Isubiramwo ryo mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi
Ibibazo bikurikira bizorimburwa mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi mu ndwi itangura ku wa 26 Myandagaro 2013. Harashizwemwo igenekerezo iciyumviro kimwekimwe cose kizorimburirwako kugira ngo umuntu ashobore kugira ubushakashatsi igihe ategura ishure ku ndwi ku ndwi.
1. Ni icigwa ikihe gihambaye dushobora kwigira ku kuntu Umwami Herodi yemeye gushemezwa no kuninahazwa n’abantu kandi atari abibereye? (Ivyak. 12:21-23) [1 Muk., w08 15/5 rup. 32 ing. 7]
2. Ni gute urwaruka rukirisu rushobora kwungukira ku kurimbura akarorero ka Timoteyo no kugakurikiza? (Ivyak. 16:1, 2) [8 Muk., w08 15/5 rup. 32 ing. 10]
3. Aho Akwila na Pirisila bumviye Apolo “[a]vugana ubutinyutsi” mw’isinagogi y’i Efeso, ni gute bamufashije babigiranye urukundo? (Ivyak. 18:24-26) [15 Muk., w10 15/6 rup. 11 ing. 4]
4. Ni ikintu co mu Vyanditswe ikihe Ivyabona vya Yehova bisunga mu kwikora ku masentare y’igihugu kugira ngo baburanire uburenganzira bafise bwo kwamamaza? (Ivyak. 25:10-12) [22 Muk., bt rup. 198 ing. 6]
5. Ni gute intumwa Paulo yabandanije kurondera uturyo two kwamamaza naho yari mw’ibohero i Roma, kandi ni gute abasavyi ba Yehova bigana akarorero kiwe muri iki gihe? (Ivyak. 28:17, 23, 30, 31) [29 Muk., bt rup. 216 ing. 19-23]
6. Kubera iki Bibiliya ivuga ko ivy’ukuryamana kw’abasangiye igitsina ari ikintu kitajanye n’uburyo abantu baremwe kandi ko ari ikintu giteye isoni? (Rom. 1:26, 27) [5 Myand., g 4/12 rup. 28 ing. 7]
7. “Incungu yarishwe na Kristu Yezu” mu 33 G.C. ishobora gute gupfuka “ibicumuro vyabaye” imbere y’uko irihwa? (Rom. 3:24, 25) [5 Myand., w08 15/6 rup. 29 ing. 6]
8. Ni intunganyo iranga urukundo iyihe Yehova yagize idufasha igihe turi mu bintu bitesha umutwe cane ku buryo tutamenya ico twosenga dusaba? (Rom. 8:26, 27) [12 Myand., w08 15/6 rup. 30 ing. 10]
9. Ni iciyumviro ikihe kiri mu mpanuro idusaba ‘gukurikira inzira y’ubwakiranyi’? (Rom. 12:13) [19 Myand., w09 15/10 rup. 5-6 ing. 12-13]
10. Ni gute ‘twambara Umukama Yezu Kristu,’ nk’uko intumwa Paulo yabiduhanuye? (Rom. 13:14) [26 Myand., w05 1/1 rup. 11-12 ing. 20-22]