Isubiramwo ryo mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi
Ibibazo bikurikira bizorimburwa mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi mu ndwi itangura ku wa 24 Ruheshi 2013. Harashizwemwo igenekerezo iciyumviro kimwekimwe cose kizorimburirwako kugira ngo umuntu ashobore kugira ubushakashatsi igihe ategura ishure ku ndwi ku ndwi.
1. Ni ibintu ibihe koko vyariko birabera mu nzu ya Yehova, vyatumye Yezu agira ico akoze kugira abikosore? (Yoh. 2:14) [6 Rus., cl rup. 148 ing. 3]
2. Ni ryari abayoboke ba Kristu baronka ubuzima muri bo canke baronka ubuzima bwuzuye? (Yoh. 6:53) [13 Rus., w03 15/9 rup. 31 ing. 3]
3. Vuga ikigereranyo cerekana ukuntu Yezu yahishuriye Se wiwe abantu badatunganye. (Yoh. 8:28) [20 Rus., w11 1/4 rup. 7 ing. 3]
4. Ni igiki twigira ku kuba Yezu ‘yarakoroye amosozi’ igihe umugenzi wiwe Lazaro yari yapfuye? (Yoh. 11:35) [20 Rus., w08 1/5 rup. 24 ing. 3-5]
5. Yezu yoba yariko aravuga Yuda Isikariyoti igihe yabwira Pilato ibijanye n’uwamutanze? (Yoh. 19:11) [3 Ruh., w08 15/4 rup. 32 ing. 6]
6. Impwemu y’Imana ishobora gute kutuyobora? (Yoh. 14:26) [27 Rus., w11 15/12 rup. 14 ing. 9]
7. Muri Yohani 21:15, “izi” ni iki, kandi ni icigwa ikihe twohigira? [3 Ruh., w08 15/4 rup. 32 ing. 12]
8. Nk’uko vyerekanwa mu Vyakozwe 2:44-47 no mu Vyakozwe 4:34, 35, ni agatima akahe vyoba vyiza abakirisu biganye? [10 Ruh., w08 15/5 rup. 30 ing. 5]
9. Mu nkuru ivugwa mu Vyakozwe 7:59, Sitefano yoba yariko asenga Yezu? [17 Ruh., w08 15/5 rup. 31 ing. 2]
10. Twokwigana gute akarorero keza ka Barunaba, kandi ni ivyiza ibihe tuzohakura nitwamwigana? (Ivyak. 9:26, 27) [24 Ruh., bt rup. 65 ing. 19]