UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | YEREMIYA 51-52
Ijambo rya Yehova riraranguka ido n’ido
Yehova yaravuze ido n’ido ivyobaye muri kazoza
Umusoda yarasisha imyampi wo ku kirimba c’Ubuperesi
“Nimusene imyampi”
Abamedi n’Abaperesi bari abahinga mu vyo kurasa imyampi kandi umuheto cari co kirwanisho cabo nyamukuru. Barasena imyampi yabo kugira vyorohe ko itobekeranya umuntu
“Abanyenkomezi ba Babiloni baretse kurwana”
Igisate ca Nabonide kivuga giti: “Abasoda ba Kuro binjiye i Babiloni batarinze kurwana.” Ivyo bishobora kuba bisigura ko muri rusangi ata ntambara yahabaye, bikaba bihuye n’ivyo Yeremiya yari yaravuze
Igisate ca Nabonide
‘Babiloni azocika ibirundo vy’amabuye n’igiharabuga gushika igihe kitagira urugero’
Mu 539 imbere ya Kristu, ubwiza bwa Babiloni bwaratanguye kugabanuka. Alegizandere Mukuru yaripfuje kuhagira umurwa mukuru ariko aca arapfa. Mu ntango z’ubukirisu, hari hakibayo Abayuda. Ni co gituma Petero yahagendeye. Mugabo mu kinjana ca kane inyuma ya Kristu, hari hasigaye ari igiharabuga, amaherezo harazimangana