ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwb20 Gitugutu rup. 8
  • Isekeza ridasanzwe ryo kwamamaza Ubwami bw’Imana muri Munyonyo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Isekeza ridasanzwe ryo kwamamaza Ubwami bw’Imana muri Munyonyo
  • Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2020
  • Ivyo bijanye
  • Isekeza ridasanzwe ryo gutangaza Ubwami bw’Imana muri Nyakanga!
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2023
  • Niwamamaze inkuru nziza y’uko isi nziza kuruta iri hafi
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2021
  • Ingene twotanguza ibiyago
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2020
  • Ingene twotanguza ibiyago
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2023
Ibindi
Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2020
mwb20 Gitugutu rup. 8
Umuvukanyi na mushiki wacu bariko barayaga n’abantu iruhande y’akantu k’amapine kariko icapa cerekana ‘Umunara w’Inderetsi’ No. 2 2020.

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Isekeza ridasanzwe ryo kwamamaza Ubwami bw’Imana muri Munyonyo

‘Umunara w’Inderetsi’ No. 2 2020 uvuga ngo ‘Ubwami bw’Imana ni iki?’

Yezu yaramamaje “inkuru nziza y’ubwami bw’Imana.” (Lk 4:43) Vyongeye, yarigishije abantu gusenga basaba ubwo Bwami. (Mt 6:9, 10) Muri Munyonyo, tuzogira akigoro kadasanzwe ko kwamamaza Ubwami bw’Imana. (Mt 24:14) Nutunganye ivyawe kugira uzogire uruhara rushitse muri iryo sekeza. Abazoba ari abatsimvyi bafasha boshobora guhitamwo gukora amasaha 30 canke 50 muri ukwo kwezi.

Urihatira gusomera abantu benshi bashoboka mu cibare cawe icanditswe kivuga ibijanye n’Ubwami bw’Imana. Mu gucagura icanditswe, nufatire ku vyo abakwumviriza basanzwe bemera. Hagize uwushimishwa mugihura, uramuha ikopi y’integuro ya bose y’Umunara w’Inderetsi No. 2 2020. Uraheza usubire kumuraba vuba bishoboka maze ugerageze gutanguza inyigisho ya Bibiliya ukoresheje kimwe mu bitabu dukoresha mu kwigisha. Vuba Ubwami bw’Imana bugiye kujanjagura intwaro zose ziburwanya. (Dn 2:44; 1Kr 15:24, 25) Ese rero tutogisha namba ako karyo kadasanzwe turonse ko kwerekana ko dushigikiye Yehova n’Ubwami bwiwe!

Yezu yicaye ku ntebe yiwe y’ubwami mw’ijuru, akaba ariko araganza isi y’iparadizo.

Ubwami bw’Imana bugiye kuzana Iparadizo kw’isi!

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika