ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w02 1/10 rup. 12-17
  • Yehova Arahezagira Akongera Agakingira Abantu Bagamburuka

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yehova Arahezagira Akongera Agakingira Abantu Bagamburuka
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ihanga Rigambarara Rigwa mu Mutego
  • Umwami Yononywe n’Abagenzi Babi
  • Umukarani Yakijijwe n’Ukugamburuka
  • Kugamburuka mu Gihe c’Igitero Vyararokoye Ubuzima
  • Ukugamburuka mu Gihe c’Igitero ca Gogi
  • Ukugamburuka Gutera Ukwizigira
  • Niwirinde ‘kwironderera ibintu bihambaye’
    Ijambo Imana itubwira biciye kuri Yeremiya
  • Baruki, wa mukarani w’intahemuka wa Yeremiya
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Yehova atwitegereza ku bw’ineza yacu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Yowasi yarahevye Yehova kubera abagenzi babi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
w02 1/10 rup. 12-17

Yehova Arahezagira Akongera Agakingira Abantu Bagamburuka

“Arik’ūntega ugutwi wese azoba amahoro, azokwama atekereje ata kibi atinya.”​—IMIGANI 1:33.

1, 2. Ni kubera iki kugamburukira Imana bihambaye? Tanga akarorero.

UDUSWI tw’umuhondo tugifise utwoya turemvye turiko tunobagura utwo kurya mu twatsi, tutinona na gato ko igisiga kiriko gihungiriza hejuru cane. Bukwi na bukwi, nyina watwo ica iduhamagara ituburira n’akajwi k’ubwoba yongera igogagura (ikokoza) ishanje amababa yayo. Uduswi duca twirukanga tuja iyo iri, maze mu kanya isase tuba twinyegeje munsi y’ivyubi vyayo. Nya gisiga nta co kiba kigikoze.a Ni ikihe cigwa dukuramwo? Ukugamburuka kurarokora ubuzima!

2 Ico cigwa kirahambaye canecane ku Bakirisu muri kino gihe, kubera ko Shetani ariko agira utwigoro twose dushoboka kugira acakire abasavyi b’Imana. (Ivyahishuriwe 12:9, 12, 17) Intumbero afise ni iyo gusenyura kamere yacu y’ivy’impwemu kugira ngo ntitube tugitoneshwa na Yehova, no kugira ngo dutakaze icizigiro c’ubuzima budahera. (1 Petero 5:8) Ariko rero, niba tugumye twiyegereza Imana kandi tukanyaruka gukurikira ubuyobozi duhabwa biciye mw’Ijambo ryiwe no mw’ishirahamwe ryiwe, turashobora guhera amazinda yuko atwitwararika mu kudukingira. Umwanditsi wa Zaburi yanditse ati: “Izokubundikira mu moya yayo, kand’uzohungira musi y’ivyubi vyayo.”​—Zaburi 91:4.

Ihanga Rigambarara Rigwa mu Mutego

3. Ukuba Isirayeli yaza iragambarara vyavuyemwo iki?

3 Igihe ihanga rya Isirayeli ryagamburukira Yehova, ryagumye ryungukira ku kwitwararikwa na we. Yamara, incuro zitari nke, abantu barataye Umuremyi wabo maze bakurikira imana zibajwe mu biti no mu mabuye, ibintu “vy’impfagusa bidashobora kugira ikimazi canke gukiza.” (1 Samweli 12:21) Haheze ibinjana n’ibindi ubugarariji nk’ubwo buba, ihanga ryose uko ryakabaye ryaradwibiye mu buhuni bumwe bw’ubutakivayo. Ku bw’ivyo, Yezu yavuganye agahinda ati: “Ewe Yerusalemu! Ewe Yerusalemu! Wica abavugishwa n’Imana, ugatera amabuye abagutumweko, ni kangahe nagomvye gukoranya abana bawe, nk’ukw inkoko ikoranya imiswi yayo iyibundikira mu vyubi vyayo, ntimwakunda! Rāba inzu yanyu muyitānywe ar’umusaka.”​—Matayo 23:37, 38.

4. Kuba Yehova yarahevye Yeruzalemu vyibonekeje gute mu 70 G.C.?

4 Kuba Yehova yari yarahevye Isirayeli yahunye, vyaribonekeje mu buryo buteye akagongwe mu 70 G.C. Muri uwo mwaka, ingabo z’Abaroma, izaje zimanitse amabendera hejuru ashushanijeko ishusho y’inkona, zarahwikiye Yeruzalemu kugira ngo zihagire agatikizo gakomeye. Ico gihe igisagara carimwo amasinzi y’abantu bari baje guhimbaza Pasika. Amashikanwa yabo menshi ntiyatumye batoneshwa n’Imana. Ico cari ikintu kibabaje cibutsa amajambo Samweli yabwiye Umwami w’umugambarazi Sauli, ati: “Mbeg’Uhoraho ahimbarwa n’ibimazi vyoswa n’ibindi bimazi gusumba ūmwumviye? Erega kwumvira gusumba ibimazi, no kuyoboka gusumba ibinure vy’impfizi z’intama.”​—1 Samweli 15:22.

5. Ni ukugamburuka kumeze gute Yehova asaba, kandi tuzi gute ko ukugamburuka nk’ukwo gushoboka?

5 Naho aguma ashimika asaba ukugamburuka, Yehova arazi neza aho ubushobozi bw’abantu banyagasebwa bugarukira. (Zaburi 130:3, 4) Ico asaba ni umutima utarimwo uburyarya be n’ukugamburuka gushingiye ku kwizera, urukundo be n’ugutinya kwiza kw’uko twohava tutamuhimbara, bitumwe n’imvo nziza. (Gusubira mu Vyagezwe 10:12, 13; Imigani 16:6; Yesaya 43:10; Mika 6:8; Abaroma 6:17) Kuba ukugamburuka nk’ukwo gushoboka vyaragaragajwe n’‘igipfungu c’Ivyabona b’imbere y’Ubukirisu,’ abumiye ku kutadohoka kwabo bahanganye n’ibigeragezo biteye ubwoba, mbere n’urupfu. (Abaheburayo 11:36, 37; 12:1) Ese ukuntu abo bantu batumye umutima wa Yehova unezererwa! (Imigani 27:11) Ariko rero, hari abandi batanguye ari abizerwa mugabo barananirwa kuguma mu ngendo y’ukugamburuka. Umwe muri abo yari Umwami Yowasi w’Ubuyuda bwa kera.

Umwami Yononywe n’Abagenzi Babi

6, 7. Yowasi yari umwami ameze gute igihe Yehoyada yari akiriho?

6 Umwami Yowasi yacitse kw’icumu akiri umwana. Yowasi amaze gushikana imyaka indwi y’amavuka, Umuherezi Mukuru Yehoyada, abigiranye uburindutsi, yaramugoboroye maze amugira umwami. Kubera ko Yehoyada uwatinya Imana yakora nka se wa Yowasi be n’umuhanuzi wiwe, uwo mutegetsi w’umusore “[yagumye] akora ivyo Uhoraho abona kw ari vyiza igihe cose Yehoyada umuherezi yabayeho.”​—2 Ngoma 22:10–23:1, 11; 24:1, 2.

7 Mu bikorwa vyiza Yowasi yakoze harimwo ivy’ugusanura urusengero rwa Yehova, kikaba cari igikorwa yari “[y]agir[iye] imigabo.” Yaribukije Umuherezi Mukuru Yehoyada ivy’uko hari hakenewe gutororokanya ikori ry’urusengero rivuye mu Buyuda n’i Yeruzalemu nk’uko ‘vyashinzwe na Musa,’ kugira ngo rikoreshwe ku bw’igikorwa c’ugusanura. Biragaragara ko Yehoyada yari yaroraniwe mu vyo kuremesha uwo mwami akiri muto kwiga no kugamburuka Ivyagezwe vy’Imana. Ico vyavuyemwo ni uko igikorwa co gusanura urusengero no gukora ibikoresho vyo muri rwo carangijwe ningoga.​—2 Ngoma 24:4, 6, 13, 14; Gusubira mu Vyagezwe 17:18.

8. (a) Ni igiki ahanini cashikanye Yowasi ku kugwa mu buryo bw’impwemu? (b) Ukugambarara kw’umwami amaherezo kwamushikanye ku gukora iki?

8 Ikibabaje, Yowasi ntiyabandanije kugamburukira Yehova. Kubera iki? Ijambo ry’Imana ritubwira riti: “Yehoyada amaze gupfa, abaganwa b’i Buyuda baraza, bakubita inkoro hasi imbere y’umwami. Maz’umwami yumviriza ivyabo. Maze baca baheba ingoro y’Uhoraho Imana ya ba sekuruza, basaba Ashera n’ibindi bishushanyo. Uburake bg’Uhoraho buraheza buza ku Bayuda no ku b’i Yerusalemu kubg’ico gicumuro cabo.” Akosho kabi k’abaganwa b’Ubuyuda katumye kandi umwami yima amatwi abahanuzi b’Imana, umwe muri bo akaba yari Zekariya umuhungu wa Yehoyada, uwakangiriye Yowasi be n’abantu abigiranye uburindutsi kubera ukugambarara kwabo. Aho kwigaya, Yowasi yategetse ko Zekariya yicishwa amabuye. Ese ukuntu Yowasi yacitse umuntu w’umugesera, w’umugambarazi, ivyo vyose bikaba vyatewe n’uko yatwawe n’akosho k’abagenzi babi!​—2 Ngoma 24:17-22; 1 Ab’i Korinto 15:33.

9. Ivyashikiye ubwa nyuma Yowasi be n’abaganwa bishimika gute ku vy’uko kugambarara ari ubupfu?

9 Kubera ko Yowasi be n’abaganwa babi bari bifatanije na we bari bahevye Yehova, vyahavuye bibagendera gute? Ingabo z’Abasiriya, izaje ari “igitero gito” gusa, zarashwaye Ubuyuda, maze “[zi]geseza abaganwa bose bo mu gihugu, [zi]rabamara.” Bene gutera barahase kandi umwami ngo ahebe amatungo yiwe bwite hamwe n’izahabu n’ifeza vy’urusengero. Naho Yowasi yarokotse, bamusize ari intere kandi arwaye. Hataraca n’imisi na mikeyi, abagarariji bavuye mu basuku biwe bwite baramugandaguye. (2 Ngoma 24:23-25; 2 Abami 12:17, 18) Ese ukuntu amajambo Yehova yabwiye Isirayeli yari ay’ukuri. Agira ati: “Ni mutumvira Uhoraho Imana yanyu, ngo mwitondere ivyagezwe vyiwe vyose n’amabgirizwa yiwe yose . . . , [i]mivumo . . . izobazako, ibashikīre.”​—Gusubira mu Vyagezwe 28:15.

Umukarani Yakijijwe n’Ukugamburuka

10, 11. (a) Ni kubera iki ari kirumara kuzirikana ku mpanuro Yehova yahaye Baruki? (b) Ni impanuro iyihe Yehova yahaye Baruki?

10 Woba rimwe na rimwe wumva wacitse intege kubera ko bakeyi mu bantu muhura uri mu busuku bwa gikirisu ari bo bagaragaza ko bashimishwa mu buryo bunaka n’inkuru nziza? Woba rimwe na rimwe wumva hari ukuntu unohokera abatunzi be n’uburyo babayeho burangwa ubwikunzi? Niba ari ukwo biri, zirikana ku vya Baruki, umukarani wa Yeremiya no ku mpanuro iranga urukundo Yehova yamuhaye.

11 Baruki yari akiriko arandika ubutumwa menyeshakazoza igihe Yehova yaraba ivyiwe. Yabiravye kubera iki? Kubera ko Baruki yatanguye kwidogera uko ivyiwe vyari vyifashe, atangura kwipfuza ibintu vyoba vyiza kuruta agateka kadasanzwe yari afise ko gusukurira Imana. Amaze kwitegereza iryo hinduka ryo mu nyifato ya Baruki, Yehova yaramuhaye impanuro itomoye kandi iranga ubuntu, avuga ati: “Mbega nawe wironderera [“ibintu bihambaye,” NW]? Ntub[i]rondere. Kuko rāba, [n]zozana ivyago ku bafise umubiri bose, . . . ariko weho [n]zoguha gukirira ah’uzoba ugiye hose.”​—Yeremiya 36:4; 45:5.

12. Ni kubera iki dukwiye kwirinda ivy’ukwironderera “ibintu bihambaye” muri uru runkwekwe rw’ibintu?

12 Mu majambo Yehova yabwiye Baruki, woba ushobora gutahura ukuntu yari yitwararitse bimwe bigera ibwina uwo mugabo mwiza, uwari yaramusukuriye adahemuka kandi abigiranye uburindutsi, ari kumwe na Yeremiya? No muri kino gihe, Yehova aritwararika mu buryo bugera ibwina abantu boshwa gukurikirana ibintu biyumvira ko ari vyiza kuruta, muri runo runkwekwe rw’ibintu. Igishimishije, nka kumwe kwa Baruki, benshi mu bantu nk’abo baremeye ukubogorwa kuranga urukundo kugirwa n’abavukanyi bahumuye mu vy’impwemu. (Luka 15:4-7) Emwe, ese twese twotahura yuko abironderera “ibintu bihambaye” muri uru runkwekwe ata kazoza bafise. Si uko gusa abantu nk’abo bananirwa kuronka ubuhirwe nyakuri, ahubwo ikirushirije kuba kibi ni uko vuba bazoshirana n’iyi si be n’ivyipfuzo vyayo vy’ubwikunzi.​—Matayo 6:19, 20; 1 Yohana 2:15-17.

13. Ni icigwa ikihe mu bijanye n’ukwicisha bugufi inkuru ya Baruki itwigisha?

13 Inkuru yerekeye Baruki iratwigisha kandi icigwa ciza mu vy’ukwicisha bugufi. Urabona yuko Yehova atari we yihanuriye Baruki, mugabo yabicishije kuri Yeremiya, Baruki agashobora kuba yari azi neza udusembwa Yeremiya afise, imico be n’inyifato bidasanzwe vyiwe. (Yeremiya 45:1, 2) Yamara, Baruki ntiyatwawe n’ubwibone; abigiranye ukwicisha bugufi, yaratahuye ko isoko nyakuri rya nya mpanuro yari Yehova. (2 Ngoma 26:3, 4, 16; Imigani 18:12; 19:20) Gutyo, nimba ‘tubonetseko icaha’ hanyuma tukaronka impanuro zikenewe zivuye mw’Ijambo ry’Imana, nimuze twigane ubuhumure, ugutahura kwo mu vy’impwemu be n’ukwicisha bugufi vya Baruki.​—Ab’i Galatiya 6:1.

14. Kubera iki ari ngirakamaro kuri twebwe kugamburukira abatuja imbere?

14 Ku ruhande rwacu, tugize agatima nk’ako k’ukwicisha bugufi, birafasha kandi abatanga nya mpanuro. Mu Baheburayo 13:17 havuga hati: “Mwumvire ababaganza, mubagamburukire: kukw ari bo bama bagavye bazigama imitima yanyu, nk’abazobibazwa; mugenze murtyo kugira ngo babikore banezerewe, batitsa umutima, kuko bimeze birtyo ata co vyomarira mwebge.” Urazi incuro abakurambere basuka ibiri mu mutima wabo babibwira Yehova, basaba uburindutsi, ubukerebutsi be n’ubuhanga bukenewe kugira bashitse uwo muce ugoye w’igikorwa cabo c’ubwungere! Nimuze “[tw]ame [tw]ibuka abameze bartyo.”​—1 Ab’i Korinto 16:18.

15. (a) Yeremiya yagaragaje gute ko yizigira Baruki? (b) Baruki yahawe impera gute kubera ukugamburuka kwiwe yagiranye ukwicisha bugufi?

15 Biragaragara ko Baruki yabogoye ivyiyumviro vyiwe, kubera ko mu nyuma Yeremiya yamushinze igikorwa kitoroshe co kugenda ku rusengero, maze agasoma n’ijwi rirenga bwa butumwa nyene bw’urubanza yiyandikira buvuye mu kanwa ka Yeremiya. Baruki yoba yaragamburutse? Emwe, yakoze “vyose nk’uk’ūvugishwa n’Imana Yeremiya yamubariye.” Nkako, yaranasomeye ubwo butumwa nyene abaganwa b’i Yeruzalemu, ivyo bikaba bitabuze kumusaba uburindutsi bwinshi. (Yeremiya 36:1-6, 8, 14, 15) Igihe igisagara cagwa mu maboko y’Abanyababiloni hashize nk’imyaka 18, iyumvire ukuntu Baruki ategerezwa kuba yarakengurutse kubona yarazigurijwe kubera yari yarumviye imburi ya Yehova maze akareka kwironderera “ibintu bihambaye”!​—Yeremiya 39:1, 2, 11, 12; 43:6.

Kugamburuka mu Gihe c’Igitero Vyararokoye Ubuzima

16. Yehova yagaragarije imbabazi gute Abayuda i Yeruzalemu mu gihe c’igitero c’Abanyababiloni mu 607 B.G.C.?

16 Igihe iherezo rya Yeruzalemu ryashika mu 607 B.G.C., imbabazi Imana yari ifitiye abantu bagamburuka zarongeye kwigaragaza. Mu gihe c’agaheta c’ico gitero, Yehova yabwiye Abayuda ati: “Rāba mbashize imbere inzira y’ubu[zima] n’inzira y’urupfu. Ūguma mur’iki gisagara azokwicwa n’inkota n’inzara n’ikīza: arik’ūsokoroka muri co, akīsaba Abakaludaya babugarije, azobaho, kand’azoba akijije amagara yiwe.” (Yeremiya 21:8, 9) Naho ababa i Yeruzalemu bari bakwiriye gusangangurwa, Yehova yaragaragarije imbabazi abantu bamugamburukiye, mbere no muri ico gihe kigoye, ku munuta wa nyuma.b

17. (a) Ni mu buryo bubiri ubuhe ukugamburuka kwa Yeremiya kwageragejwe igihe Yehova yamutegeka kubwira Abayuda bari batewe ‘kwisaba Abakaludaya’? (b) Dushobora gute kwungukira ku karorero ka Yeremiya k’ukugamburuka abigiranye uburindutsi?

17 Kubwira Abayuda kwiyorosha ntibibuze kuba vyaragerageje ukugamburuka kwa Yeremiya na kwo nyene. Kimwe coco ni uko yari afitiye ishaka izina ry’Imana. Ntiyashatse ko ricokorwa n’abansi, bano bakaba bokwitiriye intsinzi yabo ibigirwamana bidafise ubuzima. (Yeremiya 50:2, 11; Gucura Intimba 2:16) Vyongeye, Yeremiya yari azi ko mu kubwira abantu kwiyorosha yaba ariko ashira ubuzima bwiwe mu kaga gakomeye, kubera ko benshi bofashe amajambo yiwe ko ari ay’ubugumutsi. Yamara, ntiyatwawe n’ubwoba, ahubwo yarashikirije ivyo Yehova yamenyesheje abigiranye ukugamburuka. (Yeremiya 38:4, 17, 18) Nka kumwe kwa Yeremiya, na twebwe dushikiriza ubutumwa butakirwa na benshi. Ni bwa butumwa nyene bwatuma Yezu asuzugurwa. (Yesaya 53:3; Matayo 24:9) Ku bw’ivyo, nimuze ntitwigere ‘dutinya abantu,’ ariko, nka kumwe kwa Yeremiya, tugamburukire Yehova tubigiranye uburindutsi, tumwizigira tugaherezako.​—Imigani 29:25.

Ukugamburuka mu Gihe c’Igitero ca Gogi

18. Ni ibintu ibihe bigerageza ukugamburuka vyo muri kazoza abasavyi ba Yehova bazohangana?

18 Vuba, urunkwekwe rubi rwose rwa Shetani ruzosangangurwa muri ya “marushwa ahambaye” atari bwigere abaho. (Matayo 24:21) Nta nkeka ko imbere y’ico gihe no muri ico gihe nyene, abasavyi b’Imana bazoshikirwa n’ibigeragezo bikomeye bigerageza ukwizera n’ukugamburuka kwabo. Nk’akarorero, Bibiliya itubwira yuko Shetani, mu ruhara rwiwe rwo kuba “Gogi wo mu gihugu c’i Magogi,” azogaba igitero simusiga ku basavyi ba Yehova, mu kugomora ingabo ziwe zidondorwa ko ari “ingabo nyinshi . . . , [zi]meze nk’igipfungu cubikije mu gihugu.” (Ezekiyeli 38:2, 14-16) Kubera ko abasavyi b’Imana bazoba ari benshi kandi badafise ibirwanishwa, bazoronderera ubuhungiro mu “moya” ya Yehova, ayo asanza kugira ngo akingire abagamburuka.

19, 20. (a) Ni kubera iki ukugamburuka kwari guhambaye cane ku Bisirayeli igihe bari ku Kiyaga Gitukura? (b) Kuzirikana ku nkuru yo ku Kiyaga Gitukura twongera tubishira mw’isengesho bishobora gute kutwungura muri kino gihe?

19 Ivyo bintu biratwibutsa igihe Abisirayeli bava mu Misiri. Yehova amaze guteza Misiri vya vyago cumi biyogeza, ntiyaciye ayobora abasavyi biwe mu nzira ya hafi ishikana muri ca Gihugu c’Isezerano, ariko yabacishije ku Kiyaga Gitukura, aho bari gufatwa bitagoranye maze bagaterwa. Ufatiye ku kuntu umusirikare abona ibintu, ivyo vyasa n’ukwita mu kaga. Iyo uza kuba ariho uri, ubwo wogamburutse ijambo Yehova yavuze biciye kuri Musa, maze ukagenda werekeza ku Kiyaga Gitukura ufise ukwizigira kwuzuye, uzi yuko Igihugu c’Isezerano kiri ahantu hatandukanye n’iyo uriko werekeza?​—Kuvayo 14:1-4.

20 Uko dusoma mu Kuvayo ikigabane ca 14, turabona ukuntu Yehova yarokoye abasavyi biwe agaragaje ububasha buteye akoba. Ese ukuntu inkuru nk’izo zishobora gukomeza ukwizera kwacu igihe dufata akanya ko kuzihweza no kuzizirikanako! (2 Petero 2:9) Ukwizera gukomeye kuraheza kukadukomeza kugira tugamburukire Yehova, mbere n’igihe ivyo asaba bisa n’ibihushanye n’uko umuntu abizirikana. (Imigani 3:5, 6) Ku bw’ivyo, niwibaze uti: ‘Noba ndiko nihatira kwubaka ukwizera kwanje biciye ku kwiyigisha Bibiliya, ku gusenga no ku kuzirikana ndabigiranye ubwira, hamwe no mu kwama nifatanya n’abasavyi b’Imana?’​—Abaheburayo 10:24, 25; 12:1-3.

Ukugamburuka Gutera Ukwizigira

21. Ni imihezagiro iyihe y’ubu n’iyo muri kazoza izoshika ku bantu bagamburukira Yehova?

21 Abantu ukugamburukira Yehova bakugira bwo buryo bwabo bwo kubaho baribonera mbere no muri iki gihe iranguka ry’⁠Imigani 1:33, ahavuga hati: “Arik’ūntega ugutwi wese azoba amahoro, azokwama atekereje ata kibi atinya.” Ese ukuntu ayo majambo yirura azokora mu buryo butangaje mu gihe ca wa musi w’uguhora wa Yehova wegereje! Kukaba nkako, Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: “Ivyo ni vyatangura kubaho, muze murangamize, muraramike imitwe yanyu kuko gucungurwa kwanyu kuzoba kugira gushike.” (Luka 21:28) Biratomoye ko abagamburukira Imana gusa ari bo bazogira icizigiro co kwitondera ayo majambo.​—Matayo 7:21.

22. (a) Ni imvo iyihe ituma abasavyi ba Yehova bagira icizigiro? (b) Ni ibiki biganirwako mu kiganiro gikurikira?

22 Iyindi mvo yotuma twizigira ni uko “Umwami Uhoraho [a]tazogira ico akora, atabanje kwibira akabanga abasavyi biwe avugisha.” (Amosi 3:7) Muri kino gihe, Yehova ntahumekera abahanuzi biwe nko muri kahise; ahubwo yashinze ibanga umugwi w’umushumba w’umwizerwa kugira uronse abo mu rugo rwiwe imfungurwa z’ivy’impwemu ku gihe. (Matayo 24:45-47) Ese rero ukuntu bihambaye ko tugira agatima k’ukugamburukira uwo “mushumba”! Nk’uko ikiganiro gikurikira kivyerekana, ukugamburuka nk’ukwo kuragaragaza inyifato dufise kuri Yezu, ari we shebuja wa ‘wa mushumba.’ ‘Ni we amahanga azogamburukira.’​—Itanguriro 49:10.

[Utujambo tw’epfo]

a Naho akenshi nyina w’imiswi bavuga ko itinyatinya, igitabu kimwe casohowe n’ishirahamwe rikingira ibikoko kivuga ko “irwana gushika gupfa kugira ikingire imiswi yayo icoyigirira nabi.”

b Muri Yeremiya 38:19 hahishura yuko Abayuda batari bake ‘bisavye’ Abakaludaya hanyuma ntibicwa, ariko bajanwa mu bunyagano. Niba boba baciye bumvira amajambo ya Yeremiya, nta vyo batubwira. Naho biri ukwo, ukurokoka kwabo kwaremeje amajambo y’umuhanuzi.

Woba Uvyibuka?

• Ukuba Isirayeli yaza iragambarara vyavuyemwo iki?

• Abagenzi bagize ico bakoze gute ku Mwami Yowasi, haba mu ntango y’ubuzima bwiwe be no mu nyuma?

• Ni ivyigwa ibihe dushobora kwigira kuri Baruki?

• Kubera iki abasavyi bagamburuka ba Yehova ata mvo n’imwe bafise yotuma batinya uko uru runkwekwe rwegereza iherezo ryarwo?

[Ifoto ku rup. 13]

Ari munsi y’ubuyobozi bwa Yehoyada, umusore Yowasi yaragamburukira Yehova

[Ifoto ku rup. 15]

Abagenzi babi baroheje Yowasi kwicisha umuhanuzi w’Imana

[Ifoto ku rup. 16]

Woba wari kugamburukira Yehova maze ukibonera ububasha bwiwe bwo kurokora buteye akoba?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika