UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | 2 ABATESALONIKA 1-3
Ihishurwa rya wa mugarariji
Ni ibiki Paulo yashaka kuvuga muri iyi mirongo?
“Intambamyi” (umurongo wa 6)—Birashoboka ko ari intumwa
“Ahishurwe” (umurongo wa 6)—Inyuma y’urupfu rw’intumwa, abahuni baratanguye kwigisha ku mugaragaro inyigisho z’ikinyoma no gushira ahabona ubwiyorobetsi bwabo
“Akayobera k’ubwo bugarariji” (umurongo wa 7)—“Nya mugarariji” ntiyari bwamenyekane neza mu gihe ca Paulo
“Umugarariji” (umurongo wa 8)—Muri iki gihe, ni indongozi z’amadini y’abiyita abakirisu tuzifatiye hamwe
‘Umukama Yezu azokuraho nya mugarariji biciye ku kwigaragaza kw’ukuhaba kwiwe’ (umurongo wa 8)—Yezu azokwerekana ko ari Umwami mw’ijuru niyashitsa imanza za Yehova kuri iyi si ya Shetani, ushizemwo na “nya mugarariji”
Iyo mirongo igufasha gute kwamamaza n’umwete kandi ubona ko ibintu vyihutirwa?