Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 29 Kigarama
INDWI ITANGURA KU WA 29 KIGARAMA
Ururirimbo rwa 37 n’isengesho
Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
cl ikig. 18 ing. 1-8 (Imin. 30)
Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: Yosuwa 12-15 (Imin. 10)
Isubiramwo ryo mw’ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi (Imin. 20)
Ikoraniro ry’umurimo:
Icivugo c’uku kwezi: Dusohore “ibintu vyiza” mw’itunga ryiza twajejwe.—Mat. 12:35a.
Imin. 20: Niwigishe “ibintu vyiza” abatohoji ba Bibiliya n’abana bo mw’ishengero intambwe ku yindi. (Mat. 12:35a) Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza. Nukoreshe ivyanditswe bikurikira kugira werekane ivyo dukwiye kwitega ku batohoji ba Bibiliya no ku bana bo mw’ishengero: 1 Abakorinto 13:11; 1 Petero 2:2, 3. Nusigure ico bisobanura ‘guhonja amata ya rya jambo’ n’ukuntu twofasha abo twigisha n’abana bacu kuyahonja. Nusigure iciyumviro kiri muri Mariko 4:28. (Raba Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Kigarama 2014, rup. 12-13, ing. 6-8.) Nubaze ibibazo umwamamaji canke umuvyeyi azi utuntu n’utundi asigure ukuntu yafashije umutohoji wa Bibiliya canke umwana wiwe gutera imbere mu vy’impwemu.—Ef. 4:13-15; raba ikiganiro Inyishu ku bibazo vyanyu mu Gikorwa dukorera Ubwami co muri Rusama 2014.
Imin. 10: “Nusangire n’abandi ‘ibintu vyiza’ mu kuba umwakiranyi (Mat. 12:35a).” Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza. Ni ivyiza ibihe bamwebamwe bironkeye kubera babaye abakiranyi? Nusabe abumviriza bavuge ukuntu twokwakira abandi, canecane abari mu murimo w’igihe cose. Nuvuge ibijanye n’intunganyo yagizwe mw’ishengero yo kwakira umushikirizansiguro w’umushitsi.
Ururirimbo rwa 124 n’isengesho