ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • wp20 no. 3 rup. 13
  • Imihezagiro iva ku gufasha abandi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Imihezagiro iva ku gufasha abandi
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2020
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • ICO IVYANDITSWE VYERANDA BIVUGA
  • ICO GUFASHA ABANDI BISOBANURA
  • Kuba “Umusamariya w’imbabazi” bisobanura iki?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Woba wemera gutabarwa na Yehova?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Umuti w’ukwinubana gushingiye ku moko ni uwuhe?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Woba uri “umutunzi ku Mana”?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2020
wp20 no. 3 rup. 13
Umugabo ariko arereka uwundi inzira kw’ikarata.

Woba ushobora gufasha abandi utaravye imyaka yabo, igihugu baturukamwo canke idini ryabo?

Imihezagiro iva ku gufasha abandi

Hirya no hino kw’isi, usanga abantu benshi bakeneye ibifungurwa n’uburaro. Hari n’abo usanga bakeneye gusa icizigiro ca kazoza. None tugize akigoro ko gufasha abo bantu, bishobora gute gutuma Imana idushima kandi ikaduhezagira?

ICO IVYANDITSWE VYERANDA BIVUGA

“Uwugirira ubutoni umuntu mutoyi aba aguranye Yehova, kandi ivyo akoze azobimwishura.”​—IMIGANI 19:17.

ICO GUFASHA ABANDI BISOBANURA

Yezu yaravuze inkuru y’umuntu yaguye mu bambuzi bamusiga ari intere. (Luka 10:29-37) Hari umuntu w’ingenzi yaserutse kuri uwo muntu yari yakomeretse bikomeye, araheza aramufasha. Yaramwitwararitse naho batari basangiye ubwoko.

Uretse ko uwo mugabo w’umutima mwiza yabanje kumuvura akamuronsa n’ivyo yari akeneye, yaranamuhumurije yongera aramuruhurira.

None iyo nkuru itwigisha iki? Yezu yashaka kutwereka ko twofasha abari mu nkenero uko dushoboye kwose. (Imigani 14:31) Ivyanditswe Vyeranda biravuga ko vuba Imana igiye gukuraho ubukene n’imibabaro yose. Ariko rero turashobora kwibaza igihe Imana izokora ivyo bintu be n’ingene izobigenza. Ikiganiro gikurikira kiraca irya n’ino imihezagiro Umuremyi wawe agukunda akubikiye.

“IMANA NTIYIGEZE IMPEBA”!

Vyavuzwe n’umwimukira yavuye muri Gambiya

“Igihe nashika i Buraya, nta na kimwe nari mfise, kaba akazi, amahera canke aho kuba. Ivyo nize mu Vyanditswe Vyeranda vyaramfashije kuba umuntu yirwanako, akora cane kandi afasha abandi aho kuba umuntu aguma ateze amashi. Imana ntiyigeze impeba, kandi nariboneye ingene yagumye impezagira!”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika