UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | YEREMIYA 12-16
Isirayeli yaribagiye Yehova
Yeremiya yashinzwe igikorwa kitoroshe cari kwerekana ko Yehova yari yiyemeje guhonya abantu bo muri Yuda na Yeruzalemu kubera ubwishime bwabo n’akagagazo.
Yeremiya yaraguze umukaba w’ilino
Gukenyera uwo mukaba mu mafyinga vyagereranya ubucuti bwa hafi Yehova yari afitaniye na Isirayeli
Yeremiya yarajanye uwo mukaba ku Ruzi Efurate
Yarawunyegeje mu mugaga w’urutare aca asubira i Yeruzalemu
Yeremiya yarasubiye ku Ruzi Efurate gutora wa mukaba
Uwo mukaba wari wononekaye
Yeremiya arangije ico gikorwa Yehova yaciye asigura ico gisobanura
Ico gikorwa wamengo nta co kimaze kiri mu vyo Yehova yakoresheje arondera gushikira umutima w’abasavyi biwe. Kuba rero Yeremiya yaragamburutse akagikora, vyarafashije