ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwb17 Ruheshi rup. 2
  • Woba wizera cane ivyo Yehova yasezeranye?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Woba wizera cane ivyo Yehova yasezeranye?
  • Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2017
  • Ivyo bijanye
  • Irashitsa ivyo isezerana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Ivyo Yosuwa Yibutse
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Yosuwa
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Yosuwa 1:9: “Gira umutima rugabo kandi ukomere”
    Insobanuro y’imirongo yo muri Bibiliya
Ibindi
Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2017
mwb17 Ruheshi rup. 2

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Woba wizera cane ivyo Yehova yasezeranye?

Yosuwa na Salomo baremeje ko ata na kimwe mu vyo Yehova yasezeranye kitarangutse. (Yos 23:14; 1Bm 8:56) Intahe yashinzwe n’ivyo vyabona bibiri vyo kwizigirwa irakomeza cane ukwizera kwacu.​—2Kr 13:1; Tt 1:2.

None mu gihe ca Yosuwa, Yehova yashikije gute ivyo yasezeranye? Uko mugize umuryango, nimurabe ya videwo ivuga ngo ‘Nta jambo na rimwe ritashitse.’ Nimuce muganira kuri ibi bibazo: (1) Mwokwigana gute ukwizera kwa Rahabu? (Heb 11:31; Yak 2:24-26) (2) Ivyashikiye Akani bitwereka gute ko kugambararira Imana nkana ari ukwikwegera ivyago? (3) Naho Abanyagibeyoni bari bazi kurwana, kubera iki bahenze Yosuwa bakagirana amahoro na Isirayeli? (4) Ijambo rya Yehova ryarangutse gute igihe abami batanu b’Abamori barwana na Isirayeli? (Yos 10:5-14) (5) Yehova yagiye aragufasha gute uko washira imbere Ubwami bwiwe n’ubugororotsi bwiwe mu buzima bwawe?​—Mt 6:33.

Tuzirikanye ivyo Yehova yadukoreye vyose, ivyo adukorera n’ivyo azodukorera, turarushiriza kwizera ivyo adusezeranira.​—Rm 8:31, 32.

Yosuwa

Woba ufise ukwizera nk’ukwa Yosuwa?

IBIBAZO VYO KUZIRIKANAKO:

  • Hari ubuhanuzi bwo muri Bibiliya ubona buriko buraranguka? Ni ubuhe?

  • Ubuhanuzi bwo muri Bibiliya ushashaye kubona burangutse ni ubuhe?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika