iki ubona yuko kwemera gukosorwa n’Imana biranga ubukerebutsi?
“NZOGUHA KUNYAGA AMAGARA YAWE”
8, 9. Ni kubera iki twovuga ko vyari bihambaye cane kuri Baruki, kubona amagara yiwe ari wo munyago yatahukanye?
8 Reka ubu na ho tuzirikane kuri iki kibazo: “Ni igiki Baruki yoronse aramutse agamburutse ubuyobozi bw’Imana?” Nta kindi atari amagara yiwe! Baruki yarakuwe amazinda yuko yohawe ‘kunyaga amagara yiwe.’ (Soma Yeremiya 45:5.) Bisa n’uko ico gihe harokotse abantu bake. Uti ni bande? Ni abagamburutse ubuyobozi bw’Imana bwasaba kwishikana ku Bakaludaya. (Yer. 21:9; 38:2) Hari abokwibaza bati: ‘None amagara yabo, coba ari co kintu conyene gusa batahukanye, kandi bari bagamburutse?’
9 Iyumvire ukuntu ibintu vyari vyifashe i Yeruzalemu igihe Abanyababiloni bari bahasugereje. Abantu bo muri ico gisagara barahacumukuriye imbere y’uko gisangangurwa. Ariko uko si ko vyagenze kuri Sodomu kubera ko hoho bisa n’uko hasanganguwe mu kanya isase. Mu yandi majambo, abantu b’aho i Sodomu ntibabanje kuhacumukurira imbere y’uko hasangangurwa. (Int. 4:6) Baruki yari yaranditse ubuhanuzi bwavuga yuko abanyagihugu b’i Yeruzalemu bokwishwe n’inkota, ikigoyi, canke ikiza. Kandi ategerezwa kuba rero yariboneye iranguka ry’ubwo buhanuzi. Ibigega vy’ibifungurwa vy’i Yeruzalemu vyahavuye bisigara bigaragara. Mbega ibintu biteye ikinya kubona ba inabibondo bo muri ico gisagara, abari basanzwe ‘bafitiye impuhwe’ abana babo, barubahuka bagateka inyama z’abana babo hanyuma bakarya! (Int. 2:20; 4:10; Yer. 19:9) Mugabo, Baruki yararokotse. Emwe, kurokora ubuzima mu marushwa nk’ayo, ni wo ‘munyago’ vy’ukuri umuntu yari kuba atahukanye, uwogereranywa n’agashimwe ababa batahukanye intsinzi ku rugamba bahabwa. Birumvikana rero ko Baruki ategerezwa kuba yaremeye yongera arakurikiza impanuro yahawe n’Imana yamusaba kureka kwironderera “ibintu bihambaye.” Ukwo kurokoka kwiwe kurerekana ko yatoneshejwe na Yehova.—Yer. 43:5-7.
WOBA UZOKWIRONDERERA “IBINTU BIHAMBAYE”?
10, 11. Inkuru yerekeye Baruki ifitaniye isano gute n’ibiba muri iki gihe be n’ibidushikira umwe wese ku giti ciwe?
10 Naho Baruki yariko akorana umwete ivyo Imana igomba, yaramaze igihe ariko anyinyana n’icipfuzo co kurondera “ibintu bihambaye.” Yehova yaramuburiye, gutyo ntiyagenda akagirire mu vy’impwemu, eka kandi ntiyahasiga ubuzima. Vyoba vyoshika natwe tukageragezwa canke kumbure tukarengerwa n’ivyipfuzo vyashinze imizi mu mutima wacu, naho nyene twoba turiko turarangurana umwete umurimo wa Yehova?
11 Kuba rurangiranwa bishobora kuba vyarabereye Baruki ikigeragezo gikomeye. Woba ushobora kwiha ishusho ariko yibaza ati: ‘Nzokora iki kugira ngume ndi “umunyamabanga”? Mbega yemwe noba nzoteba nkaduzwa igiti?’ None tweho bite? Niwibaze uti: ‘Noba mfise umugambi wo kuzokora akazi kazotuma ndoranirwa muri iyi si, kumbure ivyo nkaba nabigize akabanga?’ Abakirisu bakiri bato bamwebamwe barakwiye kuzirikana kuri iki kibazo: ‘Icipfuzo co kubahwa no kubaho ntekaniwe mu vy’amahera, ivyo umuntu ashikako yize akaminuza, coba kiriko kirankwegakwegera mu vyo kwironderera “ibintu bihambaye”’?
12. Ni gute umuvukanyi umwe yarondeye ibintu bihambaye vyo kuninahaza Yehova, kandi wewe ubona gute iryo hitamwo yagize?
12 Umuvukanyi umwe ubu asukurira ku cicaro gikuru c’Ivyabona vya Yehova yari afise imyaka 15 igihe yemererwa kurihirwa amashure ya kaminuza. Yaranse kurihirwa ayo mashure, ahitamwo gukora ubutsimvyi, naho ivyo vyababaje cane abigisha biwe. Yamara, yagumye akunda ibijanye no kwiga. Yahavuye akorera umurimo w’ubumisiyonari mw’izinga rya kure cane. Yabwirijwe kwiga ururimi ruvugwa n’abantu baho badashika 10.000. Kubera ko ata nyizamvugo yo muri urwo rurimi yariho, yaciye yitunganiriza icegeranyo c’amajambo yo muri urwo rurimi be n’insobanuro yayo. Yahavuye amenya neza urwo rurimi, hanyuma arashingwa igikorwa co guhindura muri urwo rurimi bimwebimwe mu bisohokayandikiro vyacu. Mu nyuma, inyizamvugo ya mbere yo muri urwo rurimi yahavuye itunganywa hisunzwe rwa rutonde rw’amajambo uwo muvukanyi yigirira. Yarigeze kubwira isinzi ry’abari bitavye ihwaniro ry’intara ati: “Iyo nemera kwiga za kaminuza, ivyo noshitseko vyose vyobaye ari ibituma ninahazwa. Wanashaka, nta n’agapapuro k’umutsindo kabayabaye jewe mfise. Ni co gituma ivyo nashitseko vyose atari jewe vyitirirwa. Ahubwo vyose vyitirirwa Yehova.” (Imig. 25:27) None ubona gute iryo hitamwo uwo muvukanyi yagize afise imyaka 15? Mu myaka n’iyindi ihaciye, yaratewe uduteka twinshi mu basavyi b’Imana. None weho, ni mu buryo ki wipfuza gukoresha ububangukirwe ufise? Aho kwironderera icubahiro, woba wiyemeje kubukoresha kugira ngo ushemeze Yehova?
13. Ni kubera iki abavyeyi bamwebamwe bakwiye kuzirikana ku ngorane Baruki yigeze kugira?
13 Turakwiye kuba maso ku bijanye n’ukuronderera abacu “ibintu bihambaye” canke tukabirondera duciye kuri bo kubera ko twoba dubafiseko ububasha. Ushobora kuba umaze kubona ko abavyeyi batizera bakora uko bashoboye kwose kugira ngo umwana wabo ashike ku vyo bo batashitseko mu buzima canke ngo abe ari we biratira. Hari aho woba umaze kwumva abivugira ngo: “Sinshaka ko umwana wanje acumukurira ubusa nkanje” canke ngo “Nshaka ko yiga kaminuza kugira ngo azogire ubuzima bwiza.” Vyoshobora gushika abavyeyi bakirisu na bo nyene bakagira ivyiyumviro nk’ivyo. Ego ni ko umuntu yoshobora kwibwira ati: ‘Jewe sindiko ndironderera ibintu bihambaye.’ Ariko, ubwo ntiyoba ariko arabigira ku ruyeri ku rwenge, ni ukuvuga abicishije ku muhungu wiwe canke ku mukobwa wiwe? Nk’uko nyene Baruki ashobora kuba yaragize agatima ko kurondera ubukuru abicishije ku giti yari afise canke ku kazi yakora, ni ko n’umuvyeyi ashobora kuba ariko arondera kuba rurangiranwa biciye ku vyo abana biwe boshikako, ariko ntavyerekane. Ariko none, ugira ngo wa “musuzumyi w’imitima” ivyo ntabimenya, nka kumwe nyene vyagenda kuri Baruki? (Imig. 17:3) Mbega ntidukwiye gusaba Imana ngo isuzume ivyiyumviro vyo mu mutima wacu, nka kumwe kwa Dawidi? (Soma Zaburi 26:2; Yeremiya 17:9, 10.) Yehova yoshobora gukoresha uburyo butandukanye, nk’iki kiganiro cerekeye Baruki, kugira ngo atuburire ku bijanye n’akaga kari mu kurondera “ibintu bihambaye.”
Baruki ashobora kuba yariko yironderera “ibintu bihambaye” abicishije ku ki? Ni icigwa ikihe ivyo wovyigirako?
UMUTEGO URI MU “BINTU VY’AGACIRO”
14, 15. Ni gute twosanga amatungo y’ivy’umubiri abaye vyo “bintu bihambaye” dushira imbere?
14 Bite ho mu gihe amatungo y’ivy’umubiri yoba ari vyo “bintu bihambaye” Baruki yariko yironderera? Nk’uko twamaze kubibona, iyo Baruki aza kuba yari yaratwawe umutima n’ivyo atunze, kumbure vyari kumugora kugamburuka itegeko ry’Imana ryasaba kwishikana ku Bakaludaya. Ushobora kuba amaze kubona yuko umutunzi akenshi yibanda cane ku “bintu vy’agaciro” afise, ariko Bibiliya yerekana yuko uburinzi butangwa n’ivyo bintu ari ubwo “mu vyiyumviro vyiwe” gusa. (Imig. 18:11) Abasavyi ba Yehova bose barashobora kwungukira ku kugumiza ku muzirikanyi amajambo yo mw’Ijambo ryiwe yerekana ko dukwiye kwama tubona mu buryo buri ku burimbane amatungo y’ivy’umubiri. (Soma Imigani 11:4.) Yamara, hari aboshobora kwibaza bati: ‘Kubera iki none tutogacishamwo ngo twinovore ivyo iyi isi itanga?’
15 Igihe umukirisu atwawe umutima n’ibintu vy’umubiri, ivyo vyoshobora gutuma ahahamira ibintu vyo muri iyi si iriko irashira. Ukwo si ko Yeremiya na Baruki bari bameze. Haciye imyaka itari mike, Yezu yaraburiye abantu bobaye bariho igihe “Umwana w’umuntu [yobwirijwe] guhishurwa.” Yezu yababwiye ati: “Mwibuke muka Loti.” Vyoba bibereye kandi ko abakirisu bahimirizwa bati: ‘Mwibuke Yeremiya na Baruki.’ (Luka 17:30-33) Hamwe twotwarwa umutima n’ibintu vy’umubiri, vyotugora cane gukurikiza ayo majambo ya Yezu. Ntidukwiye kwibagira yuko Baruki yafashe nka nkama imburi Imana yamuhaye, maze ivyo bituma arokoka.
16. Igana ukuntu abasavyi b’Imana bagumije ibintu vy’umubiri mu kibanza cavyo.
16 Zirikana ku kuntu Ivyabona bo muri Rumaniya bari bamerewe ku ntwaro y’Abakomunisita. Vyarashika abo iyo Leta yatuma gusaka mu mazu yabo bagasahura ivyo batunze, na canecane ivyo babona ko bishobora kugurishwa. (Int. 5:2) Abavukanyi na bashiki bacu batari bake bari biteguriye guheba ivyo bari batunze. Bamwebamwe baraheba utwabo twose igihe baba bimuriwe mu kandi karere, ariko naho vyari ukwo, bagumye ari intadohoka kuri Yehova. Bishitse ugashikirwa n’ikigeragezo nk’ico, woba uzoguma wumiye ku bintu vy’umubiri maze ivyo bikubuze kuguma uri intadohoka ku Mana?—2 Tim. 3:11.
17. Yeremiya na Baruki bashobora gute kuba barungukiye ku vyo abantu bamwebamwe bo mu gihe cabo banditse?
17 Birashimishije kubona Yeremiya na Baruki barungukiye ku vyo abantu bamwebamwe bo mu gihe cabo banditse. Zefaniya yari umuhanuzi ku ngoma ya Yosiya, igihe Yeremiya na we nyene yariko arakora ico gikorwa. None Yeremiya yabona gute amajambo dusanga muri Zefaniya 1:18? (Soma.) Yeremiya ntiyaretse kuzirikanira hamwe na Baruki ayo majambo yahumetswe. Uwundi muntu yabayeho mu gihe ca Yeremiya ni Ezekiyeli, uwigeze kujanwa ari inyagano i Babiloni mu 617 B.G.C. Bimwebimwe mu vyo Ezekiyeli yakoze be n’ivyo yavuze vyari vyerekeye canecane Abayuda bari bagarutse mu gihugu cabo bavuye mu bunyagano, akaba ari co gituma, yaba Yeremiya canke Ezekiyeli, umwe wese muri bo yumvise ivyo uwundi yakoze kibure yavuze. Muri ivyo bintu Yeremiya yumvise hashobora kuba harimwo n’amajambo aboneka muri Ezekiyeli 7:19. (Soma.) Turashobora kwungukira kuri ayo majambo yahumetswe nk’uko nyene Yeremiya na Baruki bayungukiyeko. Ku musi wa Yehova, abantu bazokwambaza imana zabo ngo zibakize. Yamara rero, zaba imana zabo canke ubutunzi bwabo, nta na kimwe muri ivyo kizobakiza.—Yer. 2:28.
WOBA UZOHABWA ‘KUNYAGA AMAGARA YAWE’?
18. Ni igiki dukwiye kwipfuza kuronka nka wo mu munyago wacu, kandi ni igiki dusabwa?
18 Dukwiye kwama twibuka ko “amagara” yacu ari wo munyago Yehova yadusezeraniye ko tuzoronka. Naho hari abasavyi biwe bazohasiga ubuzima mu gihe c’uruhamo rwo muri “ya makuba akomeye” rushobora kuzoshika igihe amahembe ya ca gikoko agereranya ivy’intwaro azohindukirira amadini, izo ntahemuka ntizizoba vy’ukuri zaherengeteye. Yehova abasezeranira yuko bazosubira ata kabuza kugira “amagara” yabo, maze binovore “ubuzima nyakuri” mw’isi nshasha. (Ivyah. 7:14, 15; 1 Tim. 6:19) Ariko rero, turakurwa amazinda yuko abasavyi b’Imana benshi b’abizigirwa bazorokoka ya makuba akomeye. Urashobora kwizigira udakeka ko igihe Imana izoteza ivyago amahanga, ata mwizigirwa n’umwe azoba ari mu bazoba “bishwe na Yehova.”—Yer. 25:32, 33.
Nuhitemwo ikintu vy’ukuri gifise agaciro (Gereranya n’ibiri ku rupapuro rwa 46.)
19. Ni mu buryo ubuhe butandukanye kurimbura ibijanye na Yeremiya be na Baruki vyakomeje umwiyemezo ufise wokwirinda kwironderera “ibintu bihambaye”?
19 Hari aboshobora kuvunwa umutima n’uko “amagara” yabo ari wo munyago wonyene gusa bazoronka ico gihe, ariko ivyo mu vy’ukuri ntivyari bikwiye kubavuna umutima. Niwibuke ko igihe abanyagihugu b’i Yeruzalemu bariko bicwa na kigoyi, Yehova yazigamye Yeremiya. Uti gute? Umwami Zedekiya yarashize Yeremiya aho acungirwa mu Kigo c’Abarinzi yongera ategeka ko aza arahabwa “ku musi ku musi agakate k’umuzingi kavuye kw’ibarabara ry’abakora igikorwa co kwotsa, gushika imikate yose iheze mu gisagara.” (Yer. 37:21) Kandi, Yeremiya yarabandanije kubaho! Yehova arashobora gukoresha uburyo ubwo ari bwo bwose ahisemwo kugira ngo ashigikire abasavyi biwe. Nta gukeka ko azobashigikira kubera ko bizigira badakeka yuko bazoronka ubuzima budahera. Baruki yararokotse isangangurwa rya Yeruzalemu kubera ko yaretse ‘kwironderera ibintu bihambaye.’ Muri ubwo buryo nyene, turashobora kwitegana umushasharo kuzorokoka Harumagedoni, maze tugashemeza Yehova, twebwe abazoba baronse “amagara” yacu nka wo munyago, uwo tuzonezererwa ibihe bidahera.
Ni kubera iki ari biranga ubukerebutsi ko muri iki gihe tutironderera “ibintu bihambaye,” ariko ko twokwitegana umushasharo kwironkera ‘amagara’ yacu nka wo munyago?