Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 12 Myandagaro
INDWI ITANGURA KU WA 12 MYANDAGARO
Ururirimbo rwa 112 n’isengesho
□ Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
jr ikig. 13 ing. 1-7 (Imin. 30)
□ Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: Abaroma 5-8 (Imin. 10)
No. 1: Abaroma 6:21–7:12 (Imin. 4 canke idashika)
No. 2: Bibiliya ni inyobozo ngirakimazi mu gihe cacu—td 3B (Imin. 5)
No. 3: Igituma gushira imbere ivyo gutekanirwa mu vy’umubiri aho gushira imbere ivy’impwemu bishikana ku kaga—Mat. 6:33; 1 Tim. 6:10 (Imin. 5)
□ Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 10: “Ijambo ry’Imana ni ngirakamaro ku kwigisha.” Ibibazo n’inyishu. Numenyeshe amagenekerezo iteraniro ry’umuzunguruko rizoberako, nimba azwi.
Imin. 10: Ingene urucacagu rushobora kudufasha mu busuku. Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza gishingiye ku gitabu Ishure ry’Ubusuku, kuva ku rupapuro rwa 166, ingingo ya 5, gushika ku rupapuro rwa 167, ingingo ya 4. Mukoresheje igisohokayandikiro kiriko kirashikirizwa muri ukwo kwezi, nimushiremwo agakino ko kwivugana, aho umwamamaji afashe iminuta mikeyi imbere y’uko aja mu busuku, agategura mu bwenge urucacagu rw’ivyo aza gushikiriza.
Imin. 10: Hatwigisha iki? Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza. Saba abumviriza basome Ivyakozwe 8:26-31. Nimwihweze ukuntu ibivugwamwo bishobora kudufasha mu busuku.
Ururirimbo rwa 61 n’isengesho